Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

INKURU YA 22

Yozefu Atabwa mw Ibohero

Yozefu Atabwa mw Ibohero

IGIHE bamanukana Yozefu mu Misiri, yari amaze imyaka 17 gusa. Ashitseyo agurwa n’umuntu yitwa Potifari. Potifari yakorera umwami wo mu Misiri yitwa Farawo.

Yozefu akorera shebuja Potifari ata bunebwe. Amaze gukura, Potifari amushinga ivyo mu rugo rwiwe vyose. Ni kuki none ngaha Yozefu ari mw ibohero? Kubera umugore wa Potifari.

Yozefu arakura aba umusore w’indanga, umugore wa Potifari aramwosha ngo baryamane. Yozefu yari azi ko ivyo ari bibi, ntiyashobora kubigira. Muka Potifari arashavura rwose. Umugabo wiwe aje, abeshera Yozefu ati: ‘Uyo muhungu mubi yaje kunyosha nabi ngo turyamane!’ Potifari aravyemera, aca aramushavurira cane, amutesha mw ibohero.

Umugapita w’ibohero ntiyateba kubona ko Yozefu ari umuntu mwiza. Aca amuha gutegeka abandi banyororo bose. Munyuma, Farawo atatira abasuku biwe babiri, abashira mw ibohero. Umusi umwe barota indoto zikomeye, ariko ntibamenya insiguro yazo. Bukeye Yozefu ababwira ati: ‘Ni mundotorere.’ Bazimurotoreye, arazibasobanurira afashijwe n’Imana.

Uwa mbere Yozefu amubwira ati: ‘Mu misi itatu uzobohorwa, usubire kandi gushikanira Farawo igikombe.’ Ati ‘ni wabohorwa uramvugira ku mwami, umfashe nanje mve aha hantu.’ Uwundi na we amubwira ati: ‘Mu misi itatu Farawo azoguca umutwe.’

Hashize imisi itatu, biba nk’uko Yozefu yabivuze. Wa musuku yōtsa imikate acibwa umutwe, uwatanga ibinyobwa na we arabohorwa asubira ku kazi kiwe. Aribagira Yozefu ntiyabwira Farawo ivyiwe, Yozefu aguma mw ibohero.