Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

INKURU YA 30

Igisaka Kirurumba

Igisaka Kirurumba

MUSA yari yāshikiriye umusozi Horebu arondera ubwatsi bw’intama ziwe. Aza abona igisaka kiriko kirurumba ariko kidasha ngo gihere!

Arivuganya ati: ‘Igitangaza! Reka negēre ndabe neza.’ Yegereye yumva ijwi muri ico gisaka nyene riti: ‘Ntiwegēre kura inkweto zawe, kuko aha uhagaze ari heranda.’ Imana ni yo yavugisha umumarayika wayo. Musa aca yipfuka mu maso.

Imana iti: ‘Nābonye amarushwa y’abantu banje mu Misiri, ni co gituma nje kubarokora. Ni wewe rero nza gutuma ngo ubakureyo.’ Yehova yashaka kujana abantu biwe mu gihugu ciza c’i Kanani.

Musa yishura ati: ‘Jewe ataco maze, ivyo nobishobora nte? Nk’igihe nojayo na ho, Abisirayeli bakambaza ngo “ni nde yagutumye” nobishura iki?’

‘Urababwira uti: “YEHOVA Imana ya Aburahamu, Imana ya Isaka, Imana ya Yakobo ni yo yantumye iwanyu.” ’ Irabandanya iti: ‘Iryo ni ryo zina ryanje imyaka yose.’

Musa na we ati: ‘Ndababwiye ko wantumye ntibavyemere na ho?’

Iti ‘ico ufise mu minwe ni igiki?’

Ati ‘ni inkoni.’

Iti ‘yite hasi.’ Ayitereye hasi, ihinduka inzoka. Yehova amwereka ikindi gitangaro ati: ‘Shira ukuboko mw ikanzu yawe.’ Aragushirayo, agukuyeyo asanga kurēra nk’urubura! Kwasa n’ukurwaye indwara mbi bita imibembe. Amuha kandi ububasha bwo gukora igitangaro ca gatatu. Ahejeje amubwira ati: ‘Ni wakora ivyo bitangaro, Abisirayeli bazokwemera ko ari je nagutumye.’

Ivyo biheze, Musa aja kubwira Yetero ati: ‘Ndekura nje mu Misiri, ndabe uko ab’iwacu bamerewe.’ Yetero aramusezera, na we afata urugendo asubira mu Misiri.