Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

INKURU YA 51

Rusi na Nawomi

Rusi na Nawomi

MURI Bibiliya harimwo igitabu citwa Rusi. Cigana inkuru y’umuryango wimutse igihe Abisirayeli batwarwa n’abacamanza. Rusi yari umugore w’i Mowabu akiri muto, atasenga Imana Yehova. Amaze kwumva ivy’iyo Mana y’ukuri Yehova, aca arayikunda cane. Nawomi na we yari umutamakazi yafashije Rusi kumenya Yehova.

Nawomi yari umugore wo mu Bisirayeli. We hamwe n’umugabo wiwe n’abana babiri, bari bimukiye i Mowabu igihe amapfa yari yateye mu Bisirayeli. Umusi umwe, umugabo wiwe arapfa. Munyuma abahungu biwe babira abakobwa b’i Mowabu, Rusi na Orupa. Hashize nk’imyaka 10, abahungu biwe barapfa. Yooo! Ese ukuntu Nawomi n’abo bakobwa bababaye! Nawomi aza kubigira ate none?

Umusi umwe, Nawomi ashaka gufata urugendo rwa kure ngo asubire iwabo. Rusi na Orupa ntibashaka kumuheba, baca barajana. Begeye imbere, Nawomi ati: ‘Ni musubire i muhira, mubane n’abavyeyi banyu.’

Mu kubasezera arabahobera. Baca bararira, kubera ko bamukunda cane. Bati ‘reka! reka tujane dushikane mu b’iwanyu.’ Na we ati: ‘Kumbure musubire inyuma bananje! Vyoba vyiza mubaye i muhira iwanyu.’ Orupa aca asubira inyuma, ariko Rusi aranka.

Nawomi ati: ‘Orupa aragiye, nawe n’ugende i muhira mujane.’ Rusi ati: ‘Ntumbwire ko ndaguheba reka tujane! Aho uja nanje ni ho nja, aho uzoba nanje ni ho nzoba. Abantu bawe bazoba abanje, Imana yawe izoba iyanje. Aho uzogwa nanje ni ho nzogwa mbe ari ho mpambwa.’ Rusi amaze kuvuga ivyo, Nawomi ntiyasubiye kumurungika iwabo.

Abo bagore babiri barateba bashika mu gihugu c’Abisirayeli, barahaba. Buno nyene Rusi atangura kuja gukora mu mirima, kubera ko cari igihe c’igenya ry’ingano. Umugabo umwe yitwa Bowazi, aramureka aza aragenya mu murima iwe. Urazi nyina wa Bowazi uwo ari we? Yari Rahabu w’i Yeriko.

Umusi umwe Bowazi abwira Rusi ati: ‘Numvise ivyawe vyose, numvise n’ubuntu wagiriye Nawomi. Ndazi ko wahevye so na nyoko hamwe n’igihugu c’amavukiro, uza kubana n’abantu utari uzi. Yehova n’aguhezagire!’

Na we ati: ‘Ungiriye ubuntu bwinshi muhanyi wanje. Amajambo yawe meza arampojeje.’ Bowazi aramukunda cane, haciye imisi mike aramwabira. Ese ukuntu vyanezereje Nawomi! Cane cane yaranezerewe igihe bavyara umwana wabo wa mbere Obedi. Obedi ni we yabaye sekuru wa Dawidi. Munyuma turaza kwiga ibintu vyinshi vyerekeye Dawidi.

Igitabu ca Bibiliya citwa Rusi.