Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

INKURU YA 47

Igisuma mu Bisirayeli

Igisuma mu Bisirayeli

RABA ivyo uwo muntu ariko arahamba mw ihema yiwe! Ni impuzu nziza, inzahabu n’ifeza yakuye i Yeriko. Ibintu vy’i Yeriko vyari kugirwa iki? Uracavyibuka?

Vyari guturirwa, inzahabu n’ifeza bikaba ari vyo bajana mu bubiko bw’ihema ya Yehova. Abo bantu rero bari bagambarariye Imana, biba ibintu vyayo. Uwo mugabo yitwa Akani, abo na bo biri kumwe ni bamwe mu biwe. Reka turabe uko biza kugenda.

Akani amaze kwiba ivyo bintu, Yosuwa atuma abantu gutera igisagara c’i Ayi. Baratsindwa; bamwe baricwa abasigaye barahunga. Yosuwa biramubabaza cane. Aca arambarara hasi asenga Yehova ati: ‘Ni kuki waretse ngo ivyo bidushikire?’

Yehova amwishura ati: ‘Haguruka! Abisirayeli bacumuye. Batwaye ivyari guturirwa canke gushirwa mw ihema ya Yehova. Bivye impuzu nziza cane barayihisha. Sinzobahezagira mutarayiturira, uwayivye na we mukamwica.’ Yehova abwira Yosuwa ko aza kumwereka uwo muntu mubi uwo ari we.

Yosuwa aca akoranya abantu bose, muri bo Yehova atora Akani mubi. Akani avuga ati: ‘Nacumuye. Nabonye impuzu nziza, inzahabu n’ifeza numva ndabishatse cane nca ndabitwara. Mubisanga aho nabizitse mw ihema yanje.’

Babitoye babizanira Yosuwa. Abwira Akani ati: ‘Ni kuki wadukwegeye amarushwa? Ubu Yehova na we agiye kuguta mu vyago!’ Baca bamutera amabuye bo n’abiwe barabica. Ivyo ntivyerekana ko tudakwiye na gato gutwara ibintu bitari ivyacu?

Ivyo biheze, Abisirayeli basubira gutera Ayi. Ico gihe ho Yehova arabafasha baratsinda.