Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

INKURU YA 114

Iherezo ry’Ibibi Vyose

Iherezo ry’Ibibi Vyose

IVYO ubona ngaha ni ibiki? Ni abasoda bari ku mafarasi yera. Ariko rāba neza iyo baje bava. Baje bava mw ijuru bari ku bicu! Hari amafarasi aba mw ijuru none?

Oyaye, ayo si amafarasi nyakuri. Tubimenyeshwa n’uko amafarasi adashobora kugendera ku bicu, si ko? Ariko Bibiliya iravuga ivy’amafarasi ari mw ijuru. Urazi igituma?

Ni uko amafarasi yigeze gukoreshwa cane mu ndwano. Ni co gituma Bibiliya ivuga ivy’abantu bavuye mw ijuru bari ku mafarasi, ngo yerekane ko Imana ishaka kurwana n’abantu kw isi. Aho barwanira hitwa Haru-Magedoni. Iyo ndwano ni iy’ugukuraho ibibi vyose kw isi.

Yezu ni we azoyirongōra. Ibuka ko Yezu ari we yatowe n’Imana ngo abe umwami mu ntwaro yayo, ni co gituma yambaye urugori rw’abami. Iyo nkota na yo yerekana ko azokwica abansi b’Imana bose. Dutangazwe n’uko Imana izokwica abanyakibi bose?

Subira urābe inkuru igira 10. Ubona iki? Isegenya yishe abantu babi. Imana Yehova ni yo yayizanye. Ubu na ho rāba inkuru ya 15. I Sodoma n’i Gomora haturiwe n’umuriro Yehova yatumye.

Zingurura ku nkuru ya 33. Rāba ibishikiye amafarasi n’imikogote y’indwano y’Abanyamisiri. Ni nde yatumye amazi abarengera? Ni Yehova. Yabigize kugira ngo akingire abantu biwe. Rāba ku nkuru ya 76, Yehova araretse abantu biwe ngo bicwe kubera ibibi bakora.

Ntidutangazwe rero n’uko Yehova azotuma ingabo ziwe zo mw ijuru gukuraho ibibi vyose kw isi. Hazoca haba iki none? Zingurura urupapuro tubirābe.