Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

INKURU YA 81

Bizeye Imfashanyo y’Imana

Bizeye Imfashanyo y’Imana

ABANTU bashika 50 000 ni bo bavuye i Babiloni. Bashitse basanga i Yeruzalemu ni amatongo nta muntu n’umwe ahaba. Bātegerezwa rero gusubira kwubaka vyose.

Uruhimbi ni rwo rwari urwa mbere mu vyo babanje kwubaka vyose. Uruhimbi ni ahantu bashikanira Yehova ibitungwa. Hashize amezi make batangura kwubaka urusengero. Ariko abansi bāba hafi y’aho ntibāshaka ko barwubaka. Baragerageza kubatera ubwoba ngo bareke. Munyuma abo bansi bosha umwami w’i Buperesi ngo ashinge itegeko ribabuza kubandanya kwubaka.

Imyaka irahera, iteba iba 17 kuva bavuye i Babiloni. Yehova atuma abamenyesha kazoza biwe Hagayi na Zekariya ngo babwire abantu basubire kwubaka, n’aho itegeko ryabibuza.

Umukuru wo muri Reta y’i Buperesi yitwa Tatenayi araza, ababaza uwabarekuriye kwubaka urusengero uwo ari we. Bamubwira ko igihe bari i Babiloni, umwami Kuro yababwiye ati: ’Nimugende i Yeruzalemu, mwubake urusengero rwa Yehova Imana yanyu.’

Tatenayi atuma ikete i Babiloni, kubaza ko Kuro igihe yari akiriho yigeze kuvuga ivyo. Ikete rivuye ku mwami mushasha w’i Babiloni riraza, rivuga ko Kuro yigeze kubivuga. Nya mwami yandika ati: ’Reka Abisirayeli bubake urusengero rw’Imana yabo, kandi ntegetse ko ubafasha.’ Mu myaka nk’ine urusengero rwari rwuzuye, abantu baranezerwa.

Iyindi myaka myinshi irahera, hafi ya 48 kuva aho urusengero rwuzuriye. I Yeruzalemu abantu bari bakene, igisagara n’urusengero ntivyari vyiza. Ezira umwisirayeli yari akiri i Babiloni, yumva ko urusengero rukeneye gusharizwa. Urazi ico yagize?

Yagiye kwa Aritazeruzi umwami w’i Buperesi, uwo mwami mwiza amuha ibintu vyinshi vyo gutahana i Yeruzalemu. Ezira asaba abisirayeli bāri i Babiloni ko bomufasha kubitwara. Abantu bashika 6000 baramwemerera. Bāgiye batwaye ifeza, inzahabu n’ibindi bintu vy’igiciro.

Ezira yari ahagaritswe umutima n’uko mu nzira hari abantu babi, bashobora kubanyaga ifeza n’inzahabu hanyuma bakabica. Aca arabakoranya nk’uko ubibona ngaha, basaba Yehova ngo abakingire mu rugendo rwabo.

Yarabakingiye bashika amahoro. Bāmaze amezi ane mu nzira. Ivyo ntivyerekana ko Yehova ashobora kuzigama abamwizigiye?