Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

INKURU YA 29

Igituma Musa Yahunze

Igituma Musa Yahunze

RABA Musa ariko arahunga ava mu Misiri. Urabona barya bagabo bariko baramuhīga? Urazi igituma bashaka kumwica? Reka turabe ko twobimenya.

Musa yakuriye mu ngoro kwa Farawo umwami wo mu Misiri, aba mukuru kandi aba incabwenge. Musa yari azi ko atari umunyamisiri, ariko ko yavyawe n’Abisirayeli bari mu buja.

Umusi umwe amaze imyaka 40, aza kurāba uko ab’iwabo bamerewe. Bāri bamerewe nabi cane. Abona umunyamisiri umwe ariko akubita umwisirayeli. Areraguza abona ntawumubona, aca akubita uwo munyamisiri aramwica, ikiziga akizika mu musenyi.

Bukeye Musa asubira kuraba ab’iwabo. Yabona ko yoshobora kubakūra mu buja. Asanga Abisirayeli babiri bariko barwana. Abwira uwasindiye uwundi ati: ‘Ni nde yakubwiye gukubita mwenewanyu?’

Na we ati: ‘Ni nde yagutoye ngo ube umutware wacu? Ushaka kunyica nk’uko wishe wa munyamisiri?’

Musa aratinya, aca aramenya ko ivyo yagiriye umunyamisiri vyamaze kumenyekana. Na Farawo nyene aravyumva, aca atuma abantu ngo bamwice. Ni co gituma yahunze ava mu Misiri.

Avuyeyo aja kure cane ahitwa Midiyani, ahasanga umuryango wa Yetero, yabīra umukobwa wiwe yitwa Zipora. Musa aba umwungere aragira intama za Yetero. I Midiyani yamazeyo imyaka 40. Ashikanye imyaka 80, umusi umwe abona igitangaza aragiye intama za Yetero, gituma ubuzima bwiwe bwose buhinduka. Zingurura urupapuro, turabe ico gitangaza ico ari co.