Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IGICE CA 2

Kuva ku Mwuzure Gushika ku Gihe c’Ukubohorwa mu Misiri

Kuva ku Mwuzure Gushika ku Gihe c’Ukubohorwa mu Misiri

Abantu umunani gusa ni bo barokotse umwuzure; ariko munyuma baragwiriye baba ibihumbi vyinshi. Aburahamu yavutse haheze imyaka 352 isegenya ikamye. Turiga ingene Imana yamuhanguriye umuhango mu kumuha umwana yitwa Isaka. Hanyuma mu bana babiri ba Isaka, Imana itora Yakobo.

Yakobo yari afise umuryango munini ugizwe n’abahungu 12 hamwe n’abakobwa. Abahungu biwe cumi bāranka murumuna wabo mutoyi Yozefu, mbere baranamugurisha aja kuba umushumba mu Misiri. Munyuma, Yozefu aba umukuru ahambaye mu Misiri. Amapfa ateye, Yozefu aragerageza benese kugira ngo arābe ko bāmaze guta agatima kabi. Hanyuma Yakobo n’abiwe bose; Abisirayeli, bimukira mu Misiri. Ivyo vyabaye hashize imyaka 290 Aburahamu avutse.

Imyaka 215 yakurikiye, Abisirayeli bāyimaze bari mu Misiri. Yozefu amaze gupfa, baca baba abaja mu Misiri. Munyuma Musa aravuka, Imana ica iramukoresha, abohoza Abisirayeli bava mu Misiri. Igice ca KABIRI cigana ivyabaye mu myaka 857.