Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

INKURU YA 116

Gukorera Ubuzima Bwamaho

Gukorera Ubuzima Bwamaho

URAZI igitabu ako kana n’abo bagenzi bako bariko barasoma? Ni iki nyene uriko urasoma—Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya. Kandi bariko barasoma iyi nkuru nyene uriko urasoma—“Gukorera Ubuzima Bwamaho.”

Urazi ico bariko bariga? Ngo ni twaba dushaka kubaho imyaka yose, dukwiye kubanza kumenya Yehova n’Umwana wiwe Yezu. Bibiliya ivuga ko ‘uburyo bwo kuronka ubuzima budahera ari ubu: kwiga ivyerekeye Imana y’ukuri yonyene, hamwe n’ivy’Umwana yatumye kw isi Yezu Kirisitu.’

Inkuru ziberekeye twoziga gute? Ubwa mbere ni ugusoma Igitabu canje c’Inkuru za Bibiliya, kuva ku ntango gushika ku mpera. Kirigana vyinshi vyerekeye Yehova na Yezu, si ko? Kirigana kandi inkuru z’ivyo bākoze n’ivyo bazokora. Hariho n’ibindi dukwiye gukora turetse gusoma iki gitabu.

Urabona ico gitabu kindi kiri hasi? Ni Bibiliya. Saba ko bagusomera Ivyanditswe vya Bibiliya vyavuyemwo inkuru z’iki gitabu cawe. Bibiliya iratanga inyigisho nyinshi dukeneye ngo dukorere Yehova neza, duheze turonke ubuzima budahera. Dukwiye rero kwama tuyisoma.

Ntibikwiye ko tumenya Yehova na Yezu gusa. Turashobora kubamenya neza hamwe n’inyigisho zabo, ariko ntituronke ubuzima budahera. Urazi ikindi gikenewe?

Dukwiye gukurikiza ivyo twiga. Uribuka Yuda Isikariyoti? Yari muri bamwe 12 Yezu yatora ngo babe intumwa ziwe. Yari azi rwose Yehova na Yezu. Vyamugendeye gute none? Hashize imisi, atangura kwikunda, agurisha Yezu ku bansi amahera 30. Yuda rero ntazoronka ubuzima budahera.

Uribuka Gehazi umwe twiga mu nkuru ya 69? Yashimye gutwara impuzu n’amahera bitari ivyiwe. Yarabeshe kugira ngo abironke, Yehova aca aramuhana. Natwe nyene azoduhana ni tutubaha amategeko yiwe.

Ariko hariho abantu beza benshi bākoreye Yehova baguma ari abizigirwa. Tubīgane, si ko? Wa mwana Samweli ni akarorero keza twokurikira. Nk’uko twabibonye mu nkuru ya 55, ibuka ko igihe yatangura gukorera Yehova mw ihema yiwe, yari amaze imyaka ine canke itanu. N’aho rero woba ukiri umwana gute, urashobora gukorera Yehova.

Birumvikana ko uwo twokurikira twese ari Yezu Kirisitu. Nk’uko inkuru ya 87 yabitweretse, n’aho yari akiri umwana yari mu rusengero, yiganira abantu ivya Se wo mw ijuru. Tumwigane, tubwire abantu benshi ivyerekeye Yehova Imana y’agatangaza, na Yezu Kirisitu Umwana wiwe. Tubigize gutyo, tuzobaho imyaka yose mu yindi paradizo izoza kw isi.