Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

INKURU YA 45

Bajabuka Uruzi Yorodani

Bajabuka Uruzi Yorodani

EHE RABA! Abisirayeli bariko bajabuka Uruzi Yorodani! Amazi ari he none? Kubera ko muri ico gihe imvura igwa cane, bajabutse ruhejeje kwuzura. Ariko raba amazi yakamye! Bariko baca ahumutse, nka kumwe bajabuka Ikiyaga Gitukura! Amazi yose yaroye he? Reka turabe.

Hageze ko Abisirayeli bajabuka Uruzi Yorodani, Yehova abwira Yosuwa ngo abarire abantu ati: ‘Abaherezi barerure isandugu y’isezerano baja imbere. Bazopfa gukoza ikirenge mu mazi, amazi ace ahagarara.’

Abaherezi rero baterura isandugu y’isezerano batuja imbere, binjira mu mazi ya Yorodani. Umukuba wari ukaze, kandi ibenga ryari rinini. Ibirenge vyabo bishitse mu mazi, amazi aca arareka gutemba! Ico ni igitangaro! Yehova yari yagomereye amazi haruguru, uruzi ruca rurakama!

Abaherezi bareruye isandugu y’isezerano baja guhagarara hagati mu ruzi rwamaze gukama. Barabe ngabo ku gishushanyo. Abisirayeli bose baca ahumutse barajabuka Yorodani!

Yehova yari yabwiye Yosuwa ngo abantu bose ni bamara kujabuka, ace abwira abagabo bakomeye 12 ati: ‘Ni mwinjire mu ruzi harya abaherezi bahagaze, mutore amabuye 12, muyarunde aho muza kurara uno musi. Abana muzovyara ni bababaza, bati aya mabuye ni ay’iki? Muzobabwira muti: Amazi yarahagaze igihe isandugu y’isezerano ya Yehova yajabuka Yorodani. Ayo mabuye azobibutsa iki gitangaro!’ Yosuwa na we nyene ashinga amabuye 12 aho abaherezi bari bahagaze mu ruzi.

Munyuma Yosuwa abwira abaherezi bareruye isandugu y’isezerano ati: ‘Ni mujabuke.’ Bapfuye kuvayo, uruzi rusubira gutemba.