Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

INKURU YA 41

Inzoka y’Umuringa

Inzoka y’Umuringa

ICO cizingiriye ku giti ubona ari inzoka nyakuri? Oyaye. Ni inzoka y’umuringa. Yehova yabwiye Musa ngo ayimanike ku giti, kugira ngo abantu bayiravye ntibapfe. Izo zindi ziri hasi ni inzoka nyakuri. Zirarya abantu bakarwara. Urazi igituma?

Ni uko Abisirayeli bagabiye Imana na Musa, bati: ‘Ni kuki wadukuye mu Misiri ukatuzana ngaha mu bugaragwa ngo tuhagwe? Nta vyokurya, nta n’amazi ahari, kandi twarambiwe no kurya iyi mana.’

Iyo mana yari iryoshe, kandi Yehova yari yakoze igitangaro mu kuyibaha. Yari yakoze ikindi gitangaro abaha amazi, ariko ntibigeze bamushimira ko yababungabunze. Aca rero atuma inzoka z’ubumara ngo abahane. Zarabakomoye, benshi muri bo barapfa.

Munyuma baja kwa Musa bamubwira bati: ‘Twacumuye, kubera ko twavuze nabi Imana na wewe, dusabire rero kwa Yehova adukureko izi nzoka.’

Musa arabasabira, Yehova amubwira ngo acure iyo nzoka y’umuringa. Amubwira kuyimanika ku giti, kugira ngo uwukomowe wese ashobore kuyiraba. Musa agira nk’uko Imana yamubariye. Uwakomorwa wese yaja kuyiraba agaca akira.

Ivyo biri n’ico bitwigisha. Twese tumeze nk’abo bisirayeli bakomowe n’izo nzoka. Twese turi mu nzira y’urupfu. Abantu barasaza, bararwara hanyuma bagapfa. Ivyo biterwa n’uko umugabo n’umugore ba mbere bāgābiye Yehova, kandi akaba ari bo batuvyaye twese. Ariko Yehova yararondeye uburyo bw’uko twobaho imyaka yose.

Yatumye Umwana wiwe Yezu Kirisitu kw isi. Yezu yamanitswe ku giti, kubera ko hari ababona ko ari mubi. Yehova yamutanze ngo adukize. Tumuravye tukamukurikira, dushobora kuronka ubuzima budahera. Tuzovyiga neza munyuma.