Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IGICE CA 4

Kuva ku Mwami wa Mbere w’Abisirayeli Gushika ku Gihe c’Ubuja i Babiloni

Kuva ku Mwami wa Mbere w’Abisirayeli Gushika ku Gihe c’Ubuja i Babiloni

Sauli yabaye umwami wa mbere w’Abisirayeli. Hanyuma Yehova aramwanka, Dawidi aba ari we atorwa ngo abe umwami mu kibanza ciwe. Turaza kwumva vyinshi vyerekeye Dawidi. N’aho yari umwana, yarihanze igihangange Goliyati, hanyuma ahunga umwami Sauli. Abigayili umugore mwiza, amubuza gukora nabi.

Ivyo biheze, turiga ivya Salomo umuhungu wiwe, yatwaye Abisirayeli mu kibanza ca se. Abo bami ba mbere batatu, umwe umwe yatwaye Abisirayeli imyaka 40. Salomo amaze gupfa baca bigaburamwo kubiri, abo mu burarūko baronka umwami, abo mu bumanuko uwundi.

Ubwami bwo mu buraruko bugizwe n’imiryango 10, bwamaze imyaka 257 imbere y’uko Abasiriya babugeseza. Hashize imyaka 133, ubwo mu bumanuko bugizwe n’imiryango ibiri, na bwo nyene buragesera. Ico gihe Abisirayeli bajanwa mu buja i Babiloni. Igice ca KANE rero, cigana inkuru zishika ku nyota zabaye mu myaka 510.