Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

INKURU YA 17

Amahasa Adasa

Amahasa Adasa

ABA bahungu babiri ubona ngaha baratandukanye, si ko? Urazi amazina yabo? Uwo muhigi yitwa Esau uwo mwungere w’intama na we ni Yakobo.

Esau na Yakobo bari amahasa ya Isaka na Rebeka. Isaka yakunda cane Esau kubera ko yabazanira inyama akuye mu ruhigi. Rebeka we yakunda Yakobo kubera ko yari umwana atekereje adasinda.

Sekuru wabo Aburahamu yari akiriho, Yakobo yarakunda kumwumviriza ariko amuyagira ivyerekeye Yehova. Munyuma Aburahamu arapfa. Yari amaze imyaka 175, ayo mahasa na yo amaze 15.

Esau amaze imyaka 40, arongora abagore babiri b’i Kanani. Birababaza cane Isaka na Rebeka, kubera ko abo bagore batāsenga Yehova.

Umusi umwe haba ikintu gituma Esau ashavurira mwenewabo Yakobo. Igihe c’uko Isaka ahezagira umwana wiwe mukuru kiragera. Kubera ko Esau ari we yari mukuru, yari yiteze ko aronka uwo muhezagiro. Ariko Esau yari yaramaze kuwugurisha kwa Yakobo. Bitayeko, imbere y’uko bavuka, Imana yari yavuze ko Yakobo ari we yowuronse. Uko ni ko vyabaye, Isaka yahezagiye Yakobo.

Esau avyumvise aca ashavurira Yakobo. Arashavura cane gushika aho avuga ko agomba kumwica. Rebeka avyumvise ahagarika umutima. Abwira umugabo wiwe Isaka ati: ‘Vyoba bibi cane Yakobo na we arongoye mu bakobwa b’i Kanani.’

Isaka aca ahamagara umuhungu wiwe Yakobo amubwira ati: ‘Nturongore mu bakobwa b’i Kanani, genda nyabuna i Harani kwa sogokuru Betuweli, urongore mu bakobwa ba Labani umuhungu wiwe.’

Yakobo arumviriza se wiwe, aca afata urugendo rwa kure aja i Harani, iyo incuti ziwe zaba.