Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

INKURU YA 21

Yozefu Yankwa na Benese

Yozefu Yankwa na Benese

RABA ukuntu uwo mwana yijiriwe kandi yihebuye! Ni Yozefu. Benese baramugurishije kuri abo bantu bariko baja i Misiri. Azoshika aba umushumba. Ni kuki benewabo bakoze ico kibi? Ni uko bamufitiye ishari.

Yakobo se wabo yaramukunda cane. Yerekanye ko amukunda, amushoneshereza impuzu nziza kandi ndende. Bakuru biwe 10 babonye ukuntu amukunda, batangura kumugirira ishari no kumwanka. Ariko hariho n’ikindi catuma bamwanka.

Yozefu yarose indoto zibiri, muri imwe imwe yose abona benese bamwunamira. Azibarotoreye, urwanko rwabo rurongerekana.

Umusi umwe bakuru biwe bari kuragira intama za se wabo, Yakobo atuma Yozefu ngo aje kuraba uko bamerewe. Bamubonye ariko araza iyo bari, umwe muri bo ati: ‘Ingo tumwice!’ Rubeni mukuru wabo avuga ati: ‘Oya ntimukore ivyo!’ Baramufata bamuta mu cobo, baca baricara kugira ngo biyumvīre ico bamugira.

Haca haza abashimayeli. Yuda abwira benese ati: ‘Ni muze tumugurishe kuri barya Bishimayeli.’ Baca baramugurisha amahera 20. Yoo! ukuntu bāri ba ruburakigongwe!

Baza kuvuga iki kwa se wabo? Bīca impene, bafata ya mpuzu nziza ya Yosefu bayivayanga mu maraso. Bahejeje bayishīra se Yakobo bati: ‘Iki twagitoye mu nzira. Raba ko itoba ari ya mpuzu ya Yozefu.’

Yakobo ararāba ico ari co, atura akaborogo ati: ‘Yozefu yariwe n’igikōko.’ Na bo nyene bāshaka ko avuga gutyo nyene. Arababara cane, amara imisi myinshi amuririra. Ariko Yozefu ntiyapfuye. Reka turabe ivyamushikiye iyo bamujanye.