Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

INKURU YA 57

Imana Itora Dawidi

Imana Itora Dawidi

URABONA ivyo bibaye? Uwo muhungu yatse iyo dubu akagazi k’intama. Iyo dubu yaje itwara uwo mwagazi ija kuwurya. Uwo muhungu ayoma inyuma, awukura mu kanwa kayo. Nya dubu imugurukirako, aca arayisūmira, arayikubita arayica! Ikindi gihe yatse intare intama. Uyo ntiwumva ko arinda? Urazi uwo ari we?

Ni umusore Dawidi yaba mu gisagara c’i Betelehemu. Sekuru yari Obedi, umuhungu wa Rusi na Bowazi. Uracabibuka? Se wa Dawidi yītwa Yese (Isayi). Dawidi yaragira intama za se. Kuva Yehova atoye Sauli ngo abe umwami, hāheze imyaka 10 Dawidi aca aravuka.

Igihe kiragera aho Yehova abwira Samweli ati: ‘Fata ya mavuta uje i Betelehemu kwa Yese, umwe mu bahungu biwe namutoye ngo abe umwami.’ Samweli abonye Eliyabu umwana wa Yese mukuru, aca arivuganya ngo ‘uyu ni we yatowe n’Imana koko.’ Yehova amubwira ati: ‘Ntumurābe uburebure n’ubwiza, uwo ntawe natoye.’

Yese aca ahamagara umuhungu wiwe Abinadabu. Samweli ati: ‘N’uyo nyene si we Yehova yatoye.’ Yese amuzanira abahungu biwe indwi, ariko muri bo nta n’umwe Yehova yatoye. Samweli ati: ‘Abahungu bawe ni aba gusa?’

Yese ati: ‘Hariho umuhererezi wabo, ariko si ho ari yagiye kuragira intama.’ Dawidi yinjiye mu nzu, Samweli abona ko ari umuhungu w’indanga. Yehova ati: ‘Ni uyo rero musukeko amavuta.’ Samweli arayamusukako. Igihe c’uko Dawidi agirwa umwami cashitse munyuma.