Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

INKURU YA 42

Indogoba Ivuga

Indogoba Ivuga

URAMAZE kwumva indogoba ivuga? Hari aho wokwishura uti ‘oyaye, ibikoko ntibishobora kuvuga.’ Bibiliya irigana ko ivyo vyabaye. Reka turabe uko vyagenze.

Abisirayeli bari begereje gushika i Kanani. Balaki umwami w’i Mowabu aratinya, aca atumako umupfumu yitwa Balamu kugira ngo abavume. Balaki amwemerera amahera menshi. Balamu yurira indogoba yiwe aja kwa Balaki.

Yehova ntiyashaka ko Balamu avuma abantu biwe, aca atuma umumarayika ari n’inkota ndende kumutangira. Balamu ntiyashobora kumubona, ariko indogoba yiwe yo yaramubona ikaguma imuhunga. Irateba iraryama hasi, Balamu arashavura ayikubita inkoni.

Yehova atuma Balamu yumva iriko iramubaza iti: ‘Nakugiriye iki kugira ngo unkubite?’

Na we ati: ‘Wampinduye ikizēze, iyo ngira inkota nari kukwica!’

Na yo iti: Hari aho nari bwakugirire ibintu nk’ibi?’

Na we ati: ‘Oyaye.’

Yehova aca yereka Balamu nya mumarayika ahagaze mu nzira n’inkota ndende mu minwe. Abaza Balamu ati: ‘Ni kuki wakubise indogoba yawe? Naje kugutangira ngo ntuje kuvuma Abisirayeli. Iyo itaja irampunga mba nakwishe ariko yo nkayireka.’

Balamu avuga ati: ‘Nacumuye, sinamenye ko uhagaze mu nzira.’ Nya mumarayika aramureka araja kwa Balaki. Aragerageza kubavuma gatatu kose, ariko Yehova akaza aramubwira kubahezagira.