Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IGICE CA 8

Ivyo Bibiliya Ivuze Birashika

Ivyo Bibiliya Ivuze Birashika

Bibiliya ntiyigana inkuru z’ivyabaye kera gusa, ariko yigana n’ibizoba muri kazoza. Abantu ntibashobora kwigana ivya kazoza. Ico ni co kitumenyesha ko Bibiliya iva ku mana. Bibiliya ivuga iki ku vyerekeye kazoza none?

Yigana ivy’indwano y’Imana. Muri iyo ndwano Imana izohanagura iyi si iyikize abantu babi n’ibibi bakora, ariko izigame abayikorera. Umwana w’Imana Yezu Kirisitu azoshirwa abonye ko abakozi b’Imana bari mu mahoro no mu gahimbare, ko batakirwara kandi batagipfa.

Turashobora kunezerezwa n’uko Imana izozana iyindi paradizo ngaha kw isi, si ko? Ariko ni twaba dushaka kuzoyibamwo, hari ivyo dutegerezwa gukora. Mu nkuru ya nyuma y’iki gitabu, turiga ivyo twokora kugira ngo turonke ivyiza Imana yaziganirije abayikorera. Soma rero IGICE CA 8, umenye ivya kazoza bivugwa na Bibiliya.