Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

INKURU YA 36

Inyana y’Inzahabu

Inyana y’Inzahabu

YUUU! Ubona abo bantu bariko bagira ibiki? Bariko basenga inyana! Ni kuki bariko bagira ivyo none?

Musa yari yātevye ku musozi, abantu baca bavuga ngo ‘ntituzi ico yabaye.’ Bati ‘ingo rero dukore imana, ituyobore tuve ngaha.’

Aroni mwenewabo na Musa abishura ngo ‘ivyo ni vyo.’ Ati ‘ni mwiyambure ibisharizo vy’inzahabu biri ku matwi yanyu mubinzanire.’ Barabimuha arabiyaza, abicuramwo inyana. Bose baca bavuga bati: ‘Iyi ni yo mana yacu yadukuye i Misiri!’ Bararya, baratamba basenga iyo nyana.

Yehova abibonye arashavura cane. Abwira Musa ati: ‘Manuka n’ingoga, ba bantu bariko bakora nabi cane. Baramaze kwibagira ya mategeko yanje, bariko basenga inyana y’inzahabu.’

Musa arashunguruka, amaze kwegera asanga ni vyo bariko baragira koko. Bāriko bavyina kandi batambira nya nyana! Arashavura cane, ata hasi ya mabuye yariko amategeko arasanzara. Afata nya nyana arayiyaza, arayisya iba ifu.

Abo bantu bāri bakoze nabi cane. Musa abarira abagabo bamwe ngo bafate inkota, ati: ‘Abāsenze inyana bategerezwa gupfa.’ Bīca abantu 3 000! Ivyo ntivyerekana ko dukwiye kwirinda gusenga izindi mana kiretse Yehova?