Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

INKURU YA 32

Ibihano Cumi

Ibihano Cumi

RABA ivyo bishushanyo. Kimwe kimwe cose cerekana igihano Yehova yazanye mu Misiri. Ku ca mbere, Aroni yakubise inkoni yiwe mu ruzi Nili, amazi ahinduka amaraso. Ifi zarapfuye, amazi atangura kunuka.

Munyuma, Yehova aduza ibikere biva mu ruzi Nili bikwira hose—aho bokereza imikate, ku mapano no ku bitanda—ntaho vyasize. Ivyo bikere bimaze gupfa, baravyegeranya vyose biba ikigwi kinini, haca huzura umunuko.

Hanyuma Aroni akubita inkoni yiwe hasi, umukungugu uhinduka imibu. Imibu ni udukoko tuguruka kandi turyana. Iyo mibu cari igihano kigira gatatu.

Ibihano bisigaye vyashikiye Abanyamisiri gusa. Ica kane, vyari ibibugu vyakwiragiye mu nzu zose z’Abanyamisiri. Ica gatanu na co cashikiye ibitungwa: inka, intama n’impene nyinshi z’Abanyamisiri birapfa.

Munyuma Musa na Aroni basēsa umunyota mu kirere, abantu n’ibikōko birwara ibihute. Ico cari igihano ca 6.

Hanyuma Musa akiriza ukuboko hejuru, Yehova aca atuma imituragaro n’urubura, bitāri bwigere biba mu Misiri.

Igihano c’umunani cari igitero kinini c’inzige. Ntizari bwigere zitera gutyo, kandi ntizasubiriye. Zāriye ivy’urubura rwari rwasigaje.

Ic’icenda wari umwiza. Mu misi itatu, umwiza w’umuzitane ukwira hose, kiretse aho Abisirayeli baba.

Mu kurangiza, Yehova abwira abantu biwe ngo basīge amaraso y’umwagazi w’intama canke w’impene ku miryango. Umumarayika w’Imana aca mu Misiri, aho yabona amaraso ku muryango ntawe yahica. Aho atayabona na ho, yahica umwana w’imfura w’umuntu canke w’igikōko. Ico ni co cari igihano c’icumi.

Ico gihano ca nyuma giheze, Farawo abwira Abisirayeli ngo ni bagende. Abantu b’Imana bari bamaze kwitegura, muri iryo joro nyene bava mu Misiri.