Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

INKURU YA 80

Abisirayeli Bava i Babiloni

Abisirayeli Bava i Babiloni

IMYAKA nk’ibiri yari iheze Abamedi n’Abaperesi bafashe Babiloni. Rāba ivyo biriko biraba ubu! Abisirayeli bariko bava i Babiloni. Babohowe bate? Ni nde abarekuye?

Ni Kuro umwami w’i Buperesi. Imyaka myinshi imbere y’uko avuka, Yehova yabwiye umumenyesha kazoza wiwe Yesaya kwandika ivyerekeye Kuro ati: ‘Uzonkorera ivyo ngomba. Bazokwugururira inzira, uce wigarurira igisagara.’ Abāfashe Babiloni Kuro ni we yabarongōye. Abamedi n’Abaperesi baje mw ijoro basanga imiryango y’igisagara iruguruye, baca barinjira.

Yesaya umumenyesha kazoza wa Yehova yari yavuze kandi ko Kuro yotegetse ko Yeruzalemu n’urusengero bisubira kwubakwa. Ivyo yarabitegetse none? Egome. Ni co gituma yabwiye Abisirayeli ati: ‘Ni mugende i Yeruzalemu, mwubake urusengero rwa Yehova Imana yanyu.’ Aba ubona ni co bagiye gukora.

Abisirayeli bose ntibāshoboye gusubira i Yeruzalemu. Rwari urugendo rw’ibirometero bishika 800. Benshi bari bashaje canke barwaye cane, kandi hariho n’izindi mvo zatumye badasubirayo. Kuro abwira abadasubiyeyo ati: ‘Abo basubiyeyo ni mubahe ifeza, inzahabu n’ibindi.’

Abāsubiye i Yeruzalemu rero bāraronse ibintu vyinshi. Kuro abaha za nzavya na vya bikombe Umwami Nebukadinezari yanyaga mu rusengero i Yeruzalemu igihe yarusenyura. Bāgiye rero batwaye ibintu vyinshi cane.

I Yeruzalemu bāhashitse igihe kigeze, haheze nk’amezi ane bari mu nzira. Kuva aho igisagara gisenyuriwe, igihugu kigasigara ari amatongo, imyaka 70 yari iheze. N’aho bari bagarutse iwabo, ingorane ntizabuze nk’uko tuza kubibona.