Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

INKURU YA 71

Iparadizo Twaraganiwe

Iparadizo Twaraganiwe

IYI ni ishusho y’iparadizo Imana yoba yareretse Yesaya umumenyesha kazoza wayo. Yesaya yabayeho munyuma ya Yona.

Iparadizo ni ukuvuga “itongo ryiza” canke “ikigo gisharije.” Ntikwibukije ikintu twamaze kwiga muri iki gitabu? Irasa cane na rya tongo ryiza Yehova yategurira Adamu na Eva, si ko? Isi yose izoteba ibe iparadizo none?

Yehova yabwiye umusavyi wiwe Yesaya kwandika ivy’iyindi paradizo azoha abantu biwe ati: ‘Amabingira n’intama bizobana mu mahoro. Imitavu n’abana b’intambwe bizorisha hamwe, umwana mutoyi azobiragira. N’umucuko nyene azokinira hambavu y’inzoka ikomora ntaco azoba.’

‘Hari abovuga ko ivyo bidashoboka, amarushwa kw isi yamyeho kandi azokwamaho.’ Iyumvīre: Adamu na Eva Imana yabagerereye ahantu hameze gute?

Yabashize mw iparadizo. Igituma bāyivuyemwo, barasaza hanyuma barapfa, ni uko batāyumviye. Imana yavuze ko abayikunda izobaha ivyo Adamu na Eva bātakaje.

Muri iyo paradizo izoza, nta kizobabaza canke ngo cice ikindi, hazoba hari amahoro nyakuri. Nta n’umwe azorwara. Bizomera nk’uko Imana yabishatse kuva mu ntango. Tuzokwiga uko izobigenza munyuma.