Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

INKURU YA 53

Indagano ya Yefuta

Indagano ya Yefuta

URAMAZE gutanga indagano hanyuma ugasanga biragumye kuyishitsa? Uyu ubona kuri iki gishushanyo yarabigize, ni co gituma yijiriwe cane. Uyo yari umucamanza adatinya w’Abisirayeli yitwa Yefuta.

Yefuta yabayeho igihe Abisirayeli bari bāhevye Yehova batangura gukora ibintu bibi, na we aca arareka Abamoni barabagirira nabi. Baramuborogera bati: ‘Twagucumuyeko, turakwinginze dutabare!’

Abantu barababazwa n’ibibi bākora, barihana basubira gusenga Yehova, na we yongera kubatabara.

Yefuta atorwa n’abantu ngo arwanye Abamoni babi. Yefuta yashaka cane ko Yehova amufasha mu ndwano. Aca amuraganira ati: ‘Ni wampa nkatsinda Abamoni, uwa mbere aza kunsanganira avuye mu nzu yanje ntahutse nca ndamuguha.’

Yehova yumva iyo ndagano ya Yefuta, aramufasha aratsinda. Ashitse i muhira, urazi uwasohotse ubwa mbere kumusanganira uwo ari we? Yari umukobwa wiwe, umwana w’ikinege. Yefuta avuza induru ati: ‘Yooo, mwananje! Urambabaje. Namaze kuraganira Yehova, nanje sinshobora guhindura.’

Nya mukobwa avyumvise, na we nyene abanza kubabara, kubera ko yategerezwa guheba se n’abagenzi, akaja i Shilo ahāri ihema ya Yehova, kumukorera gushika gupfa. Aca abwira se ati: ‘Ni waba watanze indagano kwa Yehova n’uyishitse.’

Uyo mukobwa wa Yefuta aca aja i Shilo, akorera Yehova mw ihema yiwe gushika gupfa. Abagore bo mu Bisirayeli bama baja kumuraba rimwe mu mwaka, bakamarana imisi ine banezerewe. Abantu bāramukunda kubera ko yakorera Yehova neza.