Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

INKURU YA 16

Isaka Aronka Umugore Mwiza

Isaka Aronka Umugore Mwiza

URAZI uyo mugore ari kuri ico gishushanyo uwo ari we? Yitwa Rebeka. Uwo mugabo ariko araja kumusanganira ni Isaka. Ni we aca aba umugabo wiwe. Vyagenze gute?

Aburahamu se wa Isaka, yashatse kuronderera umuhungu wiwe umugore mwiza. Ntiyashaka ko arongora mu bakobwa b’i Kanani, kubera ko basenga Imana zitari zo. Aca ahamagara umusuku wiwe amubwira ati: ‘Subira iyo twahora i Harani ku ncuti zanje, usabire umugeni Isaka umuhungwanje.’

Buno nyene uyo musuku afata ingamiya cumi, aja ku rugendo rwa kure. Yegereje aho izo ncuti za Aburahamu zaba, aruhukira kw ivomo. Hari ku mugoroba, igihe c’uko abakobwa baza kuvoma. Aca asaba Yehova ati: ‘Ndagusavye ko umukobwa aza kumvomera amazi kandi akavomera n’izi ngamiya, abe ari we utoye ngo abe umugore wa Isaka.’

Buno nyene Rebeka aca araza kuvoma. Wa musuku amusaba amazi arayamuha, hanyuma aja kuvomera n’ingamiya zari zinyotewe. Yarakoze araruha, kubera ko ingamiya zinywa amazi menshi cane.

Rebeka ahejeje ico gikorwa, wa musuku amubaza izina rya se wiwe; amubaza kandi ko yoshobora gucumbika iwabo. Na we ati: ‘Dawe yitwa Betuweli, kandi hariho n’indaro wocumbikamwo.’ Wa musuku aca aramenya ko Betuweli ari umuhungu wa Nahori, mwenewabo na Aburahamu. Aca arapfukama ashimira Yehova ko yamweretse incuti za Aburahamu.

Muri iryo joro nyene, wa musuku yigānira Betuweli na Labani musaza wa Rebeka ikimugenza. Bose baremera ko ajana Rebeka ngo abe umugore wa Isaka. Babajije Rebeka, yishura ati: ‘Ego,’aremera kugenda. Bukeye bahitana za ngamiya, bafata urugendo basubira i Kanani.

Bashitse ku mugoroba. Rebeka abona umugabo ariko aragendagenda atembera. Yari Isaka. Aranezerwa cane aho aboneye Rebeka. Hari haciye imyaka itatu nyina wiwe Sara apfuye, yari agifise rero agahinda. Isaka aca arakunda Rebeka cane, asubira kandi kunezerwa.