Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

INKURU YA 65

Ubwami Bucibwamwo Kubiri

Ubwami Bucibwamwo Kubiri

URAZI igituma uwo muntu ariko aratabura iyo mpuzu? Yehova ni we yabimubwiye. Yitwa Ahiya, umumenyesha kazoza. Uumumenyesha kazoza urazi uko ameze? Ni umuntu Imana ibwira imbere y’igihe ibizoba munyuma.

Aha Ahiya yariko aravugana na Yerobowamu. Yerobowamu yari uwo Salomo yashinze akazi ko kwubakisha. Bahuriye mu nzira, Ahiya akora igitangaza. Yiyambura impuzu nshasha yari yambaye, ayitaburamwo ibitambara 12, abwira Yerobowamu ati: ‘Twara 10.’ Urazi igituma yamuhaye ivyo bitambara 10?

Ahiya yavuze ko Yehova agiye kwaka Salomo ubwami, imiryango 10 ayihe Yerobowamu, ibiri gusa ibe ari yo Rehobowamu umuhungu wa Salomo asigara atwara.

Salomo avyumvise arashavura cane, ashaka kwica Yerobowamu, na we aca ahungira mu Misiri. Hashize imisi Salomo arapfa, amaze imyaka 40 atwara. Umuhungu wiwe Rehobowamu aba umwami. Yerobowamu iyo yari mu Misiri yumvise ko yapfuye, agaruka mu Bisirayeli.

Rehobowamu yari umwami mubi. Yarakarira abantu kurusha na se wiwe Salomo. Yerobowamu ajana n’abandi bantu bakuru, babwira umwami Rehobowamu ngo atware abantu neza. Aranka kwumva, mbere aca aba mubi kurusha uko yahora. Abantu baca bagira Yerobowamu umwami w’imiryango 10, ariko umuryango wa Benyamini n’uwa Yuda, umwami wabo aguma ari Rehobowamu.

Yerobowamu ntiyashaka ko abantu biwe baja i Yeruzalemu gusenga Yehova mu rusengero. Aca ahingura inyana zibiri z’inzahabu, abwira ya miryango 10 kuzisenga, igihugu nticateba kwuzuramwo inkozi z’ikibi.

No muri ya miryango 2 na ho nyene amatati aravyuka. Imyaka itarenga 5 iheze Rehobowamu ari ku ngoma, umwami w’i Misiri aja gutera i Yeruzalemu, atwara ibintu vyinshi vya Yehova vyari mu rusengero. Urusengero rero rwamaze igihe gito rukimeze nk’uko rwubatswe.