Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

INKURU YA 34

Ivyokurya vy’Ubundi Bwoko

Ivyokurya vy’Ubundi Bwoko

URAZI ivyo abo bantu bariko baratora hasi? Bimeze nk’urubura. Birera, birabāse kandi biramanyagurika. Si urubura ni ivyokurya.

Ukwezi kwari hafi guhera kuva Abisirayeli bavuye i Misiri. Bari mu bugaragwa, na ho ibihamera ni bike cane. Baca baridodomba bati: ‘Iyo Yehova apfuma atwicira mu Misiri, ho twararonka ivyokurya twashaka vyose.’

Yehova aca avuga ati: ‘Ngiye gutuma ivyokurya bikoroka biva mu kirere.’ Uko ni ko yagize. Bukeye, aho baboneye nya bintu vyera vyakorotse, barabazanya bati: ‘Ivyo ni ibiki?’

Musa arabishura ati: ‘Ivyo ni ivyokurya Yehova yabahaye.’ Baca bavyita MANA. Vyasosa nk’ubuki.

Musa ati: ‘Umwe umwe wese n’atore ivyo ashobora kurya agaheza.’ Uko ni ko bagira imisi yose mu gitondo. Izuba rikomeye, mana yasigaye hasi yose yaca iyonga.

Musa ababwira kandi ati:‘ Ntihagire uwuyiraza.’ Ariko bamwe ntibagamburutse. Urazi ivyabaye? Bukeye, mana bari baraje yari yuzuye inyo, yatanguye kunuka!

Umusi umwe gusa ni wo Yehova yabarekuriye gutora iyiruta iyo bahora batora kabiri. Wari umusi ugira 6. Yehova yababwiye kandi ko bayiraza, kubera ko ku musi w’indwi atayo yakorora. Barayiraza, bukeye nta nyo bayisangamwo, kandi ntiyanuka! Ico ni ikindi gitangaro!

Imyaka yose Abisirayeli bamaze mu bugaragwa, Yehova yabagaburira mana.