Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

INKURU YA 83

Urugo rw’i Yeruzalemu

Urugo rw’i Yeruzalemu

RABA ako kazi kariko gakorwa ngaha. Abisirayeli bariko bubaka urugo rw’i Yeruzalemu. Igihe Umwami Nebukadinezari yahayogeza imbere y’imyaka 152, n’urugo yararusenyuye, inzugi zarwo na zo araziturira. Abisirayeli bamaze kugaruka iwabo ntibashite barwubaka.

Kumara imyaka ingana uko mu gisagara kitazitiye, wibaza ko abantu bābibona bate? Imitima ntiyari mu nda. Abansi boje kubatera. Aha, uwo Nehemiya yariko ararwubakisha kandi. Urazi Nehemiya uwo ari we?

Ni umwisirayeli yaje ava i Shushani, hamwe Morodekayi na Esiteri bāba. Nehemiya yakora mu ngoro ibwami, yoba rero yari akundanye na Morodekayi hamwe n’umwamikazi Esiteri. Ariko Bibiliya ntivuga ko yari umusuku w’umwami Ahasuwerusi umugabo wa Esiteri. Yari umusuku wa Aritazeruzi, umwami yasubiriye Ahasuwerusi.

Ibuka ko Aritazeruzi yari umwami mwiza, yahaye Ezira amahera menshi ngo ayajane i Yeruzalemu gushariza urusengero rwa Yehova, ariko ntiyubatse urugo rwari rwarasenyutse. Reka turabe uko vyagenze kugira ngo Nehemiya abe ari we arwubaka.

Hāri haheze imyaka 13 Aritazeruzi ahaye Ezira amahera. Ico gihe Nehemiya yari umukuru w’abakevyi b’umwami, ni ukuvuga abamuhereza umuvinyu, kandi bakarāba ngo ntihagire uwumuha ishano. Ako ni akazi keza cane.

Umusi umwe, Hanani mwenewabo na Nehemiya hamwe n’abandi bantu, baja kumurāba bavuye mu gihugu c’Abisirayeli. Bamubwira amakuba barimwo n’ingene urugo rw’i Yeruzalemu rutarubakwa. Biramubabaza cane, aca asaba Yehova.

Umusi umwe, umwami abona ko atanezerewe. Ati ‘ni kuki usa n’uwubabaye cane?’ Amwishura ko ari uko i Yeruzalemu hōnonekaye, kandi urugo rwasenyuwe. Umwami ati: ‘Ushaka iki none?’

Ati ‘ndekura njeyo, kugira ngo ndarwubake.’ Umwami Aritazeruzi yari mwiza cane, aramurungika, amufasha no kuronka ibiti vyo kwubakisha. Amaze gushikayo, abwira abantu icamuzanye. Barabishima cane, bati ‘ni muze dutangure.’

Abansi babonye urugo ruhagaze, bati ‘tuzoja kubīca, bace bareka kwubaka.’ Nehemiya aravyumva, aca aha abakozi inkota n’amacumu, ati ‘ntimubatinye, murwanire benewanyu, abana n’abagore hamwe n’amazu yanyu.’

Abantu ntibātinya namba. Bitwaza ibirwanisho vyabo ku murango no mw ijoro, akazi na ko kakabandanya. Mu misi 52 baba bararwujuje, imitima isubira mu nda. Nehemiya na Ezira bigisha abantu amategeko y’Imana, na bo baranezerwa.

Ariko ibintu ntivyari bimeze nk’uko vyari biri imbere y’uko bajanwa nk’imbohe i Babiloni. Bari basigaye bagabwa n’umwami w’i Buperesi, kandi bategerezwa kumukorera. Ariko Yehova yaraganye ko azotuma umwami mushasha, azozanira abantu amahoro. Uwo mwami ni nde? Azoyazana ate kw isi? Imyaka ishika 450 yaheze agakuru kiwe kadasubiye kwumvikana. Munyuma umwana ahambaye aravuka. Iyo ni iyindi nkuru.