Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ibibazo bikoreshwa mu kwiga Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya

Ibibazo bikoreshwa mu kwiga Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya

Inkuru ya 1

Imana Itangura Kurema

  1. Ibintu vyiza vyose vyavuye hehe? None wotanga akarorero?

  2. Imana yatanguye kurema iki?

  3. Ni kubera iki umumarayika wa mbere yari atandukanye n’abandi?

  4. Dondora ukuntu isi yari imeze mu ntango. (Raba ishusho.)

  5. Imana yatanguye gute gutegura isi kugira ngo ishobore kubako ibikoko n’abantu?

Ibibazo vy’inyongera:

  1. Soma Yeremiya 10:12.

    Ni kamere izihe z’Imana zibonekera ku vyo yaremye (Yes. 40:26; Rom. 11:33)?

  2. Soma Ab’i Kolosayi 1:15-17.

    Yezu yagize uruhe ruhara mw’irema, kandi ivyo bikwiye gutuma tumubona gute (Kol. 1:15-17)?

  3. Soma Itanguriro 1:1-10.

    1.  

    2.  

    3.  

Inkuru ya 2

Itongo ry’Akaroruhore

  1. Imana yateguye isi gute kugira ngo ibe ahantu dushobora kuba?

  2. Dondora ubwoko butandukanye bw’ibikoko Imana yaremye. (Raba ishusho.)

  3. Ni kubera iki itongo ry’i Edeni ritari risanzwe?

  4. Imana yashaka ko isi yose ihinduka iki?

Ibibazo vy’inyongera:

  1. Soma Itanguriro 1:11-25.

    1.  

    2.  

    3.   

  2. Soma Itanguriro 2:8, 9.

    Ni ibiti bibiri bidasanzwe ibihe Imana yashize muri iryo tongo, kandi vyagereranya iki?

Inkuru ya 3

Umugabo n’Umugore ba Mbere

  1. Ishusho iri ku Nkuru ya 3 itandukaniye hehe n’iyiri ku Nkuru ya 2?

  2. Ni nde yaremye umugabo wa mbere, kandi uwo mugabo yitwa nde?

  3. Imana yahaye Adamu igikorwa ikihe?

  4. Ni kubera iki Imana yasinzirije Adamu ubutikoma?

  5. Adamu na Eva bari kubaho igihe kingana iki, kandi Yehova yashaka ko bakora iki?

Ibibazo vy’inyongera:

  1. Soma Zaburi 83:18 na Yesaya 12:2.

    Imana yitwa nde, kandi isi iyifiseko ububasha ubuhe budasanzwe (Yer. 16:21; Dan. 4:17)?

  2. Soma Itanguriro 1:26-31.

    1.  

    2.  

  3. Soma Itanguriro 2:7-25.

    1.  

    2.     

Inkuru ya 4

Igituma Birukanywe

  1. Uravye iyo shusho, ni ibiki bishikiye Adamu na Eva?

  2. Ni kubera iki Yehova yabahanye?

  3. Inzoka yabwiye Eva iki?

  4. Ni nde yatumye inzoka ivugisha Eva?

  5. Ni kubera iki Adamu na Eva bakuwe mw’Iparadizo barimwo?

Ibibazo vy’inyongera:

  1. Soma Itanguriro 2:16, 17 na 3:1-13, 24.

    1.   

    2.    

    3. Ni mu buryo ubuhe Adamu na Eva banse kwemera ivyo bakoze (Ita. 3:12, 13)?

    4. Ba bakerubi bashirwa mu Buseruko bw’itongo ry’i Edeni bashigikiye gute ukugaba n’ukuganza kwa Yehova (Ita. 3:24)?

  2. Soma Ivyahishuriwe 12:9.

    Shetani yaroraniwe ukungana iki mu kwonkora abantu ku butegetsi bw’Imana (1 Yoh. 5:19)?

Inkuru ya 5

Baratanguye Kugorwa

  1. Adamu na Eva babayeho gute bamaze kwirukanwa mw’itongo ry’i Edeni?

  2. Ni igiki caciye gitangura gushikira Adamu na Eva, kandi kubera iki?

  3. Ni kubera iki abana ba Adamu na Eva bari gusaza hanyuma bagapfa?

  4. Iyo Adamu na Eva bagamburukira Yehova, bo hamwe n’abana babo bari kubaho gute?

  5. Ukugambarara kwa Eva kwamukwegeye uwuhe mubabaro?

  6. Abahungu babiri ba mbere Adamu na Eva bavyaye bitwa ngw’iki?

  7. Abo bandi bana bari kuri iyo shusho ni bande?

Ibibazo vy’inyongera:

  1. Soma Itanguriro 3:16-23 na 4:1, 2.

    1.    

    2.  

    3.   

  2. Soma Ivyahishuriwe 21:3, 4.

    Ni “ivya mbere” ibihe atari we uzobona birakuweho?

Inkuru ya 6

Umwana Mwiza n’Uwundi Mubi

  1. Kayini na Abeli bakora iki mu buzima?

  2. Ni amashikanwa nyabaki Kayini na Abeli bashikanira Yehova?

  3. Ni kubera iki Yehova ashima ishikanwa rya Abeli, kandi ni kubera iki adashima irya Kayini?

  4. Kayini ni umuntu ameze gute, kandi Yehova agerageza gute kumukosora?

  5. Kayini akora iki igihe ari kumwe na mwenewabo mu murima ari babiri gusa?

  6. Sigura ivyashikiye Kayini amaze kwica mwenewabo.

Ibibazo vy’inyongera:

  1. Soma Itanguriro 4:2-26.

    1.  

    2.  

    3.   

  2. Soma 1 Yohana 3:11, 12.

    1.    

    2.   

  3. Soma Yohana 11:25.

    Yehova adukura amazinda gute ku biraba abantu bose bapfa bahorwa ukugororoka (Yoh. 5:24)?

Inkuru ya 7

Umuntu w’Umutinyutsi

  1. Henoki yari atandukaniye hehe n’abandi?

  2. Ni kubera iki abantu bo mu gihe ca Henoki bakora ibibi vyinshi cane?

  3. Ni ibibi ibihe abantu bakora? (Raba ishusho.)

  4. Ni kubera iki Henoki yari akeneye kuba umutinyutsi?

  5. Abantu babaho igihe kingana iki ico gihe, ariko Henoki we yabayeho igihe kingana iki?

  6. Ni igiki cabaye Henoki amaze gupfa?

Ibibazo vy’inyongera:

  1. Soma Itanguriro 5:21-24, 27.

    1.  

    2.  

  2. Soma Itanguriro 6:5.

    Ibintu vyadabutse gute Henoki amaze gupfa, kandi ivyo bisa gute n’ivyo muri iki gihe cacu (2 Tim. 3:13)?

  3. Soma Abaheburayo 11:5.

    Ni kamere ya Henoki iyihe “yahimba[ra] Imana”, kandi vyavuyemwo iki (Ita. 5:22)?

  4. Soma Yuda 14, 15.

    Abakirisu bashobora gute kwigana umutima rugabo wa Henoki igihe baburira abantu ku bijanye n’intambara ya Harumagedoni yimirije (2 Tim. 4:2; Heb. 13:6)?

Inkuru ya 8

Ibihangange mw Isi

  1. Vyagenze gute igihe bamwe mu bamarayika b’Imana bumvira Shetani?

  2. Ni kubera iki abamarayika bamwebamwe bahagaritse igikorwa barangura mw’ijuru bakaza ngaha kw’isi?

  3. Ni kubera iki vyari bibi ko abo bamarayika baza kw’isi maze bakiyambika imibiri y’abantu?

  4. Abana bavutse ku bamarayika bari batandukaniye hehe n’abandi?

  5. Nk’uko ubibona kuri iyo shusho, abana bavutse ku bamarayika bakoze iki bamaze gucika ibihangange?

  6. Inyuma ya Henoki, ni umuntu mwiza uwuhe yabaye kw’isi, kandi ni kubera iki Imana yamukunda?

Ibibazo vy’inyongera:

  1. Soma Itanguriro 6:1-8.

    Mw’​Itanguriro 6:6 hahishura iki ku bijanye n’ukuntu uburyo twigenza gushobora kugira ico gukoze ku nyiyumvo za Yehova (Zab. 78:40, 41; Imig. 27:11)?

  2. Soma Yuda 6.

    Abamarayika “batāgumye mu bukuru bgabo” mu misi ya Nowa, batwibutsa iki muri iki gihe (1 Kor. 3:5-9; 2 Pet. 2:4, 9, 10)?

Inkuru ya 9

Nowa Abāza Ubwato

  1. Umuryango wa Nowa wari ugizwe n’abantu bangahe, kandi abahungu biwe batatu bari bande?

  2. Ni ikintu kidasanzwe ikihe Imana yasavye Nowa gukora, kandi kubera iki?

  3. Ababanyi ba Nowa bavyakiriye gute igihe yababwira ivy’ubwato?

  4. Imana yabwiye Nowa ngo agirire iki ibikoko?

  5. Imana imaze kwugara urugi rw’ubwato, Nowa n’umuryango wiwe babwirijwe kugira iki?

Ibibazo vy’inyongera:

  1. Soma Itanguriro 6:9-22.

    1.   

    2.   

    3.   

  2. Soma Itanguriro 7:1-9.

    Kuba Yehova yafata umuntu w’umunyagasembwa nka Nowa ko ari umugororotsi, bituremesha gute muri iki gihe (Ita. 7:1; Imig. 10:16; Yes. 26:7)?

Inkuru ya 10

Isegenya y’Isi Yose

  1. Ni kubera iki ata n’umwe yari kwinjira mu bwato imvura imaze gutangura kugwa?

  2. Yehova yagwishije imvura imisi ingahe n’amajoro angahe, kandi amazi yagarukiye hehe?

  3. Ni ibiki vyashikiye ubwato amazi atanguye kurengera isi?

  4. Vya bihangange vyoba vyararokotse Umwuzure? Ba se b’ivyo bihangange bobo vyabagendeye gute?

  5. Ubwato bwagize iki inyuma y’amezi atanu?

  6. Ni kubera iki Nowa yarekuye igikona kikava mu bwato?

  7. Nowa yamenye gute ko amazi yakamye kw’isi?

  8. Imana yabwiye iki Nowa inyuma y’aho we n’umuryango wiwe bamariye kuva mu bwato bari bamazemwo umwaka urenga?

Ibibazo vy’inyongera:

  1. Soma Itanguriro 7:10-24.

    1.  

    2.  

  2. Soma Itanguriro 8:1-17.

    Mw’​Itanguriro 8:17 herekana gute ko umugambi Yehova yari afitiye isi mu ntango utahindutse (Ita. 1:22)?

  3. Soma 1 Petero 3:19, 20.

    1.  

    2.  

Inkuru ya 11

Umunywamazi wa Mbere

  1. Nk’uko vyerekanwa kuri iyo shusho, Nowa yakoze iki akiva mu bwato?

  2. Imana yahaye itegeko irihe Nowa n’umuryango wiwe inyuma y’Umwuzure?

  3. Imana yasezeranye iki?

  4. Igihe tubonye umunywamazi, ukwiye guca utwibutsa iki?

Ibibazo vy’inyongera:

  1. Soma Itanguriro 8:18-22.

    1.   

    2.   

  2. Soma Itanguriro 9:9-17.

    1.  

    2.  

Inkuru ya 12

Abantu Bubaka Umunara

  1. Nimurodi yari nde, kandi Imana yamubona gute?

  2. Kuri iyo shusho, ni kubera iki abantu bariko barabumba amatafari?

  3. Ni kubera iki Yehova atashimishijwe n’ico gikorwa co kwubaka?

  4. Imana yahagaritse gute iyubakwa ry’umunara?

  5. Ico gisagara citwa ngw’iki, kandi iryo zina ryasobanura iki?

  6. Ni igiki cashikiye abantu aho Imana imariye kuyoberanya indimi zabo?

Ibibazo vy’inyongera:

  1. Soma Itanguriro 10:1, 8-10.

    Ni ibiki vyaranze Nimurodi, kandi ni imburi iyihe ivyo biduha (Imig. 3:31)?

  2. Soma Itanguriro 11:1-9.

    Ni imvo iyihe yatumye abantu bubaka umunara, kandi ni kubera iki uwo mugambi wategerezwa gupfa ata kabuza (Ita. 11:4; Imig. 16:18; Yoh. 5:44)?

Inkuru ya 13

Aburahamu—Umukunzi w’Imana

  1. Abantu baba mu gisagara c’i Uri bari bameze gute?

  2. Uwo mugabo ari kuri iyo shusho ni nde? Yavutse ryari? Yaba hehe?

  3. Imana yabwiye Aburahamu gukora iki?

  4. Ni kubera iki Aburahamu yiswe umukunzi w’Imana?

  5. Igihe Aburahamu yava i Uri yajanye na bande?

  6. Imana yabwiye iki Aburahamu igihe yashika mu gihugu c’i Kanani?

  7. Imana yasezeraniye iki Aburahamu igihe yari amaze imyaka 99 y’amavuka?

Ibibazo vy’inyongera:

  1. Soma Itanguriro 11:27-32.

    1.  

    2.   

  2. Soma Itanguriro 12:1-7.

    Isezerano Yehova yagiraniye na Aburahamu, yaryaguye gushika kuri bande aho Aburahamu amariye gushika mu gihugu c’i Kanani (Ita. 12:7)?

  3. Soma Itanguriro 17:1-8, 15-17.

    1.  

    2.  

  4. Soma Itanguriro 18:9-19.

    1.     

    2.    

Inkuru ya 14

Imana Igerageza Aburahamu

  1. Imana yasezeraniye iki Aburahamu, kandi yashikije ite iryo sezerano?

  2. Nk’uko vyerekanywe kuri iyo shusho, Imana yagerageje gute ukwizera kwa Aburahamu?

  3. Aburahamu yagize iki naho atatahura igituma Imana itanze iryo tegeko?

  4. Vyagenze gute igihe Aburahamu yasokorora inkota ngo yice umuhungu wiwe?

  5. Ukwizera Imana kwa Aburahamu kwari gukomeye ku rugero rungana iki?

  6. Ni igiki Imana yahaye Aburahamu ngo atangeko ikimazi, kandi yakimuhaye gute?

Ibibazo vy’inyongera:

  1. Soma Itanguriro 21:1-7.

    Ni kubera iki Aburahamu yakevye umuhungu wiwe amaze imisi umunani avutse (Ita. 17:10-12; 21:4)?

  2. Soma Itanguriro 22:1-18.

    Isaka yerekanye gute ko agamburukira se wiwe Aburahamu, kandi ni gute ivyo vyagereranya ikintu gihambaye cane cari kuba muri kazoza (Ita. 22:7-9; 1 Kor. 5:7; Flp. 2:8, 9)?

Inkuru ya 15

Muka Loti Arāba Inyuma

  1. Ni igiki catumye Aburahamu na Loti batandukana?

  2. Ni kubera iki Loti yahisemwo kuba i Sodomu?

  3. Abantu b’i Sodomu bari bameze gute?

  4. Ni imburi iyihe abamarayika babiri bahaye Loti?

  5. Ni kubera iki muka Loti yacitse inkingi y’umunyu?

  6. Ni icigwa ikihe dushobora gukura ku vyashikiye muka Loti?

Ibibazo vy’inyongera:

  1. Soma Itanguriro 13:5-13.

    Ku biraba ugutunganya ingorane hagati y’abantu, ni icigwa ikihe twigira kuri Aburahamu (Ita. 13:8, 9; Rom. 12:10; Flp. 2:3, 4)?

  2. Soma Itanguriro 18:20-33.

    Ni gute ivyo Yehova yagiranye na Aburahamu bituma twizigira ko Yehova na Yezu bazoca izigororotse (Ita. 18:25, 26; Mat. 25:31-33)?

  3. Soma Itanguriro 19:1-29.

    1.    

    2.    

  4. Soma Luka 17:28-32.

    Muka Loti yari afise agatima akahe ku bijanye n’amaronko, kandi ivyo bituburira gute (Luka 12:15; 17:31, 32; Mat. 6:19-21, 25)?

  5. Soma 2 Petero 2:6-8.

    Mu kwigana Loti, dukwiye kubona gute isi idukikije itubaha Imana (Ezk 9:4; 1 Yoh. 2:15-17)?

Inkuru ya 16

Isaka Aronka Umugore Mwiza

  1. Uwo mugabo n’uwo mugore bari kuri iyo shusho ni bande?

  2. Aburahamu yagize iki kugira ngo aronkere umuhungu wiwe umugore, kandi yabigize kubera iki?

  3. Isengesho ry’umusuku wa Aburahamu ryishuwe gute?

  4. Rebeka yishuye gute igihe bamubaza nimba ashaka kwabirwa na Isaka?

  5. Ni igiki catumye Isaka asubira kunezerwa?

Ibibazo vy’inyongera:

  1. Soma Itanguriro 24:1-67.

    1.    

    2.    

    3.    

Inkuru ya 17

Amahasa Adasa

  1. Esau na Yakobo bari bande, kandi bari batandukanye gute?

  2. Esau na Yakobo bari bafise imyaka ingahe igihe sekuru wabo Aburahamu yapfa?

  3. Ni igiki Esau yakoze cababaje se na nyina?

  4. Ni kubera iki Esau yashavuriye cane mwenewabo Yakobo?

  5. Isaka yategetse iki umuhungu wiwe Yakobo?

Ibibazo vy’inyongera:

  1. Soma Itanguriro 25:5-11, 20-34.

    1.  

    2.  

  2. Soma Itanguriro 26:34, 35; 27:1-46; na 28:1-5.

    1.   

    2.  

  3. Soma Abaheburayo 12:16, 17.

    Akarorero ka Esau kerekana iki ku bijanye n’ingaruka zishikira abakengera ibintu vyeranda?

Inkuru ya 18

Yakobo Aja i Harani

  1. Uwo mukobwa ari kuri iyo shusho ni nde, kandi Yakobo yamugiriye iki?

  2. Ni igiki Yakobo yemeye gukora kugira ngo yabire Rakeli?

  3. Labani yakoze iki igihe hari hageze ko Yakobo yabira Rakeli?

  4. Yakobo yemeye gukora iki kugira Rakeli abe umugore wiwe?

Ibibazo vy’inyongera:

  1. Soma Itanguriro 29:1-30.

    1.    

    2.     

    3.   

Inkuru ya 19

Yakobo Ari n’Abana Benshi

  1. Vuga amazina y’abahungu batandatu Yakobo yavyaranye na Leya, umugore wiwe wa mbere.

  2. Abahungu babiri Zilupa incoreke ya Leya yavyaye kuri Yakobo ni abahe?

  3. Vuga amazina y’abahungu babiri Biluha incoreke ya Rakeli yavyaye kuri Yakobo.

  4. Abahungu babiri Rakeli yavyaye ni abahe, ariko vyagenze gute igihe umuhungu agira kabiri yavuka?

  5. Uravye iyo shusho, ubona Yakobo yari afise abahungu bangahe, kandi ni igiki cabakomotseko?

Ibibazo vy’inyongera:

  1. Soma Itanguriro 29:32-35; 30:1-26; na 35:16-19.

    Nk’uko biboneka ku bahungu 12 ba Yakobo, kera abahungu b’Abaheburayo bakunda kubita amazina bafatiye ku ki?

  2. Soma Itanguriro 37:35.

    Naho Dina ari we wenyene avugwa muri Bibiliya, tuzi dute ko Yakobo yari afise n’abandi bakobwa (Ita. 37:34, 35)?

Inkuru ya 20

Dina Agwa mu Kāga

  1. Ni kubera iki Aburahamu na Isaka batashaka ko abana babo babirana n’abantu b’i Kanani?

  2. Yakobo yoba yarashima ko umukobwa wiwe akundana n’abakobwa b’i Kanani?

  3. Uwo mugabo ariko aritegereza Dina kuri iyo shusho ni nde, kandi ni ikintu kibi ikihe yakoze?

  4. Basaza ba Dina ari bo Simeyoni na Lewi bakoze iki aho bumviye ivyabaye?

  5. Yakobo yoba yarashimye ivyo Simeyoni na Lewi bakoze?

  6. Ingorane zashikiye umuryango wose zakwezwe n’iki?

Ibibazo vy’inyongera:

  1. Soma Itanguriro 34:1-31.

    1. Sigura (Ita. 34:1).

    2.  

    3.    

Inkuru ya 21

Yozefu Yankwa na Benese

  1. Ni kubera iki benewabo na Yozefu bamugiriye ishari, kandi ni igiki bakoze?

  2. Benewabo na Yozefu bashaka kumugirira iki, ariko Rubeni avuga iki?

  3. Vyagenze gute igihe abadandaza b’Abishimayeli baza?

  4. Benewabo na Yozefu bagize iki kugira ngo batume se wabo yiyumvira ko Yozefu yapfuye?

Ibibazo vy’inyongera:

  1. Soma Itanguriro 37:1-35.

    1.    

    2.     

    3.  

Inkuru ya 22

Yozefu Atabwa mw Ibohero

  1. Yozefu yari amaze imyaka ingahe igihe yajanwa mu Misiri, kandi vyagenze gute amaze gushikayo?

  2. Bigenda gute ngo Yozefu ashike mw’ibohero?

  3. Yozefu ashingwa ibanga irihe igihe ari mw’ibohero?

  4. Mw’ibohero, Yozefu agirira iki umusuku wa Farawo atanga ibinyobwa be n’uwotsa imikate?

  5. Bigenda gute wa musuku atanga ibinyobwa amaze gupfungurwa?

Ibibazo vy’inyongera:

  1. Soma Itanguriro 39:1-23.

    Ko mu gihe ca Yozefu ata tegeko ry’Imana ryanditse ribuza ukurenga ibigo ryari rihari, ni igiki catumye yumva ko ategerezwa guhunga muka Potifari (Ita. 2:24; 20:3; 39:9)?

  2. Soma Itanguriro 40:1-23.

    1.  

    2.  

    3.     

    4.     

Inkuru ya 23

Indoto za Farawo

  1. Ni ibiki vyashikiye Farawo umusi umwe mw’ijoro?

  2. Ni kubera iki wa musuku atanga ibinyobwa yahavuye yibuka Yozefu?

  3. Nk’uko vyerekanywe kuri iyo shusho, ni indoto zibiri izihe Farawo yarose?

  4. Yozefu yavuze ko izo ndoto zisobanura iki?

  5. Vyagenze gute ngo Yozefu acike igisongerezi ca Farawo mu Misiri?

  6. Benewabo na Yozefu bazanwa n’iki mu Misiri, kandi ni kubera iki batamumenya?

  7. Yozefu yibuka indoto izihe, kandi zimufasha gutahura iki?

Ibibazo vy’inyongera:

  1. Soma Itanguriro 41:1-57.

    1.      

    2.   

  2. Soma Itanguriro 42:1-8 na 50:20.

    Vyoba ari bibi ko abasavyi ba Yehova bunamira umuntu mu buryo bwo kumutera iteka no kumwubaha kubera ikibanza afise, nimba ari ko imico y’aho baba imeze (Ita. 42:6)?

Inkuru ya 24

Yozefu Agerageza Benese

  1. Ni kubera iki Yozefu yagiriza benewabo ko ari abatasi?

  2. Ni kubera iki Yakobo areka Benyamini umuhungu wiwe w’umuhererezi akaja mu Misiri?

  3. Bigenda gute ngo igikombe ciza ca Yozefu gishike mw’igunira rya Benyamini?

  4. Yuda asaba ko yokora iki kugira ngo Benyamini arekurwe?

  5. Benewabo na Yozefu bahindutse gute?

Ibibazo vy’inyongera:

  1. Soma Itanguriro 42:9-38.

    Ni gute ivyo Yozefu yavuze mw’⁠Itanguriro 42:18 ari icibutswa ciza ku bantu bajejwe amabanga mw’ishirahamwe rya Yehova muri kino gihe (Neh. 5:15; 2 Kor. 7:1, 2)?

  2. Soma Itanguriro 43:1-34.

    1.      

    2.  

  3. Soma Itanguriro 44:1-34.

    1.    

    2.   

Inkuru ya 25

Bose Bimukira mu Misiri

  1. Bigenda gute igihe Yozefu yibarira benewabo?

  2. Yozefu asigurira iki benewabo abigiranye umutima w’ikigongwe?

  3. Farawo avuga iki yumvise ivya benewabo na Yozefu?

  4. Umuryango wa Yakobo wangana gute igihe wimukira mu Misiri?

  5. Umuryango wa Yakobo wahavuye witwa ngw’iki kandi kubera iki?

Ibibazo vy’inyongera:

  1. Soma Itanguriro 45:1-28.

    Inkuru ya Yozefu iri muri Bibiliya yerekana gute ko Yehova ashobora guhindura ibintu vyari bigenewe kugirira nabi abasavyi biwe, bikavamwo ikintu ciza (Ita. 45:5-8; Yes. 8:10; Flp. 1:12-14)?

  2. Soma Itanguriro 46:1-27.

    Yehova yasubirije umutima mu nda gute Yakobo igihe yari ku rugendo aja mu Misiri (Ita. 46:1-4)?

Inkuru ya 26

Yobu Ntiyahemukiye Imana

  1. Yobu yari nde?

  2. Shetani yagerageje gukora iki? Yoba yarabishoboye?

  3. Yehova yahaye Shetani uruhusha rwo gukora iki, kandi kubera iki?

  4. Ni kubera iki muka Yobu yamubwiye ngo ‘tuka Imana, upfe uveho’? (Raba ishusho.)

  5. Nk’uko ubibona kuri iyo shusho igira kabiri, Yehova yahezagiye gute Yobu, kandi kubera iki?

  6. Tudahemukiye Yehova nk’uko na Yobu atamuhemukiye, ni imihezagiro iyihe tuzoronka?

Ibibazo vy’inyongera:

  1. Soma Yobu 1:1-22.

    Abakirisu muri kino gihe bokwigana Yobu gute (Yobu 1:1; Flp. 2:15; 2 Pet. 3:14)?

  2. Soma Yobu 2:1-13.

    Yobu na mukiwe bakiriye uruhamo rwa Shetani mu buhe buryo bubiri butandukanye (Yobu 2:9, 10; Imig. 19:3; Mika 7:7; Mal. 3:14)?

  3. Soma Yobu 42:10-17.

    1.   

    2.       

Inkuru ya 27

Umwami Mubi Aganza Misiri

  1. Kuri iyo shusho, uwo mugabo afise ikimoko ni nde, kandi uwo ariko arakubita ni nde?

  2. Yozefu amaze gupfa, ni ibiki vyashikiye Abisirayeli?

  3. Ni igiki catumye Abanyamisiri batinya Abisirayeli?

  4. Ni itegeko irihe Farawo yahaye abagore bafasha abavyeyi b’Abisirayelikazi kuvyara?

Ibibazo vy’inyongera:

  1. Soma Kuvayo 1:6-22.

    1.    

    2.   

    3.   

    4.   

Inkuru ya 28

Ingene Musa Yarokotse

  1. Ako kayoya kari kuri iyo shusho ni ka nde, kandi urwo rutoki gafashe ni urwa nde?

  2. Nyina wa Musa yakoze iki kugira ngo arokore Musa?

  3. Ako gakobwa kari kuri iyo shusho ni ka nde, kandi kakoze iki?

  4. Igihe umukobwa wa Farawo yatora ako kayoya, ka Miriyamu kaciye gatanga iciyumviro ikihe?

  5. Uwo mukobwa w’umwami yabwiye iki nyina wa Musa?

Ibibazo vy’inyongera:

  1. Soma Kuvayo 2:1-10.

    Ni akahe karyo nyina wa Musa yaronse ko kumwigisha kuva mu bwana, kandi ivyo biha akarorero akahe abavyeyi muri kino gihe (Kuv. 2:9, 10; Gus. 6:6-9; Imig. 22:6; Ef. 6:4; 2 Tim. 3:15)?

Inkuru ya 29

Igituma Musa Yahunze

  1. Musa yakuriye hehe, ariko yari azi iki ku vyerekeye abavyeyi biwe?

  2. Musa yakoze iki igihe yari afise imyaka 40?

  3. Musa yabwiye iki umugabo w’Umwisirayeli yariko ararwana, nya mugabo na we amwishura iki?

  4. Ni kubera iki Musa yahunze akava mu Misiri?

  5. Musa yahungiye hehe, kandi yasanzeyo nde?

  6. Musa yamaze imyaka 40 akora iki inyuma y’aho ahungiye akava mu Misiri?

Ibibazo vy’inyongera:

  1. Soma Kuvayo 2:11-25.

    Naho Musa yamaze imyaka yigishwa ubwenge bw’Abanyamisiri, yerekanye gute ko adahemukira Yehova n’abasavyi biwe (Kuv. 2:11, 12; Heb. 11:24)?

  2. Soma Ivyakozwe n’intumwa 7:22-29.

    Ni icigwa ikihe dukura kuri kurya kuntu Musa yagerageje gukura Isirayeli mu buja bwo mu Misiri akoresheje ububasha bwiwe (Ivyak. 7:23-25; 1 Pet. 5:6, 10)?

Inkuru ya 30

Igisaka Kirurumba

  1. Uwo musozi uri kuri iyo shusho witwa ngw’iki?

  2. Vuga ikintu kidasanzwe Musa yabonye igiye yaja ku musozi ari kumwe n’intama ziwe.

  3. Ijwi ryavugiye muri ico gisaka caka umuriro ryavuze iki, kandi ryari irya nde?

  4. Musa yishuye iki igihe Imana yamubwira ko ari we yokuye abasavyi bayo mu Misiri?

  5. Imana yabwiye Musa ko yobwiye iki abasavyi bayo baramutse bamubajije uwamutumye?

  6. Musa yokwerekanye gute ko Imana ari yo yamutumye?

Ibibazo vy’inyongera:

  1. Soma Kuvayo 3:1-22.

    Ni gute ivyashikiye Musa bituma twizigira ko Yehova azodufata mu mugongo naho twoba twumva ko tudashoboye kurangura igikorwa ca gitewokarasi twashinzwe (Kuv. 3:11, 13; 2 Kor. 3:5, 6)?

  2. Soma Kuvayo 4:1-20.

    1.        

    2.    

Inkuru ya 31

Musa na Aroni kwa Farawo

  1. Ibitangaro Musa na Aroni bakoze vyatumye Abisirayeli bagira iki?

  2. Musa na Aroni babwiye iki Farawo, Farawo na we abishura iki?

  3. Nk’uko vyerekanwa kuri iyo shusho, ni ibiki vyashitse igihe Aroni yata hasi inkoni yiwe?

  4. Yehova yamaze amanyama gute Farawo, Farawo na we avyakira gute?

  5. Habaye iki inyuma y’igihano kigira icumi?

Ibibazo vy’inyongera:

  1. Soma Kuvayo 4:27-31 na 5:1-23.

    Farawo yashaka kuvuga iki igihe yavuga ngo: ‘Yehova jewe sindamuzi’ (Kuv. 5:2; 1 Sam. 2:12; Rom. 1:21)?

  2. Soma Kuvayo 6:1-13, 26-30.

    1.    

    2.    

  3. Soma Kuvayo 7:1-13.

    1.    

    2.   

Inkuru ya 32

Ibihano Cumi

  1. Ukoresheje amashusho yerekanywe ng’aho, dondora ukuntu ibihano bitatu vya mbere Yehova yateje Misiri vyari bimeze.

  2. Ibihano bitatu vya mbere vyari bitandukaniye hehe n’ibindi bihano vyakurikiye?

  3. Igihano ca kane, ica gatanu n’ica gatandatu vyari ibiki?

  4. Dondora ukuntu igihano c’indwi, ic’umunani be n’ic’icenda vyari bimeze.

  5. Yehova yabwiye Abisirayeli ngo bakore iki imbere y’uko azana igihano kigira icumi?

  6. Igihano kigira icumi cari igiki, kandi inyuma yaco habaye iki?

Ibibazo vy’inyongera:

  1. Soma Kuvayo 7:19–8:23.

    1.   

    2.    

  2. Soma Kuvayo 8:24; 9:3, 6, 10, 11, 14, 16, 23-25; na 10:13-15, 21-23.

    1.    

    2.    

  3. Soma Kuvayo 12:21-32.

    Pasika yafashije gute abantu benshi kuronka ubukiriro, kandi Pasika yagereranya iki (Kuv. 12:21-23; Yoh. 1:29; Rom. 5:18, 19, 21; 1 Kor. 5:7)?

Inkuru ya 33

Bajabuka Ikiyaga Gitukura

  1. Ni abagabo bangahe b’Abisirayeli bavuye mu Misiri bari kumwe n’abagore n’abana, kandi ni bande babakurikiye?

  2. Farawo yumvise amerewe gute aho amariye kurekura Abisirayeli, maze yaciye akora iki?

  3. Yehova yakoze iki kugira ngo ateshe Abanyamisiri gutera abasavyi biwe?

  4. Ni ibiki vyabaye aho Musa aramvuriye inkoni yiwe hejuru y’Ikiyaga Gitukura, kandi Abisirayeli baciye bagira iki?

  5. Ni ibiki vyashitse igihe Abanyamisiri binjira mu kiyaga bakurikiye Abisirayeli?

  6. Abisirayeli berekanye gute yuko bahimbawe be n’uko bakengurukira Yehova kubera yari abarokoye?

Ibibazo vy’inyongera:

  1. Soma Kuvayo 12:33-36.

    Yehova yakoze iki kugira ngo abasavyi biwe barihwe imyaka yose bamaze bajakariye Abanyamisiri (Kuv. 3:21, 22; 12:35, 36)?

  2. Soma Kuvayo 14:1-31.

    Amajambo ya Musa ari muri Kuvayo 14:13, 14 akora iki ku basavyi ba Yehova muri iki gihe, uko begereza ya ntambara ya Harumagedoni yimirije (2 Ngo. 20:17; Zab. 91:8)?

  3. Soma Kuvayo 15:1-8, 20, 21.

    1.    

    2.   

Inkuru ya 34

Ivyokurya vy’Ubundi Bwoko

  1. Kuri iyo shusho, ni ibintu nyabaki abantu bariko baratoragura hasi, kandi vyitwa ngw’iki?

  2. Ni irihe tegeko Musa aha abantu ku bijanye n’ugutora iyo manu?

  3. Yehova ategeka abantu kugira iki ku musi ugira gatandatu, kandi kubera iki?

  4. Ni igitangaro nyabaki Yehova akora iyo baraje manu buca ari ku musi w’indwi?

  5. Yehova yamaze igihe kingana iki agaburira abantu manu?

Ibibazo vy’inyongera:

  1. Soma Kuvayo 16:1-36 no Guharūra 11:7-9.

    1.    

    2.    

    3.   

  2. Soma Yosuwa 5:10-12.

    Abisirayeli bamaze imyaka ingahe barya manu? Ivyo vyabagerageje gute, kandi iyo nkuru twoyigirako iki (Kuv. 16:35; Guh. 11:4-6; 1 Kor. 10:10, 11)?

Inkuru ya 35

Yehova Atanga Amategeko

  1. Hashize nk’amezi abiri Abisirayeli bavuye mu Misiri, bacumbika hehe?

  2. Yehova avuga yuko ashaka ko abantu bakora iki, kandi bishura iki?

  3. Ni kubera iki Yehova aha Musa ibisate vy’amabuye bibiri?

  4. Uretse ya Mabwirizwa Cumi, ni ayandi mabwirizwa ayahe Yehova yahaye Abisirayeli?

  5. Ni amabwirizwa abiri ayahe Yezu Kirisitu yavuze ko ari yo makuru kuruta ayandi yose?

Ibibazo vy’inyongera:

  1. Soma Kuvayo 19:1-25; 20:1-21; 24:12-18; na 31:18.

    Amajambo yanditswe muri Kuvayo 19:8 adufasha gute gutahura ico ukwiyegura kw’umukirisu gusobanura (Mat. 16:24; 1 Pet. 4:1-3)?

  2. Soma Gusubira mu vyagezwe 6:4-6; Abalewi 19:18; na Matayo 22:36-40.

    Abakirisu berekana gute ko bakunda Imana na bagenzi babo (Mrk. 6:34; Ivyak. 4:20; Rom. 15:2)?

Inkuru ya 36

Inyana y’Inzahabu

  1. Kuri iyo shusho, ubona abantu bariko bagira iki, kandi kubera iki?

  2. Ni kubera iki bishavuza Yehova, kandi Musa agira iki aho aboneye ivyo abo bantu bariko baragira?

  3. Musa abarira abagabo bamwe ngo bakore iki?

  4. Iyo nkuru ikwiye kutwigisha iki?

Ibibazo vy’inyongera:

  1. Soma Kuvayo 32:1-35.

    1.     

    2.    

    3.   

Inkuru ya 37

Ihema yo Gusengeramwo

  1. Iyo nzu iri kuri iyo shusho yitwa ngw’iki, kandi bayikoreramwo iki?

  2. Ni kubera iki Yehova yabwiye Musa ngo yubake iyo hema ku buryo ishobora gusamburwa bitagoranye?

  3. Irya sandugu iri muri karya kumba gahereza yitwa ngw’iki, kandi irimwo iki?

  4. Yehova atora nde ngo abe umuherezi mukuru, kandi umuherezi mukuru akora iki?

  5. Vuga amazina ya birya bintu bitatu ubona mu cumba kinini c’iryo hema.

  6. Ni ibintu bibiri ibihe biri ku kibuga c’itaberenakulo, kandi bikora iki?

Ibibazo vy’inyongera:

  1. Soma Kuvayo 25:8-40; 26:1-37; 27:1-8; na 28:1.

    Ba bakerubi bari kw’ “isandugu y’Ibishinga intahe” bagereranya iki (Kuv. 25:20, 22; Guh. 7:89; 2 Abm. 19:15)?

  2. Soma Kuvayo 30:1-10, 17-21; 34:1, 2; n’Abaheburayo 9:1-5.

    1.    

    2.    

Inkuru ya 38

Abatasi 12

  1. Uwo musoko w’inzabibu uri kuri iyo shusho ubona ungana gute, kandi wavuye hehe?

  2. Ni kubera iki Musa arungika abatasi 12 mu gihugu c’i Kanani?

  3. Abatasi cumi bavuga iki igihe babwira Musa ivyo babonye?

  4. Abatasi babiri berekana gute ko bizigira Yehova, kandi ni bande?

  5. Yehova ashavuzwa n’iki hanyuma akabwira iki Musa?

Ibibazo vy’inyongera:

  1. Soma Guharūra 13:1-33.

    1.   

    2.    

  2. Soma Guharūra 14:1-38.

    1.      

    2.     

Inkuru ya 39

Amashurwe Anaga ku Nkoni

  1. Ni bande bagarariza ubukuru bwa Musa na Aroni, kandi ni ibiki babwira Musa?

  2. Musa abwira Kora n’abantu 250 bamushigikiye ngo bagire iki?

  3. Musa abwira iki abantu, kandi ni ibiki biba agiheza kuvuga?

  4. Kora hamwe na ba bantu 250 bamushigikiye bashikirwa n’iki?

  5. Ivyotezo vy’abapfuye Eleyazari umuhungu wa Aroni yabikozemwo iki, kandi kubera iki?

  6. Ni kubera iki Yehova atuma inkoni ya Aroni inagako amashurwe? (Raba ishusho.)

Ibibazo vy’inyongera:

  1. Soma Guharūra 16:1-49.

    1.     

    2.    

  2. Soma Guharūra 17:1-11 na 26:10.

    1.    

    2.     

Inkuru ya 40

Musa Akubita Ikibuye

  1. Yehova abungabunga gute Abisirayeli igihe bari mu bugaragwa?

  2. Abisirayeli bidodomba gute igihe bacumbitse i Kadeshi?

  3. Yehova aronsa gute amazi abantu be n’ibitungwa vyabo?

  4. Kuri iyo shusho, uwo mugabo ariko yitunga urutoki ni nde, kandi ariko abigira kubera iki?

  5. Ni kubera iki Yehova ashavurira Musa na Aroni, kandi bahanwa gute?

  6. Ni ibiki bishika ku Musozi Hori, kandi ni nde aca aba umuherezi mukuru w’Abisirayeli?

Ibibazo vy’inyongera:

  1. Soma Guharūra 20:1-13, 22-29 no Gusubira mu vyagezwe 29:5.

    1.     

    2.    

    3.      

Inkuru ya 41

Inzoka y’Umuringa

  1. Kuri iyo shusho, ico kizingiriye ku giti ni igiki, kandi ni kubera iki Yehova yabariye Musa ngo agishire harya?

  2. Abantu berekana gute ko badashimira Imana ku vyiza vyose yabagiriye?

  3. Abantu basaba Musa ngo agire iki inyuma y’aho Yehova arungikiye inzoka z’ubumara ngo abahane?

  4. Ni kubera iki Yehova abwira Musa ngo acure inzoka y’umuringa?

  5. Ni icigwa ikihe dushobora kwigira kuri iyo nkuru?

Ibibazo vy’inyongera:

  1. Soma Guharūra 21:4-9.

    1.   

    2.   

  2. Soma Yohana 3:14, 15.

    Ni mu buryo ki ivy’ukumanika iyo nzoka y’umuringa ku giti bigereranya neza ukumanikwa kwa Yezu Kirisitu (Gal. 3:13; 1 Pet. 2:24)?

Inkuru ya 42

Indogoba Ivuga

  1. Balaki ni nde, kandi ni kubera iki atumako Balamu?

  2. Ni kubera iki indogoba ya Balamu iryamye hasi mw’ibarabara?

  3. Balamu yumva indogoba iriko ivuga iki?

  4. Ni ibiki umumarayika abwira Balamu?

  5. Bigenda gute igihe Balamu agerageje kuvuma Abisirayeli?

Ibibazo vy’inyongera:

  1. Soma Guharūra 21:21-35.

    Ni kubera iki Abisirayeli batsinda Umwami Sihoni w’Abamori hamwe n’Umwami Ogi w’i Bashani (Guh. 21:21, 23, 33, 34)?

  2. Soma Guharūra 22:1-40.

    Imvo yatumye Balamu agerageza kuvuma Abisirayeli yari iyihe, kandi ni ivyigwa ibihe twohakura (Guh. 22:16, 17; Imig. 6:16, 18; 2 Pet. 2:15; Yuda 11)?

  3. Soma Guharūra 23:1-30.

    Naho Balamu yavuga nk’aho yoba ari umusavyi wa Yehova, ibikorwa vyiwe vyerekanye gute ko atari we (Guh. 23:3, 11-14; 1 Sam. 15:22)?

  4. Soma Guharūra 24:1-25.

    Iyo nkuru yo muri Bibiliya ikomeza gute ukwizera dufise mw’iranguka ry’umugambi wa Yehova (Guh. 24:10; Yes. 54:17)?

Inkuru ya 43

Yosuwa Aba Indongozi

  1. Kuri iyo shusho, abo bantu babiri bahagararanye na Musa ni bande?

  2. Yehova abwira iki Yosuwa?

  3. Ni kubera iki Musa aduga hejuru ku Musozi Nebo, kandi Yehova amubwira iki?

  4. Musa apfa amaze imyaka ingahe?

  5. Abantu bababazwa n’iki, ariko kandi ni igiki gikwiye gutuma bahimbarwa?

Ibibazo vy’inyongera:

  1. Soma Guharūra 27:12-23.

    Ni irihe banga riremereye Yehova yashinze Yosuwa, kandi ni igiki cerekana ko Yehova yitaho abasavyi biwe muri iki gihe (Guh. 27:15-19; Ivyak. 20:28; Heb. 13:7)?

  2. Soma Gusubira mu vyagezwe 3:23-29.

    Ni kubera iki Yehova atemereye Musa na Aroni ko binjira mu gihugu c’isezerano, kandi ni icigwa ikihe twohakura (Gus. 3:25-27; Guh. 20:12, 13)?

  3. Soma Gusubira mu vyagezwe 31:1-8, 14-23.

    Amajambo ya nyuma Musa yabwiye ihanga rya Isirayeli yerekana gute ko yemeye yicishije bugufi ugutozwa indero na Yehova (Gus. 31:6-8, 23)?

  4. Soma Gusubira mu vyagezwe 32:45-52.

    Ijambo ry’Imana rikwiye gukora iki ku buzima bwacu (Gus. 32:47; Lew. 18:5; Heb. 4:12)?

  5. Soma Gusubira mu vyagezwe 34:1-12.

    Naho Musa atigeze vy’ukuri abona Yehova amaso mu yandi, mu Gusubira mu vyagezwe 34:10 herekana iki ku bucuti yari afitaniye na Yehova (Kuv. 33:11, 20; Guh. 12:8)?

Inkuru ya 44

Rahabu Ahisha Abatasi

  1. Rahabu aba hehe?

  2. Abo bagabo babiri bari kuri iyo shusho ni bande, kandi ni kubera iki bari i Yeriko?

  3. Umwami w’i Yeriko ategeka Rahabu gukora iki, kandi yishura gute?

  4. Rahabu afasha gute abo bagabo babiri, kandi ni igiki abasaba ko bomugirira?

  5. Abo batasi babiri basezeranira iki Rahabu?

Ibibazo vy’inyongera:

  1. Soma Yosuwa 2:1-24.

    Umuhango Yehova yari yaratanze muri Kuvayo 23:28 warangutse gute igihe Abisirayeli batera i Yeriko (Yos. 2:9-11)?

  2. Soma Abaheburayo 11:31.

    Akarorero ka Rahabu kerekana neza gute ko ukwizera ari ikintu gihambaye (Rom. 1:17; Heb. 10:39; Yak. 2:25)?

Inkuru ya 45

Bajabuka Uruzi Yorodani

  1. Ni ikihe gitangaro Yehova akora kugira ngo Abisirayeli bashobore kujabuka Uruzi Yorodani?

  2. Ni igikorwa ikihe gisaba ukwizera Abisirayeli bategerezwa gukora kugira ngo bajabuke Uruzi Yorodani?

  3. Ni kubera iki Yehova abwira Yosuwa kurunda hamwe amabuye maninimanini 12 akuye mu ruzi?

  4. Abaherezi bagipfa gukura ikirenge muri Yorodani, haca haba iki?

Ibibazo vy’inyongera:

  1. Soma Yosuwa 3:1-17.

    1.      

    2.    

  2. Soma Yosuwa 4:1-18.

    Ya mabuye 12 yakurwa muri Yorodani, maze akarundwa i Gilugali yari ay’iki (Yos. 4:4-7)?

Inkuru ya 46

Urugo rw’i Yeriko

  1. Yehova abwira abagabo barwana urugamba be n’abaherezi ngo bakore iki mu misi itandatu?

  2. Abo bagabo basabwa gukora iki ku musi ugira indwi?

  3. Nk’uko ubibona kuri iyo shusho, urwo ruhome rw’i Yeriko rubaye gute?

  4. Ni kubera iki hari umugozi utukura uriko urenena kw’idirisha?

  5. Yosuwa abwira abagabo barwana urugamba ngo bagire iki ico gisagara n’abantu bo muri co, ariko ifeza, inzahabu, umuringa be n’icuma vyovyo babikoza iki?

  6. Ba batasi babiri babwirwa kugira iki?

Ibibazo vy’inyongera:

  1. Soma Yosuwa 6:1-25.

    1.     

    2.     

Inkuru ya 47

Igisuma mu Bisirayeli

  1. Kuri iyo shusho, uwo mugabo ariko arahamba ibintu vy’igiciro vyavuye i Yeriko ni nde, kandi barya bariko baramufasha ni bande?

  2. Ni kubera iki ivyo Akani n’umuryango wiwe bakoze vyari bibi cane?

  3. Yehova yishura iki igihe Yosuwa amubajije igituma Abisirayeli batsinzwe mu ntambara y’i Ayi?

  4. Akani n’umuryango wiwe bamaze kuzanwa imbere ya Yosuwa, bashikirwa n’iki?

  5. Urubanza Akani yaciriwe rutwigisha ikihe cigwa gihambaye?

Ibibazo vy’inyongera:

  1. Soma Yosuwa 7:1-26.

    1.    

    2.      

  2. Soma Yosuwa 8:1-29.

    Ni ibanga irihe ryega umwe wese ku biraba ishengero rya gikirisu muri iki gihe (Yos. 7:13; Lew. 5:1; Imig. 28:13)?

Inkuru ya 48

Ab’i Gibeyoni Bakerebutse

  1. Abantu b’i Gibeyoni batandukaniye hehe n’Abanyakanani bo mu bisagara bibanyi?

  2. Nk’uko biboneka kuri iyo shusho, Abanyagibeyoni bariko bakora iki, kandi kubera iki?

  3. Yosuwa n’abakuru b’Abisirayeli basezeranira iki Abanyagibeyoni, ariko haciye imisi itatu bamenya iki?

  4. Ni ibiki biba igihe abami b’ibindi bisagara bumvise ko Abanyagibeyoni bagiye kwumvikana n’Abisirayeli?

Ibibazo vy’inyongera:

  1. Soma Yosuwa 9:1-27.

    1.      

    2.    

  2. Soma Yosuwa 10:1-5.

    Rya shengero ryinshi muri iki gihe ryigana gute Abanyagibeyoni, ivyo bigatuma rishikirwa n’iki (Yos. 10:4; Zek. 8:23; Mat. 25:35-40; Ivyah. 12:17)?

Inkuru ya 49

Izuba Rihagarara

  1. Kuri iyo shusho, Yosuwa ariko avuga iki, kandi kubera iki?

  2. Yehova afasha gute Yosuwa n’ingabo ziwe?

  3. Yosuwa anesha abami bangahe bamurwanya, kandi intambara imara umwanya ungana iki?

  4. Ni kubera iki Yosuwa agaburira Abisirayeli igihugu c’i Kanani?

  5. Yosuwa apfa afise imyaka ingahe, kandi abantu bibagendera gute mu nyuma?

Ibibazo vy’inyongera:

  1. Soma Yosuwa 10:6-15.

    Kumenya yuko Yehova yatumye izuba n’ukwezi biguma bihagaze ku neza y’Abisirayeli, bituma twizigira iki muri iki gihe (Yos. 10:8, 10, 12, 13; Zab. 18:3; Imig. 18:10)?

  2. Soma Yosuwa 12:7-24.

    Ni nde vy’ukuri yanesheje ba bami 31 b’i Kanani, kandi ni kubera iki ivyo bihambaye kuri twebwe muri iki gihe (Yos. 12:7; 24:11-13; Gus. 31:8; Luka 21:9, 25-28)?

  3. Soma Yosuwa 14:1-5.

    Ico gihugu cagabaguwe gute hagati y’imiryango y’Abisirayeli, kandi ivyo vyerekana iki ku bijanye n’ingene abantu bazogabura intoranwa mw’Iparadizo (Yos. 14:2; Yes. 65:21; Ezk. 47:21-23; 1 Kor. 14:33)?

  4. Soma Abacamanza 2:8-13.

    Nka kumwe kwa Yosuwa muri Isirayeli, muri iki gihe ni nde akora igikorwa co kurwanya ubuhuni (Abac. 2:8, 10, 11; Mat. 24:45-47; 2 Tes. 2:3-6; Tito 1:7-9; Ivyah. 1:1; 2:1, 2)?

Inkuru ya 50

Abagore Babiri Badatinya

  1. Abacamanza bari abaki, kandi bamwebamwe muri bo ni bande?

  2. Debora yatewe akahe gateka kadasanzwe, kandi ako gateka gasaba iki?

  3. Igihe Abisirayeli bageramiwe n’Umwami Yabini be n’umukuru w’ingabo ziwe ari we Sisera, ni ubutumwa ubuhe Yehova abwira Umucamanza Baraki abicishije kuri Debora, kandi Debora avuga ko ari nde aza gushemezwa ku bw’iyo ntsinzi?

  4. Yayeli yerekana gute ko ari umukenyezi w’umutima rugabo?

  5. Ni ibiki bishika inyuma y’urupfu rw’Umwami Yabini?

Ibibazo vy’inyongera:

  1. Soma Abacamanza 2:14-22.

    Abisirayeli bikwegeye gute uburake bwa Yehova, kandi ni icigwa ikihe twohakura (Abac. 2:20; Imig. 3:1, 2; Ezk. 18:21-23)?

  2. Soma Abacamanza 4:1-24.

    Ni ibiki abakenyezi bakirisu bo muri iki gihe bokwigira ku karorero ka Debora n’aka Yayeli mu bijanye n’ukwizera be n’umutima rugabo (Abac. 4:4, 8, 9, 14, 21, 22; Imig. 31:30; 1 Kor. 16:13)?

  3. Soma Abacamanza 5:1-31.

    Rwa ruririmbo rw’intsinzi rwa Baraki na Debora rwoshobora gute gukoreshwa nk’isengesho ku biraba ya ntambara yimirije yo kuri Harumagedoni (Abac. 5:3, 31; 1 Ngo. 16:8-10; Ivyah. 7:9, 10; 16:16; 19:19-21)?

Inkuru ya 51

Rusi na Nawomi

  1. Vyagenze gute ngo Nawomi aje i Mowabu?

  2. Rusi na Orupa ni bande?

  3. Rusi na Orupa bavyakira gute Nawomi ababwiye gusubira mu b’iwabo?

  4. Bowazi ni nde, kandi afasha gute Rusi na Nawomi?

  5. Umwana avyarwa na Bowazi be na Rusi yitwa nde, kandi ni kubera iki dukwiye kumwibuka?

Ibibazo vy’inyongera:

  1. Soma Rusi 1:1-17.

    1.  

    2.   

  2. Soma Rusi 2:1-23.

    Ni mu buhe buryo Rusi ari akarorero keza ku bagore bakiri bato muri iki gihe (Rusi 2:17, 18; Imig. 23:22; 31:15)?

  3. Soma Rusi 3:5-13.

    1.  

    2.   

  4. Soma Rusi 4:7-17.

    Abanega bakirisu muri iki gihe bokwigana Bowazi gute (Rusi 4:9, 10; 1 Tim. 3:1, 12, 13; 5:8)?

Inkuru ya 52

Gideyoni n’Abantu Biwe 300

  1. Abisirayeli baguye mu kaga gute kandi kubera iki?

  2. Kubera iki Yehova abwira Gideyoni yuko afise abasoda benshi?

  3. Hasigara abantu bangahe Gideyoni amaze kubwira abanyabwoba ngo batahe?

  4. Wisunze iyo shusho, sigura ingene Yehova agabanya igitigiri c’abasoda ba Gideyoni hagasigara 300 gusa.

  5. Gideyoni aringaniza gute abantu biwe 300, kandi Abisirayeli batsinda urugamba gute?

Ibibazo vy’inyongera:

  1. Soma Abacamanza 6:36-40.

    1.  

    2.    

  2. Soma Abacamanza 7:1-25.

    1.     

    2.     

    3.      

  3. Soma Abacamanza 8:1-3.

    Ku vyerekeye ugutorera umuti ukutumvikana hagati yacu n’umuvukanyi canke umuvukanyikazi kanaka, twokwigira iki ku kuntu Gideyoni yatoreye umuti imitongano yavyutse hagati yiwe n’Abefurayimu (Imig. 15:1; Mat. 5:23, 24; Luka 9:48)?

Inkuru ya 53

Indagano ya Yefuta

  1. Yefuta ni nde, kandi yabayeho ryari?

  2. Yefuta araganira iki Yehova?

  3. Ni igiki gituma Yefuta ababara cane igihe atahutse avuye gutsinda Abamoni?

  4. Umukobwa wa Yefuta avuga iki amenye indagano se wiwe yagize?

  5. Ni kubera iki abantu bakunda umukobwa wa Yefuta?

Ibibazo vy’inyongera:

  1. Soma Abacamanza 10:6-18.

    Ni imburizi iyihe dukwiye kwumvira yo mu nkuru y’ukuntu Abisirayeli bahemukiye Yehova (Abac. 10:6, 15, 16; Rom. 15:4; Ivyah. 2:10)?

  2. Soma Abacamanza 11:1-11, 29-40.

    1.     

    2.  

    3.     

    4.    

Inkuru ya 54

Umugabo Akomeye Cane

  1. Umuntu akomeye kurusha abandi bose yitwa nde, kandi ni nde yamuhaye izo nkomezi?

  2. Umusi umwe, Samusoni agira iki intare nini, nk’uko ubibona kuri iyo shusho?

  3. Kuri iyo shusho, ni akabanga akahe Samusoni ariko abwira Delila, kandi ivyo bimushikana gute ku gufatwa n’Abafilisiti?

  4. Samusoni atuma gute hapfa Abafilisiti 3.000 ku musi apfa?

Ibibazo vy’inyongera:

  1. Soma Abacamanza 13:1-14.

    Ni gute Manowa n’umugore wiwe ari akarorero keza ku bavyeyi mu vyo kurera abana babo (Abac. 13:8; Zab. 127:3; Ef. 6:4)?

  2. Soma Abacamanza 14:5-9 na 15:9-16.

    1.  

    2.     

  3. Soma Abacamanza 16:18-31.

    Kwifatanya n’ababi vyagize ico bikoze gute kuri Samusoni, kandi ivyo twovyigirako iki (Abac. 16:18, 19; 1 Kor. 15:33)?

Inkuru ya 55

Agahungu Gakorera Imana

  1. Ako gahungu ubona kw’ishusho kitwa nde, kandi abo bandi bantu ni bande?

  2. Hana asenga gute umusi umwe agiye kw’ihema rya Yehova, Yehova na we akamwishura gute?

  3. Samweli ajanwa gukorera kw’ihema rya Yehova afise imyaka ingahe, kandi uko umwaka utashe nyina wiwe amugirira iki?

  4. Abahungu ba Eli ni bande, kandi ni abantu bameze gute?

  5. Yehova ahamagara gute Samweli, kandi amuha ubutumwa ubuhe?

  6. Samweli aba umuki amaze gukura, kandi ni ibiki bishika amaze gusaza?

Ibibazo vy’inyongera:

  1. Soma 1 Samweli 1:1-28.

    1.     

    2.    

  2. Soma 1 Samweli 2:11-36.

    Eli yubashe abahungu biwe kubarutisha Yehova gute, kandi ni mu buryo ubuhe ivyo ari imburizi kuri twebwe (1 Sam. 2:22-24, 27, 29; Gus. 21:18-21; Mat. 10:36, 37)?

  3. Soma 1 Samweli 4:16-18.

    Ni ubutumwa ubuhe bw’umuvumo bugizwe n’inkuru zine buva ku rugamba, kandi ni ingaruka iyihe bugira kuri Eli?

  4. Soma 1 Samweli 8:4-9.

    Abisirayeli bababaza Yehova cane gute, kandi muri iki gihe ni gute twoshigikira Ubwami bwiwe tudahemuka (1 Sam. 8:5, 7; Yoh. 17:16; Yak. 4:4)?

Inkuru ya 56

Sauli—Umwami wa Mbere

  1. Kuri iyo shusho, Samweli ariko akora iki kandi kubera iki?

  2. Ni kubera iki Yehova akunda Sauli, kandi Sauli ni umuntu ameze gute?

  3. Umwana wa Sauli yitwa nde, kandi ni igiki uwo mwana agira?

  4. Ni kubera iki Sauli atanga ishikanwa aho kurindira Samweli ngo abe ari we aritanga?

  5. Ni ivyigwa ibihe twokura ku nkuru yerekeye Sauli?

Ibibazo vy’inyongera:

  1. Soma 1 Samweli 9:15-21 na 10:17-27.

    Ukwifata ruto kwa Sauli kwamufashije gute kwirinda gukora ibintu gihutihuti igihe abantu bamwe bavuga amajambo yo kumukengera (1 Sam. 9:21; 10:21, 22, 27; Imig. 17:27)?

  2. Soma 1 Samweli 13:5-14.

    Icaha Sauli yakoreye i Gilugali ni ikihe (1 Sam. 10:8; 13:8, 9, 13)?

  3. Soma 1 Samweli 15:1-35.

    1.    

    2.  

    3.     

Inkuru ya 57

Imana Itora Dawidi

  1. Uwo muhungu ari kuri iyo shusho yitwa nde, kandi tuzi gute yuko arinda?

  2. Dawidi aba hehe, kandi se na sekuru bitwa ngw’iki?

  3. Ni kubera iki Yehova abwira Samweli ngo aje kwa Yese i Betelehemu?

  4. Bigenda gute igihe Yese azaniye Samweli indwi mu bahungu biwe?

  5. Igihe Dawidi yinjijwe mu nzu, Yehova abwira iki Samweli?

Ibibazo vy’inyongera:

  1. Soma 1 Samweli 17:34, 35.

    Ivyo bintu vyabaye bishimika gute ku vy’uko Dawidi yari umurindutsi be n’uko yiheka kuri Yehova (1 Sam. 17:37)?

  2. Soma 1 Samweli 16:1-14.

    1.     

    2.    

Inkuru ya 58

Dawidi na Goliyati

  1. Goliyati acokora gute ingabo z’Abisirayeli?

  2. Goliyati angana gute, kandi ni impembo iyihe Umwami Sauli asezeranira umuntu aza kwica Goliyati?

  3. Dawidi avuga iki igihe Sauli amubwiye ko adashobora kurwana na Goliyati kubera ko Dawidi akiri umwana?

  4. Mu vyo Dawidi yishura Goliyati, yerekana gute ko yizigira Yehova?

  5. Nk’uko ubibona kuri iyo shusho, Dawidi akoresha iki mu kwica Goliyati, kandi ni ibiki bishikira Abafilisiti inyuma y’ivyo?

Ibibazo vy’inyongera:

  1. Soma 1 Samweli 17:1-54.

    1.    

    2.    

    3.   

    4.   

    5.    

Inkuru ya 59

Igituma Dawidi Yahunze

  1. Ni kubera iki Sauli agirira ishari Dawidi, mugabo Yonatani umuhungu wa Sauli wewe atandukanye gute na Sauli?

  2. Bigenda gute umusi umwe igihe Dawidi ariko aravugiriza inanga Sauli?

  3. Sauli avuga ko Dawidi ategerezwa kubanza gukora iki imbere y’uko yabira umukobwa wiwe Mikali, kandi kubera iki Sauli avuga gutyo?

  4. Igihe Dawidi ariko aravugiriza inanga Sauli, ni ibiki bishika ubugira gatatu nk’uko iyo shusho ivyerekana?

  5. Mikali afasha gute Dawidi kunyaga amagara, kandi Dawidi aca abwirizwa kumara imyaka indwi agira iki?

Ibibazo vy’inyongera:

  1. Soma 1 Samweli 18:1-30.

    1.     

    2.  

    3.    

  2. Soma 1 Samweli 19:1-17.

    Yonatani yashize gute ubuzima bwiwe mu kaga igihe yahangara Sauli (1 Sam. 19:1, 4-6; Imig. 16:14)?

Inkuru ya 60

Abigayili na Dawidi

  1. Kuri iyo shusho, uwo mugore aje guhwana na Dawidi ni nde?

  2. Nabali ni nde?

  3. Ni kubera iki Dawidi arungika bamwe mu bantu biwe gusaba Nabali ngo abafashe?

  4. Nabali abwira iki abantu ba Dawidi, Dawidi na we agaca akora iki?

  5. Abigayili yerekana gute yuko ari umugore w’inkerebutsi?

Ibibazo vy’inyongera:

  1. Soma 1 Samweli 22:1-4.

    Umuryango wa Dawidi watanze gute akarorero keza k’ingene dukwiye gushigikirana mu muryango w’abakirisu (Imig. 17:17; 1 Tes. 5:14)?

  2. Soma 1 Samweli 25:1-43.

    1.      

    2.    

    3.     

    4.    

Inkuru ya 61

Dawidi Agirwa Umwami

  1. Dawidi na Abishayi bakoze iki igihe Sauli yari asinziriye mw’ikambi?

  2. Ni ibibazo ibihe Dawidi abaza Sauli?

  3. Dawidi amaze kuva aho Sauli ari, aca aja he?

  4. Ni igiki gituma Dawidi ababara cane, gushika n’aho yandika ururirimbo rukora ku mutima?

  5. Dawidi agirwa umwami aganza i Heburoni amaze imyaka ingahe, kandi bamwebamwe mu bana biwe ni bande?

  6. Mu nyuma Dawidi aja kuganza hehe?

Ibibazo vy’inyongera:

  1. Soma 1 Samweli 26:1-25.

    1.     

    2.     

  2. Soma 2 Samweli 1:26.

    Abakirisu muri iki gihe bashobora gute ‘kugiriranira urukundo rwa cane’ nka rumwe Dawidi na Yonatani bari bafitaniye (1 Pet. 4:8; Kol. 3:14; 1 Yoh. 4:12)?

  3. Soma 2 Samweli 5:1-10.

    1.  

    2.     

Inkuru ya 62

Ingorane mu Ngoro Ibwami

  1. Biciye ku gufashwa na Yehova, ni ibiki amaherezo bishikira igihugu c’i Kanani?

  2. Ni ibiki bishika umusi umwe ku kagoroba Dawidi ari hejuru ku ngoro yiwe?

  3. Ni kubera iki Yehova ashavurira cane Dawidi?

  4. Uravye kuri iyo shusho, ni nde Yehova atuma kubwira Dawidi ivyaha vyiwe, kandi uwo muntu avuga ko Dawidi azoshikirwa n’iki?

  5. Ni ingorane izihe zishikira Dawidi?

  6. Inyuma ya Dawidi, ni nde aba umwami wa Isirayeli?

Ibibazo vy’inyongera:

  1. Soma 2 Samweli 11:1-27.

    1.  

    2.     

  2. Soma 2 Samweli 12:1-18.

    1.    

    2.    

Inkuru ya 63

Salomo Umwami Akerebutse

  1. Yehova abaza iki Salomo, uno na we akamwishura iki?

  2. Kubera ko Yehova ashimye ivyo Salomo asavye, amusezeranira kumuha iki?

  3. Ni ingorane itoroshe iyihe abagore babiri bazanira Salomo?

  4. Nk’uko ubibona kuri iyo shusho, Salomo atorera umuti gute iyo ngorane?

  5. Ingoma ya Salomo imeze gute, kandi kubera iki?

Ibibazo vy’inyongera:

  1. Soma 1 Abami 3:3-28.

    1.     

    2.     

    3.    

  2. Soma 1 Abami 4:29-34.

    1.  

    2.     

Inkuru ya 64

Salomo Yubaka Urusengero

  1. Bifata igihe kingana iki kugira ngo Salomo aheze kwubaka urusengero rwa Yehova, kandi ni kubera iki rutwara amahera menshi cane?

  2. Muri urwo rusengero harimwo ivyumba bikurubikuru bingahe, kandi mu cumba c’imbere muri rwo hashirwamwo iki?

  3. Salomo avuga iki mw’isengesho atura Imana urwo rusengero rumaze kwuzura?

  4. Yehova yerekana gute yuko ashimye isengesho rya Salomo?

  5. Abagore ba Salomo batuma akora iki, hanyuma bigatuma Salomo amera gute?

  6. Ni kubera iki Yehova ashavurira Salomo, kandi Yehova amubwira iki?

Ibibazo vy’inyongera:

  1. Soma 1 Ngoma 28:9, 10.

    Turavye amajambo ya Dawidi yanditswe mu 1 Ngoma 28:9, 10, dukwiye kwihatira gukora iki mu buzima bwacu bwa misi yose (Zab. 19:14; Flp. 4:8, 9)?

  2. Soma 2 Ngoma 6:12-21, 32-42.

    1.   

    2.     

  3. Soma 2 Ngoma 7:1-5.

    Nka kurya nyene Abisirayeli bavyuriwe umutima wo gushemeza Yehova aho baboneye ubuninahazwa bwiwe, tweho dukwiye guca twumva twokora iki muri iki gihe iyo twitegereje ingene Yehova ahezagira abasavyi biwe (2 Ngo. 7:3; Zab. 22:22; 34:1; 96:2)?

  4. Soma 1 Abami 11:9-13.

    Ubuzima Salomo yagize bwerekana gute yuko bihambaye ko tuguma turi intahemuka gushika kw’iherezo (1 Abm. 11:4, 9; Mat. 10:22; Ivyah. 2:10)?

Inkuru ya 65

Ubwami Bucibwamwo Kubiri

  1. Abo bantu babiri ubona kuri iyo shusho ni ba nde, kandi bariko bakora iki?

  2. Ahiya impuzu yambaye azikorera iki, kandi ico kintu akoze gisobanura iki?

  3. Salomo ashaka kugira gute Yerobowamu?

  4. Ni kubera iki abantu bagira Yerobowamu umwami wa ya miryango cumi?

  5. Ni kubera iki Yerobowamu ahingura inyana zibiri z’inzahabu, kandi budakeye na kabiri bigenda gute muri ico gihugu?

  6. Ni ibiki bishikira bwa bwami bugizwe n’imiryango ibiri be na rwa rusengero rwa Yehova rw’i Yeruzalemu?

Ibibazo vy’inyongera:

  1. Soma 1 Abami 11:26-43.

    Yerobowamu yari umuntu ameze gute, kandi Yehova yamusezeraniye iki aramutse yumviye amabwirizwa y’Imana (1 Abm. 11:28, 38)?

  2. Soma 1 Abami 12:1-33.

    1.    

    2.     

    3.   

    4.  

Inkuru ya 66

Yezebeli—Umwamikazi Mubi

  1. Yezebeli ni nde?

  2. Ni igiki gituma umusi umwe Umwami Ahabu yijirirwa?

  3. Yezebeli akora iki kugira ngo umugabo wiwe Ahabu ashikire umurima w’imizabibu wa Naboti?

  4. Ni nde Yehova atuma guhana Yezebeli?

  5. Nk’uko ubibona kuri iyo shusho, bigenda gute igihe Yehu ashitse aho Yezebeli aba ku kirimba?

Ibibazo vy’inyongera:

  1. Soma 1 Abami 16:29-33 na 18:3, 4.

    Ibintu vyari bibi ku rugero rungana iki muri Isirayeli mu gihe c’Umwami Ahabu (1 Abm. 14:9)?

  2. Soma 1 Abami 21:1-16.

    1.   

    2.   

  3. Soma 2 Abami 9:30-37.

    Twokwigira iki ku mwete Yehu yagaragaje mu gukora ivyo Yehova agomba (2 Abm. 9:4-10; 2 Kor. 9:1, 2; 2 Tim. 4:2)?

Inkuru ya 67

Yehoshafati Yizera Yehova

  1. Yehoshafati yari nde, kandi yabayeho ryari?

  2. Ni igiki gituma Abisirayeli bagira ubwoba, kandi benshi muri bo baca bakora iki?

  3. Yehova yishura gute isengesho rya Yehoshafati?

  4. Yehova atuma haba iki imbere y’uko indwano itangura?

  5. Ni icigwa ikihe twokwigira kuri Yehoshafati?

Ibibazo vy’inyongera:

  1. Soma 2 Ngoma 20:1-30.

    1.    

    2.    

    3.      

    4.    

Inkuru ya 68

Abana Babiri Bazuka

  1. Abo bantu batatu bari kuri iyo shusho ni bande, kandi ni ibiki bishikira ako gahungu?

  2. Eliya asaba Imana iki ku bijanye n’ako gahungu, hanyuma bica bigenda gute?

  3. Umufasha wa Eliya yitwa nde?

  4. Ni kubera iki Elisa ahamagarwa ngo aje ku rugo rw’umugore umwe i Shunemu?

  5. Elisa akora iki, kandi bigenda gute kuri nya mwana yari yapfuye?

  6. Yehova afise ububasha bwo gukora iki nk’uko yabugaragaje biciye kuri Eliya na Elisa?

Ibibazo vy’inyongera:

  1. Soma 1 Abami 17:8-24.

    1.    

    2.   

    3.      

  2. Soma 2 Abami 4:8-37.

    1.     

    2.     

Inkuru ya 69

Akigeme Gafasha Umukuru

  1. Kuri iyo shusho, ako kigeme kariko kabwira iki uwo mupfasoni?

  2. Uwo mupfasoni ari kuri iyo shusho ni nde, kandi ako kigeme kariko gakora iki mu rugo rwiwe?

  3. Elisa ategeka umusuku wiwe kubwira iki Namani, kandi ni kubera iki Namani aca ashavura?

  4. Ni ibiki bishika igihe Namani yumviye abasuku biwe?

  5. Ni kubera iki Elisa yanka kwakira ingabirano Namani amuhaye, mugabo Gehazi wewe akora iki?

  6. Ni ibiki bishikira Gehazi, kandi dushobora kuvyigirako iki?

Ibibazo vy’inyongera:

  1. Soma 2 Abami 5:1-27.

    1.    

    2.    

    3.       

Inkuru ya 70

Yona n’Urufi Runini

  1. Yona ni nde, kandi Yehova amubwira gukora iki?

  2. Kubera ko Yona adashaka kugenda aho Yehova amubwiye kuja, aca agira iki?

  3. Yona abwira abasozabwato gukora iki kugira ngo umuyaga uturure?

  4. Nk’uko ubibona kuri iyo shusho, bigenda gute igihe Yona amanutse mu mazi?

  5. Yona amara igihe kingana iki mu nda y’urwo rufi, kandi ni igiki agira ari aho hantu?

  6. Yona aja hehe amaze kuva muri nya rufi, kandi ivyo bitwigisha iki?

Ibibazo vy’inyongera:

  1. Soma Yona 1:1-17.

    Biboneka yuko Yona yiyumva gute ku bijanye n’igikorwa yari yashinzwe co kubwira ubutumwa Abanyaninewe (Yona 1:2, 3; Imig. 3:7; Umus. 8:12)?

  2. Soma Yona 2:1, 2, 10.

    Ivyashikiye Yona bidukura amazinda gute ko Yehova azokwishura amasengesho yacu (Zab. 22:24; 34:6; 1 Yoh. 5:14)?

  3. Soma Yona 3:1-10.

    1.   

    2.    

Inkuru ya 71

Iparadizo Twaraganiwe

  1. Yesaya yari nde, yabayeho ryari, kandi Yehova yamweretse iki?

  2. Ijambo “iparadizo” risobanura iki, kandi rikwibutsa iki?

  3. Yehova yabwiye Yesaya kwandika ibiki ku vyerekeye iyindi Paradizo?

  4. Ni kubera iki Adamu na Eva bakuwe nya hantu heza cane baba?

  5. Yehova asezeranira iki abamukunda?

Ibibazo vy’inyongera:

  1. Soma Yesaya 11:6-9.

    1.     

    2.   

    3.    

  2. Soma Ivyahishuriwe 21:3, 4.

    1.      

    2.    

Inkuru ya 72

Imana Ifasha Hezekiyav

  1. Uwo muntu ari kuri iyo shusho ni nde, kandi ni kubera iki ari mu kaga kanini?

  2. Ayo makete Hezekiya yashize imbere y’Imana ni ay’iki, kandi Hezekiya asaba Imana iki?

  3. Hezekiya ni umwami ameze gute, kandi ni ubutumwa ubuhe Yehova amurungikira biciye ku mumenyeshakazoza Yesaya?

  4. Umumarayika wa Yehova akorera iki Abasiriya, nk’uko vyerekanwa kuri iyo shusho?

  5. Naho ubwo bwami bugizwe n’imiryango ibiri bumara imisi buri mu mahoro, bigenda gute Hezekiya amaze gupfa?

Ibibazo vy’inyongera:

  1. Soma 2 Abami 18:1-36.

    1.     

    2.     

  2. Soma 2 Abami 19:1-37.

    1.     

    2.     

  3. Soma 2 Abami 21:1-6, 16.

    Ni kubera iki twovuga yuko Manase yari umwe mu bami babaye ababisha kurusha abandi bose bigeze kuganza i Yeruzalemu (2 Ngo. 33:4-6, 9)?

Inkuru ya 73

Umwami wa Nyuma Mwiza

  1. Yosiya aja ku ngoma afise imyaka ingahe, kandi atangura gukora iki amaze imyaka indwi atwara?

  2. Ubona Yosiya ariko arakora iki ng’aho kw’ishusho ya mbere?

  3. Umuherezi mukuru atora iki igihe abantu bariko barasanura urusengero?

  4. Ni kubera iki Yosiya yitaburirako impuzu?

  5. Ni ubutumwa ubuhe buvuye kuri Yehova umumenyeshakazoza Hilida ashikiriza Yosiya?

Ibibazo vy’inyongera:

  1. Soma 2 Ngoma 34:1-28.

    1.    

    2.   

    3.    

Inkuru ya 74

Umugabo Adatinya

  1. Uwo musore ubona kuri iyo shusho ni nde?

  2. Yeremiya yiyumvira iki ku bijanye n’ukuba umumenyeshakazoza, yamara Yehova amubwira iki?

  3. Ni ubutumwa ubuhe Yeremiya aguma abwira abantu?

  4. Abaherezi bagerageza gute guhagarika Yeremiya, mugabo yerekana gute ko adatinya?

  5. Ni ibiki bishika igihe Abisirayeli banse guhindura inzira zabo mbi?

Ibibazo vy’inyongera:

  1. Soma Yeremiya 1:1-8.

    1.  

    2.   

  2. Soma Yeremiya 10:1-5.

    Ni ikigereranyo gikomeye ikihe Yeremiya akoresha kugira ngo yerekane yuko kwizigira ibigirwamana ata co bimaze (Yer. 10:5; Yes. 46:7; Hab. 2:19)?

  3. Soma Yeremiya 26:1-16.

    1.    

    2.     

  4. Soma 2 Abami 24:1-17.

    Ni inkurikizi zibabaje izihe zavuye ku kuba Ubuyuda bwarahemukiye Yehova (2 Abm. 24:2-4, 14)?

Inkuru ya 75

Abahungu Bane i Babiloni

  1. Abo bahungu bane bari kuri iyo shusho ni bande, kandi ni kubera iki bari i Babiloni?

  2. Ni imigambi iyihe Nebukadinezari afitiye abo bahungu bane, kandi ategeka iki abasuku biwe?

  3. Ni ibiki Daniyeli yisabira akabisabira na bagenziwe batatu ku bijanye n’ivyo gufungura be n’ivyo kunywa?

  4. Daniyeli na bagenzi biwe batatu bamaze imisi cumi barya imboga, baca bamera gute ubagereranije n’abandi basore?

  5. Bigenda gute ngo Daniyeli na bagenzi biwe batatu baje kuba ku kirimba c’umwami, kandi ni mu buryo ubuhe baruta abaherezi be n’abanyabwenge?

Ibibazo vy’inyongera:

  1. Soma Daniyeli 1:1-21.

    1.     

    2.    

    3.    

Inkuru ya 76

Yeruzalemu Haturirwa

  1. Uravye kuri iyo shusho, ni ibiki biriko birashikira Yeruzalemu be n’Abisirayeli?

  2. Ezekiyeli ni nde, kandi ni ibintu bibi cane ibihe Yehova amwereka?

  3. Kubera yuko Abisirayeli batubaha Yehova namba, asezerana iki?

  4. Umwami Nebukadinezari akora iki aho Abisirayeli bamariye kumugarariza?

  5. Ni kubera iki Yehova areka Abisirayeli bagatikizwa gutyo?

  6. Bigenda gute ngo igihugu c’Abisirayeli gisigare ata n’umwe akibamwo, kandi ivyo bimara igihe kingana iki?

Ibibazo vy’inyongera:

  1. Soma 2 Abami 25:1-26.

    1. Ni ibiki vyamushikiye, kandi ivyo vyashikije gute ubuhanuzi bwo muri Bibiliya (2 Abm. 25:5-7; Ezk. 12:13-15)?

    2.      

  2. Soma Ezekiyeli 8:1-18.

    Amadini y’abiyita abakirisu yiganye gute Abisirayeli b’abahuni basenga izuba (Ezk. 8:16; Yes. 5:20, 21; Yoh. 3:19-21; 2 Tim. 4:3)?

Inkuru ya 77

Baranse Kwunama

  1. Ni itegeko irihe Nebukadinezari umwami w’i Babiloni yahaye abantu?

  2. Ni kubera iki abo bagenzi batatu ba Daniyeli batunamiye ico gishusho c’inzahabu?

  3. Igihe Nebukadinezari ahaye ba Baheburayo batatu akandi karyo ko kwunama, berekana gute ko bizigira Yehova?

  4. Nebukadinezari ategeka abantu biwe kugira gute Shadaraki, Meshaki, na Abedinego?

  5. Nebukadinezari abona iki aravye mw’itanure?

  6. Ni kubera iki umwami ashimagiza Imana ya Shadaraki, Meshaki, na Abedinego, kandi ni akarorero akahe baduha?

Ibibazo vy’inyongera:

  1. Soma Daniyeli 3:1-30.

    1.    

    2.   

Inkuru ya 78

Indome Zandikwa ku Ruhome

  1. Ni ibiki biba igihe umwami w’i Babiloni agirisha umusi mukuru maze agakoresha ibikombe hamwe n’inzavya vyakuwe mu rusengero rwa Yehova i Yeruzalemu?

  2. Belishaza abwira iki abanyabwenge biwe, mugabo ni igiki badashobora kugira?

  3. Nyina w’uwo mwami amubwira gukora iki?

  4. Twisunze ivyo Daniyeli abwira umwami, ni kubera iki Imana yatumye ukuboko ngo kwandike ku ruhome?

  5. Daniyeli asigura gute nya majambo yanditse ku ruhome?

  6. Ni ibiki bishika Daniyeli akiriko aravuga?

Ibibazo vy’inyongera:

  1. Soma Daniyeli 5:1-31.

    1.    

    2.     

    3.      

Inkuru ya 79

Daniyeli mu Cobo c’Intare

  1. Dariyo ni nde, kandi abona gute Daniyeli?

  2. Abantu bamwebamwe b’abanyeshari batuma Dariyo akora iki?

  3. Daniyeli akora iki amenye ivyerekeye itegeko rishasha ritanzwe?

  4. Ni kubera iki Dariyo ahagarika umutima cane gushika n’aho adatora itiro?

  5. Daniyeli yishura gute Dariyo?

  6. Ni ibiki bishikira ba bantu babi barondera kwica Daniyeli, kandi Dariyo yandikira iki abo atwara bose?

Ibibazo vy’inyongera:

  1. Soma Daniyeli 6:1-28.

    1.     

    2.     

    3.     

Inkuru ya 80

Abisirayeli Bava i Babiloni

  1. Nk’uko vyerekanwa kuri iyo shusho, Abisirayeli bariko bakora iki?

  2. Kuro yashikije gute ubuhanuzi Yehova yashikirije biciye kuri Yesaya?

  3. Kuro abwira iki Abisirayeli badashobora gusubira i Yeruzalemu?

  4. Ni ibiki Kuro aha abantu kugira babisubize i Yeruzalemu?

  5. Abisirayeli bakoresha igihe kingana iki kugira ngo bashike i Yeruzalemu?

  6. Haciye imyaka ingahe ata muntu n’umwe ari mu gihugu?

Ibibazo vy’inyongera:

  1. Soma Yesaya 44:28 na 45:1-4.

    1.   

    2.     

  2. Soma Ezira 1:1-11.

    Twisunze akarorero k’abatashoboye gusubira i Yeruzalemu, muri iki gihe dushobora gute ‘guterera’ canke gukomeza amaboko y’abo bishobokera gukora umurimo w’igihe cose (Ezr. 1:4, 6; Rom. 12:13; Kol. 4:12)?

Inkuru ya 81

Bizeye Imfashanyo y’Imana

  1. Ni abantu bangahe bagira urugendo rurerure ruva i Babiloni gushika i Yeruzalemu, mugabo bashitseyo bahasanga iki?

  2. Abisirayeli bamaze gushika babanza kwubaka iki, mugabo abansi babo bagira iki?

  3. Hagayi na Zekariya ni abaki, kandi babwira abantu gukora iki?

  4. Ni kubera iki Tatenayi atuma ikete i Babiloni, kandi aronka iyihe nyishu?

  5. Ezira akora iki amaze kumenya yuko urusengero rw’Imana rukeneye gusharizwa?

  6. Kuri iyo shusho, Ezira ariko asaba Imana iki, isengesho ryiwe ryishurwa gute, kandi ivyo bitwigisha iki?

Ibibazo vy’inyongera:

  1. Soma Ezira 3:1-13.

    Mu gihe vyoshika tugasanga turi mu karere katarimwo ishengero ry’abasavyi b’Imana, dukwiye kubandanya dukora iki (Ezr. 3:3, 6; Ivyak. 17:16, 17; Heb. 13:15)?

  2. Soma Ezira 4:1-7.

    Ni akarorero akahe Zerubabeli yahaye abasavyi ba Yehova ku bijanye no kuvatiranya ukwizera (Kuv. 34:12; 1 Kor. 15:33; 2 Kor. 6:14-17)?

  3. Soma Ezira 5:1-5, 17 na 6:1-22.

    1.   

    2.     

  4. Soma Ezira 8:21-23, 28-36.

    Imbere y’uko dutangura gukora ikintu kinaka, ni akarorero akahe ka Ezira vyoba vyiza twiganye (Ezr. 8:23; Zab. 127:1; Imig. 10:22; Yak. 4:13-15)?

Inkuru ya 82

Morodekayi na Esiteri

  1. Morodekayi na Esiteri ni bande?

  2. Ni kubera iki Umwami Ahasuwerusi ashaka uwundi mugore, kandi atora nde?

  3. Hamani ni nde, kandi ni igiki kimushavuza cane?

  4. Ni itegeko irihe rishingwa, kandi Esiteri akora iki amaze kuronka ubutumwa buvuye kuri Morodekayi?

  5. Hamani bimugendera gute, Morodekayi na we bikamugendera gute?

  6. Abisirayeli bava mu vyara vy’abansi babo gute?

Ibibazo vy’inyongera:

  1. Soma Esiteri 2:12-18.

    Esiteri yerekanye gute akamaro ko gutsimbataza “umutima w’ubugwaneza utekereje” (Est. 2:15; 1 Pet. 3:1-5)?

  2. Soma Esiteri 4:1-17.

    Nk’uko nyene Esiteri yahawe akaryo ko kugira ico akoze ku neza y’ugusenga kw’ukuri, ni akaryo akahe duhabwa muri iki gihe ko kwerekana yuko twibanda kuri Yehova be n’uko turi intahemuka kuri we (Est. 4:13, 14; Mat. 5:14-16; 24:14)?

  3. Soma Esiteri 7:1-6.

    Benshi mu basavyi b’Imana muri iki gihe na bo nyene bemeye gute gukora ivyohava bibakwegera uruhamo, nk’uko vyagendeye Esiteri (Est. 7:4; Mat. 10:16-22; 1 Pet. 2:12)?

Inkuru ya 83

Urugo rw’i Yeruzalemu

  1. Abisirayeli babona gute ukuba igisagara cabo Yeruzalemu kitari kizitiye?

  2. Nehemiya ni nde?

  3. Akazi ka Nehemiya ni akahe, kandi ni kubera iki gahambaye?

  4. Ni inkuru iyihe ibabaza cane Nehemiya, kandi aca akora iki?

  5. Umwami Aritazeruzi agirira neza Nehemiya gute?

  6. Nehemiya atunganya gute igikorwa co kwubaka kugira ngo abansi b’Abisirayeli ntibagihagarike?

Ibibazo vy’inyongera:

  1. Soma Nehemiya 1:4-6 na 2:1-20.

    Nehemiya yarondeye gute kuyoborwa na Yehova (Neh. 2:4, 5; Rom. 12:12; 1 Pet. 4:7)?

  2. Soma Nehemiya 3:3-5.

    Abasukura bwa bakurambere n’abakozi b’ishengero bokwigira iki ku budasa bwari hagati y’ab’i Tekowa n’abitwa “abapfasoni” bo muri bo (Neh. 3:5, 27; 2 Tes. 3:7-10; 1 Pet. 5:5)?

  3. Soma Nehemiya 4:1-23.

    1.     

    2.  

  4. Soma Nehemiya 6:15.

    Ukuba uruzitiro rw’i Yeruzalemu bahejeje kurwubaka mu mezi abiri vyerekana iki ku bijanye n’ububasha bw’ukwizera (Zab. 56:3, 4; Mat. 17:20; 19:26)?

Inkuru ya 84

Umumarayika kwa Mariya

  1. Uwo mwigeme ari kuri iyo shusho ni nde?

  2. Gaburiyeli abwira iki Mariya?

  3. Gaburiyeli asigurira gute Mariya yuko azovyara umwana naho ata mugabo bari bwabane?

  4. Ni ibiki bishika igihe Mariya agiye kuraba incuti yiwe Elizabeti?

  5. Yozefu yiyumvira iki amaze kumenya ko Mariya ari mu kuvyara, mugabo ni kubera iki yisubirako?

Ibibazo vy’inyongera:

  1. Soma Luka 1:26-56.

    1.       

    2.  

    3.     

  2. Soma Matayo 1:18-25.

    Naho Yezu atiswe izina rya Imanuweli, uruhara yagize igihe yari ng’aha kw’isi rwashikije gute insobanuro y’iryo zina (Mat. 1:22, 23; Yoh. 14:8-10; Heb. 1:1-3)?

Inkuru ya 85

Avukiye mu Kigango c’Inka

  1. Urwo ruyoya ruri kuri iyo shusho ni nde, kandi Mariya agira aruryamike hehe?

  2. Ni kubera iki Yezu yavukiye mu kigango ari rwo ruhongore rw’ibitungwa?

  3. Kuri iyo shusho, abo bagabo bagira binjire muri urwo ruhongore ni bande, kandi umumarayika yari yababwiye iki?

  4. Ni kubera iki Yezu atari umwana ameze nk’abandi?

  5. Ni kubera iki Yezu ashobora kwitwa Umwana w’Imana?

Ibibazo vy’inyongera:

  1. Soma Luka 2:1-20.

    1.   

    2.      

    3.     

Inkuru ya 86

Inyenyeri Irōngōra Abantu

  1. Abo bantu bari kuri iyo shusho ni bande, kandi ni kubera iki umwe muri bo atunze urutoki iriya nyenyeri yaka cane?

  2. Ni kubera iki Umwami Herode ashavura cane, kandi aca akora iki?

  3. Iyo nyenyeri yaka cane ijana hehe abo bantu, mugabo ni kubera iki basubira mu gihugu cabo baciye mu yindi nzira?

  4. Herode ategeka iki, kandi kubera iki?

  5. Yehova abwira Yozefu gukora iki?

  6. Ni nde yatumye iyo nyenyeri yaka, kandi kubera iki?

Ikibazo c’inyongera:

  1. Soma Matayo 2:1-23.

    Yezu yari amaze igihe kingana iki avutse igihe abaragurira ku nyenyeri baza kumuraba, kandi yaba hehe (Mat. 2:1, 11, 16)?

Inkuru ya 87

Umwana Yezu mu Rusengero

  1. Kuri iyo shusho Yezu amaze imyaka ingahe, kandi ari hehe?

  2. Ni igiki Yozefu n’abiwe bagira uko umwaka utashe?

  3. Inyuma y’umusi Yozefu na Mariya bamaze ku rugendo batashe iwabo, ni kubera iki basubira i Yeruzalemu?

  4. Yozefu na Mariya basanga Yezu hehe, kandi abantu baho batangazwa n’iki?

  5. Yezu abwira iki nyina wiwe Mariya?

  6. Twebwe twokwigana Yezu gute mu kwiga ivyerekeye Imana?

Ibibazo vy’inyongera:

  1. Soma Luka 2:41-52.

    1.     

    2.     

  2. Soma Matayo 13:53-56.

    Abahungu bane bavukana na Yezu bavugwa muri Bibiliya ni bande, kandi mu nyuma babiri muri bo bakoreshejwe gute mw’ishengero rya gikirisu (Mat. 13:55; Ivyak. 12:17; 15:6, 13; 21:18; Gal. 1:19; Yak. 1:1; Yuda 1)?

Inkuru ya 88

Yohani Abatiza Yezu

  1. Abo bagabo babiri bari kuri iyo shusho ni bande?

  2. Umuntu abatizwa gute?

  3. Yohani yari asanzwe abatiza bande?

  4. Yezu asaba Yohani kumubatiza ku bw’impamvu idasanzwe iyihe?

  5. Imana yerekana gute yuko ihimbawe n’uko Yezu abatijwe?

  6. Ni ibiki biba igihe Yezu agiye kwiherera ahantu ha wenyene mu kiringo c’imisi 40?

  7. Bamwebamwe mu bigishwa ba mbere ba Yezu ni bande, kandi igitangaro ca mbere akora ni ikihe?

Ibibazo vy’inyongera:

  1. Soma Matayo 3:13-17.

    Ni icitegererezo ikihe Yezu yashizeho ku bijanye n’ibatisimu ihabwa abigishwa biwe (Zab. 40:7, 8; Mat. 28:19, 20; Luka 3:21, 22)?

  2. Soma Matayo 4:1-11.

    Ukuntu Yezu yakoresha Ivyanditswe mu buryo bw’ubuhanga, bituremesha gute kwama twiga Bibiliya (Mat. 4:5-7; 2 Pet. 3:17, 18; 1 Yoh. 4:1)?

  3. Soma Yohana 1:29-51.

    Yohani Umubatizi yerekeza abigishwa biwe kuri nde, kandi dushobora kumwigana gute muri iki gihe (Yoh. 1:29, 35, 36; 3:30; Mat. 23:10)?

  4. Soma Yohana 2:1-12.

    Igitangaro ca mbere Yezu yakoze cerekanye gute yuko Yehova ata kintu na kimwe ciza yima abasavyi biwe (Yoh. 2:9, 10; Zab. 84:11; Yak. 1:17)?

Inkuru ya 89

Yezu Ahumānura Urusengero

  1. Ni kubera iki ibitungwa biriko bigurishirizwa ku rusengero?

  2. Yezu ashavujwe n’iki?

  3. Nk’uko ubibona kuri iyo shusho, Yezu akora iki, agaca ategeka iki abagabo bariko bagurisha inuma?

  4. Abigishwa ba Yezu babonye ivyo Yezu ariko arakora, baca bibuka iki?

  5. Igihe Yezu asubiye i Galilaya, aca mu ntara iyihe?

Ibibazo vy’inyongera:

  1. Soma Yohana 2:13-25.

    Uravye ingene Yezu yarakiye abavunjira amahera mu rusengero, dukwiye kubona gute ivy’ukugirira urudandaza mu Ngoro y’Ubwami (Yoh. 2:15, 16; 1 Kor. 10:24, 31-33)?Inkuru ya 90

Yezu n’Umugore kw Iriba

  1. Ni kubera iki Yezu yahagaze kw’iriba i Samariya, kandi ariko abwira iki umugore ng’aho?

  2. Ni kubera iki nya mugore atangara, Yezu na we amubwira iki, kandi abimubwira kubera iki?

  3. Nya mugore yiyumvira ko Yezu ariko avuga amazi bwoko ki, mugabo mu vy’ukuri Yezu ashaka kuvuga amazi ayahe?

  4. Ni kubera iki wa mugore atangazwa n’ivyo Yezu azi kuri we, kandi ayo makuru yayaronse gute?

  5. Inkuru y’umugore Yezu yasanze kw’iriba itwigisha iki?

Ibibazo vy’inyongera:

  1. Soma Yohana 4:5-43.

    1.     

    2.    

    3.     

Inkuru ya 91

Yezu Yigishiriza ku Musozi

  1. Kuri iyo shusho, Yezu ariko yigishiriza hehe, kandi abo bamwegereye cane ni bande?

  2. Vuga amazina ya za ntumwa 12.

  3. Ubwami Yezu ariko arigisha ni ubuhe?

  4. Yezu yigisha abantu gusenga Imana basaba iki?

  5. Yezu avuga iki ku kungene abantu bakwiye gufata abandi?

Ibibazo vy’inyongera:

  1. Soma Matayo 5:1-12.

    Ni mu buryo ki dushobora kwerekana ko tuzi yuko dukeneye ivy’impwemu (Mat. 5:3; Rom. 10:13-15; 1 Tim. 4:13, 15, 16)?

  2. Soma Matayo 5:21-26.

    Muri Matayo 5:23, 24 hashimika gute ku vy’uko ubucuti dufitaniye n’abavukanyi bacu bugira ico bukoze ku bucuti dufitaniye na Yehova (Mat. 6:14, 15; Zab. 133:1; Kol. 3:13; 1 Yoh. 4:20)?

  3. Soma Matayo 6:1-8.

    Ni ubwoko ubuhe bw’ukwibona ukugororoka abakirisu babwirizwa kwamirira kure (Luka 18:11, 12; 1 Kor. 4:6, 7; 2 Kor. 9:7)?

  4. Soma Matayo 6:25-34.

    Yezu yigishije iki ku vy’uko dukeneye kwizigira Yehova ku bijanye n’ivyo dukenera vy’umubiri (Kuv. 16:4; Zab. 37:25; Flp. 4:6)?

  5. Soma Matayo 7:1-11.

    Ikigereranyo gikora ku mutima co muri Matayo 7:5 kitwigisha iki (Imig. 26:12; Rom. 2:1; 14:10; Yak. 4:11, 12)?

Inkuru ya 92

Yezu Azura Abapfuye

  1. Se w’ako gakobwa kari kuri iyo shusho ni nde, kandi ni kubera iki se wako be n’umugore wiwe bahagaritse umutima cane?

  2. Yayiro agira iki abonye Yezu?

  3. Haba iki Yezu agiye kwa Yayiro, kandi ni ubutumwa ubuhe Yayiro aronka ari ku nzira?

  4. Ni kubera iki abantu bari kwa Yayiro batwenga Yezu?

  5. Yezu amaze kwinjirana n’intumwa ziwe zitatu hamwe na se na nyina ba ka gakobwa mu cumba karimwo, aca agira iki?

  6. Ni bande kandi Yezu yazuye mu bapfuye, kandi ivyo vyerekana iki?

Ibibazo vy’inyongera:

  1. Soma Luka 8:40-56.

    Ni mu buryo ki Yezu yeretse wa mugore yari arwaye ubutinyanka yuko amwumvira imbabazi be n’uko amutahura, kandi ni igiki abakurambere bakirisu bokwigira kuri ivyo muri iki gihe (Luka 8:43, 44, 47, 48; Lew. 15:25-27; Mat. 9:12, 13; Kol. 3:12-14)?

  2. Soma Luka 7:11-17.

    Ni kubera iki ababuze ababo boshobora guhumurizwa cane n’inyishu Yezu yahaye wa mupfakazi w’i Nayini (Luka 7:13; 2 Kor. 1:3, 4; Heb. 4:15)?

  3. Soma Yohana 11:17-44.

    Yezu yerekanye gute yuko gutuntuzwa no kubura uwawe ari ikintu gisanzwe (Yoh. 11:33-36, 38; 2 Sam. 18:33; 19:1-4)?

Inkuru ya 93

Yezu Agaburira Ishengero

  1. Ni ikintu kibi ikihe cashikiye Yohani Umubatizi, kandi gituma Yezu amererwa gute?

  2. Yezu agaburira gute isinzi ry’abantu bamukurikiye, kandi hasigara ibifungurwa bingana iki?

  3. Ni kubera iki abigishwa batinya mw’ijoro, kandi Petero bimugendera gute?

  4. Yezu agaburira gute abantu ibihumbi ubugira kabiri?

  5. Ni kubera iki bizoba ari vyiza cane Yezu niyaganza isi ari Umwami yashizweho n’Imana?

Ibibazo vy’inyongera:

  1. Soma Matayo 14:1-32.

    1.  

    2.        

  2. Soma Matayo 15:29-38.

    Yezu yerekanye gute ko yubaha ibintu vy’umubiri Se atanga (Mat. 15:37; Yoh. 6:12; Kol. 3:15)?

  3. Soma Yohana 6:1-21.

    Abakirisu muri iki gihe bashobora gukurikiza gute akarorero ka Yezu ku bijanye n’intwaro (Yoh. 6:15; Mat. 22:21; Rom. 12:2; 13:1-4)?

Inkuru ya 94

Arakunda Abana Batobato

  1. Intumwa zariko ziharira ku biki igihe zari mu nzira zivuye ku rugendo rwa kure?

  2. Ni kubera iki Yezu ahamagara umwana mutoyi akamuhagarika hagati y’intumwa?

  3. Ni mu buryo ubuhe intumwa zikwiye kwiga kumera nk’abana?

  4. Inyuma y’amezi makeyi, Yezu yerekana gute ko akunda abana?

Ibibazo vy’inyongera:

  1. Soma Matayo 18:1-4.

    Ni kubera iki Yezu yakoresha imigani mu kwigisha (Mat. 13:34, 36; Mrk. 4:33, 34)?

  2. Soma Matayo 19:13-15.

    Ni kamere izihe z’abana batoyi dutegerezwa kwigana nimba dushaka kuzoronka ku mihezagiro izozanwa n’Ubwami (Zab. 25:9; 138:6; 1 Kor. 14:20)?

  3. Soma Mariko 9:33-37.

    Yezu yigishije iki abigishwa biwe ku vyerekeye uguharanira ibibanza vy’icubahiro (Mrk. 9:35; Mat. 20:25, 26; Gal. 6:3; Flp. 2:5-8)?

  4. Soma Mariko 10:13-16.

    Yezu yegereka ku rugero rungana iki, kandi abakurambere bakirisu bashobora kwigira iki ku karorero kiwe (Mrk. 6:30-34; Flp. 2:1-4; 1 Tim. 4:12)?

Inkuru ya 95

Ingene Yezu Yīgisha

  1. Ni igiki umuntu umwe abaza Yezu, kandi akimubariza iki?

  2. Yezu rimwe na rimwe mu kwigisha akoresha iki, kandi tumaze kwiga ibiki ku vyerekeye Abayahudi n’Abasamariya?

  3. Mu nkuru Yezu yigana, ni ibiki bishikira Umuyahudi yari ku rugendo aja i Yeriko?

  4. Bigenda gute igihe umuherezi w’Umuyahudi n’Umulewi bazananye nya nzira?

  5. Kuri iyo shusho, ni nde ariko arafasha wa Muyahudi yagirirwa nabi?

  6. Yezu arangije kwigana nya nkuru, ni ikibazo ikihe abaza, kandi nya mugabo yishura ngw’iki?

Ibibazo vy’inyongera:

  1. Soma Luka 10:25-37.

    1.   

    2.    

Inkuru ya 96

Yezu Akiza Abarwayi

  1. Yezu agira iki igihe agendagenda mu ntara?

  2. Haheze imyaka nk’itatu Yezu abatijwe, ni igiki abwira intumwa ziwe?

  3. Abo bantu bari kuri iyo shusho ni bande, kandi Yezu akorera iki uwo mugore?

  4. Ni kubera iki inyishu Yezu atanga ku majambo yo kumurwanya y’abakuru b’idini atuma bateterwa?

  5. Igihe Yezu n’intumwa ziwe begereje Yeriko, Yezu akorera iki abasezi babiri b’impumyi?

  6. Ni kubera iki Yezu akora ibitangaro?

Ibibazo vy’inyongera:

  1. Soma Matayo 15:30, 31.

    Ni ukwigaragaza gutangaje ukuhe kw’ububasha bwa Yehova guhishurwa biciye kuri Yezu, kandi gukwiye gukora iki ku kuntu dutahura ivyo Yehova yaraganye ku bijanye n’isi nshasha (Zab. 37:29; Yes. 33:24)?

  2. Soma Luka 13:10-17.

    Kuba Yezu yakoze bimwe mu bitangaro vyiwe bikomakomeye kw’Isabato, vyerekana gute ukuntu azoruhura abantu ku Ngoma yiwe y’imyaka igihumbi (Luka 13:10-13; Zab. 46:9; Mat. 12:8; Kol. 2:16, 17; Ivyah. 21:1-4)?

  3. Soma Matayo 20:29-34.

    Iyo nkuru yerekana gute ko Yezu atigeze agira vyinshi akora ku buryo adashobora gufasha abantu, kandi dushobora kwigira iki kuri ivyo (Gus. 15:7; Yak. 2:15, 16; 1 Yoh. 3:17)?

Inkuru ya 97

Yezu Aje nk’Umwami

  1. Yezu ashitse mu gisagara gitoyi hafi y’i Yeruzalemu, abwira abigishwa biwe kugira iki?

  2. Kuri iyo shusho, ni ibiki biba igihe Yezu ashitse hafi y’igisagara ca Yeruzalemu?

  3. Abana batoyi bagira iki babonye Yezu akiza impumyi n’ibimuga?

  4. Yezu abwira iki abaherezi bashavuye?

  5. Dushobora gute kumera nk’abo bana bashemeje Yezu?

  6. Abigishwa bashaka kumenya iki?

Ibibazo vy’inyongera:

  1. Soma Matayo 21:1-17.

    1.     

    2.        

  2. Soma Yohana 12:12-16.

    Kuba abashemeza Yezu bakoresheje amashami y’ibigazi bigereranya iki (Yoh. 12:13; Flp. 2:10; Ivyah. 7:9, 10)?

Inkuru ya 98

Ku Musozi w’Imyelayo

  1. Kuri iyo shusho, Yezu ni uyuhe, kandi barya bari kumwe na we ni bande?

  2. Abaherezi bagerageje kugira iki Yezu mu rusengero, na we ababwira iki?

  3. Intumwa zibaza iki Yezu?

  4. Ni kubera iki Yezu abwira intumwa ziwe bimwebimwe mu bintu bizoba kw’isi igihe azoba aganza ari Umwami mw’ijuru?

  5. Ni ibiki Yezu avuga ko bizoba imbere y’uko akuraho ububi bwose kw’isi?

Ibibazo vy’inyongera:

  1. Soma Matayo 23:1-39.

    1.      

    2.      

  2. Soma Matayo 24:1-14.

    1.  

    2.      

  3. Soma Mariko 13:3-10.

    Ni amajambo ayahe ari muri Mariko 13:10 yerekana ko kwamamaza inkuru nziza vyihutirwa, kandi ayo majambo Yezu yavuze akwiye gutuma dukora iki (Rom. 13:11, 12; 1 Kor. 7:29-31; 2 Tim. 4:2)?

Inkuru ya 99

Mu Nzu yo Hejuru

  1. Nk’uko vyerekanwa kuri iyo shusho, Yezu n’intumwa ziwe 12 bariko bakora iki mu nzu yagutse yo hejuru?

  2. Urya muntu agiye ni nde, kandi agiye gukora iki?

  3. Ni imfungurwa zidasanzwe izihe Yezu atanguza bahejeje gufungura ku vya Pasika?

  4. Pasika yari iyo kwibutsa iki Abisirayeli, kandi ivyo bifungurwa bidasanzwe vyibutsa iki abigishwa ba Yezu?

  5. Inyuma y’Imfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba, Yezu abwira iki abigishwa biwe, na bo baca bagira iki?

Ibibazo vy’inyongera:

  1. Soma Matayo 26:14-30.

    1.  

    2.     

  2. Soma Luka 22:1-39.

    Ni mu buryo ki Shetani yinjiye muri Yuda (Luka 22:3; Yoh. 13:2; Ivyak. 1:24, 25)?

  3. Soma Yohana 13:1-20.

    1.   Kandi ni icigwa ikihe abasavyi b’Imana bashobora kwigira kuri ivyo (Ita. 4:7; 2 Kor. 2:11; Gal. 6:1; Yak. 1:13, 14)?

    2.    

  4. Soma Yohana 17:1-26.

    Yezu yasengeye abigishwa biwe ngo babe “umwe” mu buryo ki (Yoh. 17:11, 21-23; Rom. 13:8; 14:19; Kol. 3:14)?

Inkuru ya 100

Yezu Ari mw Itongo

  1. Yezu n’intumwa ziwe baja hehe bamaze kuva mu nzu yo hejuru, kandi Yezu ababwira kugira iki?

  2. Yezu asanga vyifashe gute agarutse aho intumwa ziwe ziri, kandi ivyo biba kangahe?

  3. Ni bande binjira mw’itongo, hanyuma Yuda Isikariyoti akagira iki nk’uko iyi shusho ivyerekana?

  4. Ni kubera iki Yuda asoma Yezu, kandi Petero na we agira iki?

  5. Yezu abwira iki Petero, mugabo ni kubera iki Yezu adasaba Imana ngo irungike umumarayika n’umwe?

Ibibazo vy’inyongera:

  1. Soma Matayo 26:36-56.

    1.      

    2.    

  2. Soma Luka 22:39-53.

    Igihe umumarayika yabonekera Yezu mw’itongo ry’i Getsemane ngo amuhe intege, vyoba vyerekana ko Yezu yari yahungabanye mu kwizera? Sigura (Luka 22:41-43; Yes. 49:8; Mat. 4:10, 11; Heb. 5:7).

  3. Soma Yohana 18:1-12.

    Yezu yakingiye gute abigishwa biwe ababarwanya, kandi dushobora kwigira iki kuri ako karorero (Yoh. 10:11, 12; 18:1, 6-9; Heb. 13:6; Yak. 2:25)?

Inkuru ya 101

Yezu Yicwa

  1. Ni nde canecane yagirwa n’urupfu rwa Yezu?

  2. Intumwa zikora iki igihe Yezu afashwe n’abakuru b’idini?

  3. Ni ibiki bibera i muhira kwa Kayifa umuherezi mukuru?

  4. Ni kubera iki Petero asohoka akaja kurira?

  5. Yezu bamaze kumusubiza kwa Pilato, abakuru b’abaherezi basemerera ngw’iki?

  6. Ni ibiki bishikira Yezu ku wa gatanu inyuma y’umutaga, kandi ni ibiki araganira igisuma kimanitswe ku giti hambavu yiwe?

  7. Iparadizo Yezu yavuze izoba iri hehe?

Ibibazo vy’inyongera:

  1. Soma Matayo 26:57-75.

    Ni mu buryo ki abari bagize Sentare nkuru y’Abayuda berekanye ko imitima yabo yari mibi (Mat. 26:59, 67, 68)?

  2. Soma Matayo 27:1-50.

    Ni kubera iki dushobora kuvuga yuko umubabaro Yuda yiyumvisemwo utari uw’ukuri (Mat. 27:3, 4; Mrk. 3:29; 14:21; 2 Kor. 7:10, 11)?

  3. Soma Luka 22:54-71.

    Ni icigwa ikihe dushobora gukura ku kuba Petero yarihakanye Yezu mw’ijoro bwaca agurwa akongera agafatwa (Luka 22:60-62; Mat. 26:31-35; 1 Kor. 10:12)?

  4. Soma Luka 23:1-49.

    Yezu yakoze iki ku karenganyo yagiriwe, kandi ni icigwa ikihe dushobora gukura kuri ivyo (Luka 23:33, 34; Rom. 12:17-19; 1 Pet. 2:23)?

  5. Soma Yohana 18:12-40.

    Ukuba Petero yarasubiranye akaba intumwa nziza utoraba naho yari amaze umwanya mutoyi akongatajwe n’ugutinya abantu, vyerekana iki (Yoh. 18:25-27; 1 Kor. 4:2; 1 Pet. 3:14, 15; 5:8, 9)?

  6. Soma Yohana 19:1-30.

    1.      

    2.     

Inkuru ya 102

Yezu ni Muzima

  1. Uwo mugore aboneka kuri iyo shusho ni nde, barya bagabo babiri na bo bakaba bande, kandi bari hehe?

  2. Ni kubera iki Pilato abwira abaherezi gutuma abasoda kurinda imva ya Yezu?

  3. Ni igiki umumarayika agira mu mutwenzi ku musi ugira gatatu kuva Yezu apfuye, mugabo ba baherezi na bo bagira iki?

  4. Ni kubera iki abagore bamwe batangara bagiye kuraba imva ya Yezu?

  5. Ni kubera iki Petero na Yohani biruka bakaja ku mva ya Yezu, kandi basanga ibintu bimeze gute?

  6. Ikiziga ca Yezu vyakigendeye gute, mugabo akora iki kugira ngo yereke ba bigishwa biwe ko ari muzima?

Ibibazo vy’inyongera:

  1. Soma Matayo 27:62-66 na 28:1-15.

    Igihe Yezu yazuka, ni mu buryo ki abakuru b’abaherezi, Abafarizayo be n’abagabo b’inararibonye bacumuye ku mpwemu yera (Mat. 12:24, 31, 32; 28:11-15)?

  2. Soma Luka 24:1-12.

    Inkuru yerekeye izuka rya Yezu yerekana gute yuko Yehova abona abakenyezi nk’amasura yo kwizigirwa (Luka 24:4, 9, 10; Mat. 28:1-7)?

  3. Soma Yohana 20:1-12.

    Muri Yohana 20:8, 9 hadufasha gute kubona ko bikenewe yuko turindira igihe tuba tudatahura neza iranguka ry’ubuhanuzi bunaka bwa Bibiliya (Imig. 4:18; Mat. 17:22, 23; Luka 24:5-8; Yoh. 16:12)?

Inkuru ya 103

Mu Cumba Cugaye

  1. Mariya abwira iki umugabo yibaza ko ari umurimyi, mugabo ni igiki gituma amenya ko ari Yezu vy’ukuri?

  2. Ni ibiki bishikira abigishwa babiri bariko baja i Emawusi?

  3. Ni ikintu gitangaje ikihe gishika igihe ba bigishwa babiri babwiye intumwa yuko babonye Yezu?

  4. Yezu yabonekeye abigishwa biwe incuro zingahe?

  5. Toma avuga iki igihe yumvise ko abigishwa babonye Umukama, ariko ni igiki gishika inyuma y’imisi umunani?

Ibibazo vy’inyongera:

  1. Soma Yohana 20:11-29.

    Muri Yohana 20:23, Yezu yoba yariko avuga yuko abantu bafise uruhusha rwo kurekurira ivyaha? Sigura (Zab. 49:2, 7; Yes. 55:7; 1 Tim. 2:5, 6; 1 Yoh. 2:1, 2).

  2. Soma Luka 24:13-43.

    Twotegura gute umutima wacu kugira ngo ubashe kwakira ukuri kwa Bibiliya (Luka 24:32, 33; Ezr. 7:10; Mat. 5:3; Ivyak. 16:14; Heb. 5:11-14)?

Inkuru ya 104

Yezu Asubira mw Ijuru

  1. Umusi umwe Yezu abonwa n’abigishwa bangahe, kandi ababwira ibiki?

  2. Ubwami bw’Imana ni iki, kandi ubuzima bwo kw’isi buzoba bumeze gute igihe Yezu azoba atwara ari Umwami mu kiringo c’imyaka igihumbi?

  3. Yezu amaze imisi ingana iki yiyereka abigishwa biwe, mugabo ubu na ho ni igihe c’uko agira iki?

  4. Hagisigaye gato ngo Yezu atandukane n’abigishwa biwe, ababwira gukora iki?

  5. Kuri iyi shusho ubona hariko haba iki, kandi vyagenze gute ngo Yezu ntibabe bakimubona?

Ibibazo vy’inyongera:

  1. Soma 1 Ab’i Korinto 15:3-8.

    Ni igiki catumye intumwa Paulo ivugana ukujijuka nk’ukwo ku biraba izuka rya Yezu, kandi ni ibiki abakirisu na bo bashobora kuvuga bajijutse muri iki gihe (1 Kor. 15:4, 7, 8; Yes. 2:2, 3; Mat. 24:14; 2 Tim. 3:1-5)?

  2. Soma Ivyakozwe n’intumwa 1:1-11.

    Igikorwa co kwamamaza cashitse hehe nk’uko vyari vyavuzwe mu Vyakozwe n’intumwa 1:8 (Ivyak. 6:7; 9:31; 11:19-21; Kol. 1:23)?

Inkuru ya 105

Barindīrira i Yeruzalemu

  1. Nk’uko iyo shusho ivyerekana, ni ibiki bishikira abigishwa ba Yezu bari barindiririye i Yeruzalemu?

  2. Ni ikintu ikihe gitangaza ba kavantara baje i Yeruzalemu?

  3. Petero asigurira abantu ibiki?

  4. Abantu bamererwa gute bamaze kwumva ivyo Petero avuze, kandi ababwira gukora iki?

  5. Kuri uwo musi wa Pentekote yo mu 33 G.C., habatizwa abantu bangahe?

Ibibazo vy’inyongera:

  1. Soma Ivyakozwe n’intumwa 2:1-47.

    1.     

    2.       

    3.     

Inkuru ya 106

Bakurwa mw Ibohero

  1. Ni ibiki bishikira Petero na Yohani umusi umwe inyuma y’umutaga igihe bariko baja mu rusengero?

  2. Petero abwira iki umugabo w’ikimuga, kandi ni igiki Petero amuha c’agaciro karuta amahera?

  3. Abakuru b’idini bashavuzwa n’iki, bagaca bagira iki Petero na Yohani?

  4. Petero abwira iki nya bakuru b’idini, na bo bagaca babuza izo ntumwa gukora iki?

  5. Ni kubera iki ba bakuru b’idini bagira ishari, mugabo ni ibiki bishika igihe intumwa zishizwe mw’ibohero ubugira kabiri?

  6. Intumwa zishura ngw’iki igihe zizanywe muri Sentare nkuru?

Ibibazo vy’inyongera:

  1. Soma Ivyakozwe n’intumwa 3:1-10.

    Naho tudahabwa ububasha bwo gukora ibitangaro muri iki gihe, amajambo Petero yavuze yo mu Vyakozwe n’intumwa 3:6 adufasha gute gutegera agaciro k’ubutumwa bw’Ubwami (Yoh. 17:3; 2 Kor. 5:18-20; Flp. 3:8)?

  2. Soma Ivyakozwe n’intumwa 4:1-31.

    Igihe duhuye n’abaturwanya iyo turi mu busuku, dukwiye kwigana gute abavukanyi bacu bakirisu bo mu kinjana ca mbere (Ivyak. 4:29, 31; Ef. 6:18-20; 1 Tes. 2:2)?

  3. Soma Ivyakozwe n’intumwa 5:17-42.

    Abatari Ivyabona bamwebamwe, baba aba kera canke ab’ubu, berekanye gute ko bakora ibitegereka ku bijanye n’umurimo wo kwamamaza (Ivyak. 5:34-39)?

Inkuru ya 107

Sitefano Aterwa Amabuye

  1. Sitefano ni nde, kandi Imana yamufashije gukora iki?

  2. Ni ibiki Sitefano avuga bigatuma abakuru b’idini bashavura cane?

  3. Aho nya bagabo bamariye gukwegera Sitefano hanze y’igisagara, bamugira iki?

  4. Kuri iyo shusho, urya musore ahagaze hambavu y’imitamana ni nde?

  5. Imbere y’uko Sitefano asandaba, asaba Yehova iki?

  6. Twebwe mu kwigana Sitefano dukwiye gukora iki igihe hagize umuntu atugirira nabi?

Ibibazo vy’inyongera:

  1. Soma Ivyakozwe n’intumwa 6:8-15.

    Ni ibintu vy’uruhendo ibihe abakuru b’idini bagerageza gukoresha kugira bahagarike igikorwa co kwamamaza kirangurwa n’Ivyabona vya Yehova (Ivyak. 6:9, 11, 13)?

  2. Soma Ivyakozwe n’intumwa 7:1-60.

    1.     

    2.    

Inkuru ya 108

Mu Nzira Ija i Damasiko

  1. Sauli akora ibiki Sitefano amaze kwicwa?

  2. Igihe Sauli ari ku nzira aja i Damasiko, ni ikintu gitangaje ikihe kiba?

  3. Yezu abwira Sauli gukora iki?

  4. Yezu ategeka Ananiya gukora iki, kandi bigenda gute ngo Sauli asubire kubona?

  5. Sauli arahava akitwa nde, kandi akoreshwa mu biki?

Ibibazo vy’inyongera:

  1. Soma Ivyakozwe n’intumwa 8:1-4.

    Ni gute uruhamo rukaze rwashikiye ishengero rya gikirisu ryari rihejeje gushingwa rwatumye ukwizera kwa gikirisu gukwiragira henshi, kandi ni ibintu ibihe bisa n’ivyo vyashitse muri ibi bihe turimwo (Ivyak. 8:4; Yes. 54:17)?

  2. Soma Ivyakozwe n’intumwa 9:1-20.

    Ni igikorwa ikihe kirimwo bitatu Yezu yahishuye ko yari abikiye Sauli (Ivyak. 9:15; 13:5; 26:1; 27:24; Rom. 11:13)?

  3. Soma Ivyakozwe n’intumwa 22:6-16.

    Twebwe dushobora gute kumera nka Ananiya, kandi ni kubera iki ivyo bihambaye (Ivyak. 22:12; 1 Tim. 3:7; 1 Pet. 1:14-16; 2:12)?

  4. Soma Ivyakozwe n’intumwa 26:8-20.

    Ni mu buryo ki uguhinduka kwa Sauli akaba umukirisu ari indemesho ku babana n’abatizera muri iki gihe (Ivyak. 26:11; 1 Tim. 1:14-16; 2 Tim. 4:2; 1 Pet. 3:1-3)?

Inkuru ya 109

Petero Aja kwa Koroneliyo

  1. Kuri iyo shusho, urya muntu apfukamye ni nde?

  2. Ni ibiki umumarayika abwira Koroneliyo?

  3. Ni ibiki Imana ituma Petero abona igihe ari mu nzu yo hejuru kwa Simoni i Yopa?

  4. Ni kubera iki Petero abwira Koroneliyo yuko adakwiye gupfukama ngo amusenge?

  5. Ni kubera iki abigishwa b’Abayahudi bari kumwe na Petero batangaye?

  6. Ni icigwa gihambaye ikihe dukura ku rugendo Petero yagize kwa Koroneliyo?

Ibibazo vy’inyongera:

  1. Soma Ivyakozwe n’intumwa 10:1-48.

    Amajambo Petero yavuze dusanga mu Vyakozwe n’intumwa 10:42 yerekana iki ku vyerekeye igikorwa co kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami (Mat. 28:19; Mrk. 13:10; Ivyak. 1:8)?

  2. Soma Ivyakozwe n’intumwa 11:1-18.

    Ni agatima nyabaki Petero yagize igihe ubuyobozi Yehova atanze ku vyerekeye Abanyamahanga bwigaragaza, kandi twokwigana gute akarorero yatanze (Ivyak. 11:17, 18; 2 Kor. 10:5; Ef. 5:17)?

Inkuru ya 110

Timoteyo—Umufasha wa Paulo

  1. Kuri iyo shusho, uwo musore ni nde, aba hehe, kandi nyina wiwe na inakuru bitwa ngw’iki?

  2. Timoteyo yishura ngw’iki igihe Paulo amubajije ko yoshima kujana na Sila be na Paulo nyene mu gikorwa co gutwara inkuru nziza kure?

  3. Ni hehe abigishwa ba Yezu bitiwe abakirisu ari bwo bwa mbere?

  4. Inyuma y’aho Paulo, Sila na Timoteyo baviriye i Lusitira, bimwebimwe mu bisagara bagendeye ni ibihe?

  5. Timoteyo afasha Paulo gute, kandi ni ikibazo ikihe abakiri bato bakwiye kwibaza muri iki gihe?

Ibibazo vy’inyongera:

  1. Soma Ivyakozwe n’intumwa 9:19-30.

    Intumwa Paulo yerekanye gute ko yiyubara igihe yahura n’abarwanya inkuru nziza (Ivyak. 9:22-25, 29, 30; Mat. 10:16)?

  2. Soma Ivyakozwe n’intumwa 11:19-26.

    Inkuru ivugwa mu Vyakozwe n’intumwa 11:19-21, 26 yerekana gute yuko impwemu ya Yehova iriko irarongora abantu yongera iberekeza ku gikorwa c’ukwamamaza?

  3. Soma Ivyakozwe n’intumwa 13:13-16, 42-52.

    Ibivugwa mu Vyakozwe n’intumwa 13:51, 52 vyerekana gute yuko abigishwa bataretse ngo ukurwanywa kubace intege (Mat. 10:14; Ivyak. 18:6; 1 Pet. 4:14)?

  4. Soma Ivyakozwe n’intumwa 14:1-6, 19-28.

    Imvugo ngo “babaragiza [“Yehova” NW]” idufasha gute kwikurako amaganya adakenewe igihe dufasha abashasha (Ivyak. 14:21-23; 20:32; Yoh. 6:44)?

  5. Soma Ivyakozwe n’intumwa 16:1-5.

    Umutima ukunze Timoteyo yagize wo kwemera gukebwa werekana neza gute yuko bihambaye gukora “vyose . . . kubg’ubutumwa bgiza” (Ivyak. 16:3; 1 Kor. 9:23; 1 Tes. 2:8)?

  6. Soma Ivyakozwe n’intumwa 18:1-11, 18-22.

    Mu Vyakozwe n’intumwa 18:9, 10 herekana iki ku biraba uruhara Yezu ubwiwe yagira mu vyo kuyobora igikorwa co kwamamaza, kandi ivyo bidukura amazina ku biki muri iki gihe (Mat. 28:20)?

Inkuru ya 111

Umuhungu Yasinziriye

  1. Kuri iyo shusho, uwo muhungu arambaraye hasi ni nde, kandi vyamugendeye gute?

  2. Paulo agira iki aho aboneye ko nya muhungu yapfuye?

  3. Paulo, Timoteyo be n’abandi vyagendanye bariko baja hehe, kandi ni ibiki biba igihe bahagaze i Mileto?

  4. Umumenyeshakazoza Agabo aburira Paulo ngwiki, kandi ni gute vyabaye nk’uko nyene uwo mumenyeshakazoza yari yabivuze?

Ibibazo vy’inyongera:

  1. Soma Ivyakozwe n’intumwa 20:7-38.

    1.     

    2.     

  2. Soma Ivyakozwe n’intumwa 26:24-32.

    Paulo yakoresheje gute ubwenegihugu bwiwe bw’Abaroma mu gushitsa ibanga yari yashinzwe na Yezu ryo kwamamaza inkuru nziza (Ivyak. 9:15; 16:37, 38; 25:11, 12; 26:32; Luka 21:12, 13)?

Inkuru ya 112

Imeri Isābira mw Izinga

  1. Ni ibiki bishikira imeri (ubwato) Paulo arimwo igihe iciye hafi y’izinga ryitwa Kirete?

  2. Paulo abwira iki abari muri ubwo bwato?

  3. Bigenda gute ngo nya bwato bumenagurike?

  4. Ni ibiki umukuru w’abasoda ategeka, kandi ni bangahe bashika i rusi?

  5. Izinga baca bashikako ryitwa ngw’iki, kandi Paulo bimugendera gute ijuru rimaze gutamuruka canke kumera neza?

Ibibazo vy’inyongera:

  1. Soma Ivyakozwe n’intumwa 27:1-44.

    Ukwizigira yuko inkuru Bibiliya ivuga ari iz’ukuri, gukomezwa gute iyo dusomye inkuru ivuga ivy’urugendo Paulo yagize i Roma (Ivyak. 27:16-19, 27-32; Luka 1:3; 2 Tim. 3:16, 17)?

  2. Soma Ivyakozwe n’intumwa 28:1-14.

    Nimba abapagani baba i Melita baravyuriwe umutima wo kugirira neza “vyiza vy’abantu” intumwa Paulo hamwe na bagenzi biwe bari kumwe na we mu bwato, abakirisu bakwiye kuvyurirwa umutima wo kugaragaza iki, na canecane mu buhe buryo (Ibik. 28:1, 2, Ubwuzure Bushasha; Heb. 13:1, 2; 1 Pet. 4:9)?

Inkuru ya 113

Paulo i Roma

  1. Ni bande Paulo yigisha igihe apfungiwe i Roma?

  2. Kuri iyo shusho, uyo mushitsi ariko yandikira ku meza ni nde, kandi ariko akorera iki Paulo?

  3. Epafurodito ni nde, kandi ni ibiki agenda atwaye igihe asubiye i Filipi?

  4. Ni kubera iki Paulo yandikira ikete mugenzi we bakundana cane ari we Filemoni?

  5. Paulo apfunguwe aca akora iki, maze mu nyuma bimugendera gute?

  6. Yehova akoresha nde mu kwandika ibitabu vya nyuma vya Bibiliya, kandi igitabu c’Ivyahishuriwe cigana ibiki?

Ibibazo vy’inyongera:

  1. Soma Ivyakozwe n’intumwa 28:16-31 n’Ab’i Filipi 1:13.

    Paulo yakoresheje gute umwanya wiwe igihe yari apfungiwe i Roma, kandi ukwizera kwiwe kudahungabana kwakoze iki kw’ishengero rya gikirisu (Ivyak. 28:23, 30; Flp. 1:14)?

  2. Soma Ab’i Filipi 2:19-30.

    Ni ibiki Paulo yavuze mu gukenguruka ku biraba Timoteyo na Epafurodito, kandi twokwigana gute akarorero ka Paulo (Flp. 2:20, 22, 25, 29, 30; 1 Kor. 16:18; 1 Tes. 5:12, 13)?

  3. Soma Filemoni 1-25.

    1.    

    2.      

  4. Soma 2 Timoteyo 4:7-9.

    Nka kumwe kw’intumwa Paulo, ni kubera iki twokwizigira tudakeka yuko Yehova azoduha impera nitwaguma turi intahemuka gushika kw’iherezo (Mat. 24:13; Heb. 6:10)?

Inkuru ya 114

Iherezo ry’Ibibi Vyose

  1. Ni kubera iki Bibiliya ivuga ivy’amafarasi ari mw’ijuru?

  2. Indwano Imana izorwana n’abantu babi kw’isi yitwa ngw’iki, kandi iyo ntambara ifise intumbero iyihe?

  3. Uravye kuri iyo shusho, ni nde azoja imbere mu kurwana? Ni kubera iki yambaye igitsibo, kandi inkota yiwe isobanura iki?

  4. Usubiye kuraba Inkuru ya 10, 15 n’iya 33, ni kubera iki tudakwiye gutangazwa n’uko Imana izokuraho abantu babi?

  5. Inkuru ya 36 n’iya 76 zitwereka gute yuko Imana izohonya abantu babi naho bivugisha ngo barayisenga?

Ibibazo vy’inyongera:

  1. Soma Ivyahishuriwe 19:11-16.

    1.     

    2.    

    3.    

Inkuru ya 115

Iyindi Paradizo kw Isi

  1. Bibiliya yerekana ko tuzohimbarwa n’ibintu bimeze gute mw’Iparadizo kw’isi?

  2. Bibiliya isezeranira ibiki abazoba baba mw’Iparadizo?

  3. Ni ryari Yezu azoshirwa abonye ibintu bihindutse bikamera nk’uku?

  4. Igihe Yezu yari ng’aha kw’isi, ni ibiki yakoze kugira ngo yerekane ivyo azokora niyaba Umwami w’Ubwami bw’Imana?

  5. Yezu hamwe n’abazoba bamufasha kuganza bazoshirwa ari uko bigenze gute igihe bazoba baganza isi bari mw’ijuru?

Ibibazo vy’inyongera:

  1. Soma Ivyahishuriwe 5:9, 10.

    Ni kubera iki dushobora kwizigira tudakeka yuko abazoba baganza isi mu gihe ca ya Ngoma y’imyaka igihumbi bazoba ari abami n’abaherezi b’impuhwe n’ikigongwe (Ef. 4:20-24; 1 Pet. 1:7; 3:8; 5:6-10)?

  2. Soma Ivyahishuriwe 14:1-3.

    Kuba izina rya Se n’iry’Umwagazi w’intama vyanditswe mu ruhanga rwa ba bandi 144.000 bisobanura iki (1 Kor. 3:23; 2 Tim. 2:19; Ivyah. 3:12)?

Inkuru ya 116

Gukorera Ubuzima Bwamaho

  1. Dukwiye kubanza kumenya iki nitwaba dushaka kubaho imyaka yose?

  2. Ivyerekeye Yehova Imana na Yezu twovyiga gute nk’uko vyerekanwa na karya kana k’agakobwa be na bagenzi bako kuri iyo shusho?

  3. Ni ikindi gitabu ikihe ubona kuri iyo shusho, kandi ni kubera iki dukwiye kwama tugisoma?

  4. Uretse ukumenya ivyerekeye Yehova na Yezu, ni igiki kandi gikenewe kugira ngo tuzoronke ubuzima budahera?

  5. Ni icigwa ikihe dukura mu Nkuru ya 69?

  6. Akarorero keza ka wa mwana Samweli mu Nkuru ya 55 kerekana iki?

  7. Twokwigana gute akarorero ka Yezu Kirisitu, kandi nitwabigira gutyo ni ibiki tuzoshobora gushikako muri kazoza?

Ibibazo vy’inyongera:

  1. Soma Yohana 17:3.

    Ivyanditswe vyerekana gute yuko kwiga ivyerekeye Yehova Imana n’Umwana wiwe Yezu Kirisitu bidasobanura gusa gufata ibintu ku mutwe (Mat. 7:21; Yak. 2:18-20; 1 Yoh. 2:17)?

  2. Soma Zaburi 145:1-21.

    1.   

    2.   

    3.