Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

INKURU YA 76

Yeruzalemu Haturirwa

Yeruzalemu Haturirwa

HARI hashize imyaka irenga 10 Umwami Nebukadinezari ajanye abisirayeli b’incabwenge i Babiloni. Ubu na ho rāba ibibaye! Yeruzalemu haraturiwe. Abatishwe bariko bajanwa nk’abanyororo i Babiloni.

Ibuka ko abamenyesha kazoza ba Yehova bari bavuze ko ivyo vyoshitse, Abisirayeli bataretse ibibi vyabo. Ariko ntibābumvirije, babandanya gusenga ibishusho mu gishingo ca Yehova. Bari bakwiye rero guhanwa. Tubimenyeshwa n’uko umumenyesha kazoza Ezekiyeli yavuze ibibi bākora.

Ezekiyeli uramuzi? Yari muri ya misore umwami Nebukadinezari yatwara i Babiloni, hasigaye imyaka irenga 10 ngo Yeruzalemu haturirwe. Daniyeli na bagenzi biwe batatu; Shadaraki, Meshaki na Abedinego bājanywe i Babiloni ico gihe nyene.

Ezekiyeli akiri i Babiloni, Yehova amwereka ibibi vyariko bigirirwa mu rusengero i Yeruzalemu. Yakoze igitangaro. Ezekiyeli yari i Babiloni, ariko Yehova amwereka ibiriko bibera mu rusengero vyose. Vyari ibintu bibi cane!

Ati ‘raba ivyo bibi vy’ubuyobe abantu bariko bakorera ngaha mu rusengero. Rāba impome zuzuyeko ibishusho vy’inzoka n’ivy’ibindi bikōko. Rāba kandi bariko barabisenga!’ Ezekiyeli arabibona aca aravyandika.

Yehova amubaza ati: ‘Urabona ivyo abakuru b’Abisirayeli bariko bakorera mu mpisho?’ Na vyo nyene arabirāba. Hāri abagabo 70, bose bariko basenga ibishusho, bavuga ngo ‘Yehova ntatubona, iki gihugu yaragihevye.’

Aca amwereka abagore bari kw irembo riri mu burarūko bw’urusengero, bicaye bariko basenga Tamuzi imana itari yo . Ati raba kandi barya bagabo bari mu muryango w’urusengero rwa Yehova! Bāri nka 25. Ezekiyeli ababona bunamye barāba mu buseruko, bariko basenga izuba!

Yehova ati: ‘Abo bantu ntibanyubaha. Bakora ibibi, bagatako bakaja kubikorera ku rusengero rwanje!’ Aca arabaraganira ati: ‘Bazobona uburake bwanje, kandi igihe bazotikizwa ntibizombabaza.’

Ezekiyeli amaze kwerekwa ivyo hashira imyaka itatu gusa, Abisirayeli bagarariza Umwami Nebukadinezari, na we aca aja kubarwanya. Inyuma y’umwaka umwe n’igice, urugo rw’i Yeruzalemu rurasenyurwa, baca barahaturira. Benshi baricwa, abandi bajanwa nk’imbohe i Babiloni.

Ni kuki Yehova yaretse Abisirayeli bagatikizwa gutyo? Ni uko batari bamwumviye ngo bubahe amategeko yiwe. Ivyo vyerekana ko bikwiye rwose ko twama dukora ivyo Imana ivuze.

Abantu bakeyi babanje kurekerwa mu gihugu c’Abisirayeli. Nebukadinezari agena Gedaliya ngo abe umukuru wabo, ariko bamwe muri bo baramwica. Batinya ko Abanyababiloni baza kubatikiza, baca bafata Yeremiya baramukwega bahungira mu Misiri.

Igihugu c’Abisirayeli gisigara ari amatongo, kimara imyaka 70 kigaragara ata muntu akibamwo. Ariko Yehova yari yasezeranye ko iyo myaka 70 iheze, azogarukana abantu biwe muri co. Iyo myaka yose bari i Babiloni ni ibiki vyabashikiye? Reka tubirabe.