Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

INKURU YA 55

Agahungu Gakorera Imana

Agahungu Gakorera Imana

AKO gahungu ntubona ko ari keza? Kitwa Samweli. Uyo na we ashize ukuboko ku mutwe wa Samweli ni Eli umuherezi mukuru w’Abisirayeli. Abo na bo ni Elikana se wa Samweli na Hana nyina wiwe, bamuzanye kwa Eli. Samweli amaze nk’imyaka ine canke itanu gusa, ariko aje kubana na Eli hamwe n’abandi baherezi mw ihema ya Yehova. Ni kuki Elikana na Hana batanze umwana mutoyi nk’uyo ngo akorere Yehova kw ihema yiwe? Reka turabe.

Imyaka mikeyi imbere y’aho, Hana yari yijiriwe kubera ko adafise umwana kandi amwipfuza cane. Umusi umwe, Hana aja kw ihema ya Yehova arasenga ati: ‘Ewe Yehova, ntunyibagire! Umpaye akana, ndakuraganiye ko noca ndakaguha, kakagukorera gushika gupfa.’

Yehova yumva ugutakamba kwiwe, hashize amezi atari make avyara Samweli. Hana yarakunda cane ako gahungu, atangura kukigisha Yehova kakiri gato rwose. Abwira umugabo wiwe ati: ‘Ni kamara gucuka, ubwo nyene nzoca ndakajana kw ihema ya Yehova kamukorere.’

Ivyo ni vyo Hana na Elikana bariko bagira kuri iki gishushanyo. Kubera ko abavyeyi bākigishije rwose, na ko nyene karahimbawe no kuja gukorera Yehova mw ihema yiwe. Rimwe mu mwaka, Hana na Elikana bāma baza gusengera Yehova muri iyo hema, bakarāba n’agahungu kabo. Kandi Hana yama akazanira impuzu nziza yagashoneye rimwe mu mwaka.

Imyaka irahera, Samweli aguma akorera mw ihema ya Yehova. Yehova n’abantu bāramukunda. Ariko abana ba Eli umuherezi mukuru: Hofini na Finehasi ntibari beza. Bākora ibibi vyinshi, kandi bārosha n’abandi kugambararira Yehova. Eli yari akwiye kubakūra ngo ntibabe abaherezi, ariko ntiyabigize.

Mu bibi vyose vyakorerwa mw ihema ya Yehova, nta na kimwe cabujije umwana Samweli gukorera Yehova. Kubera ko abākunda Yehova bari bake cane, hāri hashize igihe kirekire atavugana n’umuntu n’umwe. Ngibi ivyabaye Samweli amaze gukura gato:

Samweli yari aryamye mw ihema ya Yehova, ijwi riramukangura, aca aritaba ati ‘sabwe!’ Aravyuka aja kwa Eli ati: ‘Wampamagaye none ndarengutse.’

Eli ati: ‘Sinaguhamagaye subira kuryama.’ Asubirayo.

Risubira kumuhamagara riti: ‘Samweli!’ Aravyuka asubira kwa Eli ati: ‘Wampamagaye none ndarengutse.’ Eli ati: ‘Sinaguhamagaye mwananje genda uryame.’ Asubirayo.

Rya jwi rirongera ubugira gatatu riti: ‘Samweli!’ Arirukanga no kwa Eli ati: ‘Ndarengutse, kuko ubu ho umpamagaye.’ Eli aca aramenya ko ari Yehova amuhamagara. Ati ‘genda uryame, ni wumva ryongeye kuguhamagara uvuge uti: “Yaga Yehova, umusuku wawe ariko arumviriza.” ’

Uko ni ko Samweli yishuye Yehova asubiye kumuhamagara. Yehova amubwira ko agiye guhana Eli n’abahungu biwe. Abo bahungu bagwa mu ndwano y’Abafilisiti, Eli avyumvise agwa hasi avunika izosi aca arapfa. Iryo Imana yavuze riraranguka.

Samweli arakura, aba umucamanza wa nyuma w’Abisirayeli. Amaze gusaza abantu bamusaba bati: ‘Dutorere umwami adutware.’ Samweli aravyanka kubera ko Yehova ari we yari umwami wabo. Ariko Yehova amubwira ngo n’abumvirize.