Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

INKURU YA 43

Yosuwa Aba Indongozi

Yosuwa Aba Indongozi

MUSA yashaka kujana n’Abisirayeli i Kanani, abwira Yehova ati: ‘Reka njabuke Uruzi Yorodani, ndabe ico gihugu ciza.’ Yehova amwishura ati: ‘Mbere ntusubire no kuvuga!’ Urazi igituma yamwishuye atyo?

Kubera ca gihe Musa yakubita ikibuye. Ibuka ko we bo na Aroni batashimagije Yehova. Ntibabwiye abantu ko ari Yehova aza gukura amazi mu kibuye. Kubera ico, Yehova yavuze ko atobaretse ngo binjire i Kanani.

Aroni amaze gupfa, hashira amezi makeyi Yehova abwira Musa ati: ‘Shira Yosuwa imbere ya Eleyazari umuherezi n’imbere y’ishengero, ubabwire ko Yosuwa ari we abaye indongozi.’ Raba ku gishushanyo, Musa yabigize gutyo nyene.

Yehova aca abwira Yosuwa ati: ‘Komera ntutinye. Uzokwinjiza Abisirayeli i Kanani nk’uko nabibaraganiye, kandi nzoba ndi kumwe nawe.’

Hanyuma Yehova abwira Musa ngo aduge umusozi Nebo uri i Mowabu. Ashitse hejuru kuri wo, atereza amaso hakurya ya Yorodani, abona igihugu ciza c’i Kanani. Yehova amubwira ati: ‘Raba igihugu ciza c’i Kanani. Yehova amubwira ati: ‘Raba igihugu naraganiye abana ba Aburahamu, ba Isaka na Yakobo. Kirabe, ariko ntuzocinjiramwo.’

Musa yaguye mu mpinga y’uwo musozi Nebo. Yari amaze imyaka 120. Yari agifise inguvu, kandi akibona neza. Abantu barababara cane, baramuririra. Ariko kandi barahimbawe n’uko baronse iyindi ndongozi Yosuwa.