Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

INKURU YA 46

Urugo rw’i Yeriko

Urugo rw’i Yeriko

NI IGIKI gisenyuye urwo ruzitiro rw’i Yeriko? Wogira ngo ibombe ni yo irusenyaguye. Ico gihe nta mabombe yariho, nta n’inkoho zariho. Ni ikindi gitangaro ca Yehova. Reka turabe uko vyagenze.

Yehova yabwiye Yosuwa ati: ‘Murazunguruke igisagara rimwe ku musi, mubigire imisi itandatu. Muratware n’isandugu y’isezerano. Abaherezi indwi bazobaje imbere bariko bavuza inzamba.

‘Ku musi ugira indwi, muzozunguruke igisagara incuro indwi, hanyuma inzamba zivuge cane, mwese hamwe muvuze induru, urugo ruzoca rusenyuka!’

Yosuwa n’abantu bagira nk’uko Yehova yababwiye. Igihe baruzunguruka bose bari bacereje, nta n’umwe yavuga. Inzamba n’ibirenge ni vyo gusa vyumvikana. Ngira ngo abansi b’abantu b’Imana i Yeriko baragize ubwoba. Uyo mugozi uri mw idirisha urawubona? Iryo dirisha ni irya nde? Rahabu yari yagize bimwe ba batasi babiri basiga bamubwiye. Umuryango wiwe wose wari mu nzu urindiriye.

Ku musi ugira indwi, bahejeje kuzunguruka igisagara incuro indwi, inzamba zirasira, abantu baravuza induru, urugo ruca rurasenyuka. Yosuwa ati: ‘Ni mwice abantu bose, n’igisagara mugiturire. Muturire ibintu vyose kiretse ifeza, inzahabu, umuringa n’icuma; ivyo mubitware mu bubiko bw’ihema ya Yehova.’

Yosuwa abwira ba batasi babiri ati: ‘Ni mwinjire mu nzu ya Rahabu, mumusohokane hamwe n’abiwe bose.’ Nk’uko abatasi bari babimuraganiye, arokokana n’umuryango wiwe.