Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

INKURU YA 5

Baratanguye Kugorwa

Baratanguye Kugorwa

BAMAZE kwirukanwa mw itongo ry’i Edeni, Adamu na Eva bāhaboneye amakuba menshi. Bārakora akazi karuhisha kugira ngo baronke ivyo barya. Mu gishingo c’ibiti vyiza vyama ivyamwa, amahwa ni yo yasigaye abakikuje. Ivyo ni vyo vyābaye igihe bāgābira Imana, na yo ica ibona ko batakiri incuti zayo.

Ariko amarushwa aruta yose, ni uko bātanguye gupfa. Ibuka ko Imana yari yābabūriye ngo bazopfa ni barya ivyama ku giti kimwe. Aho babiririye, uyo musi nyene baciye batangura gupfa. Ese ukuntu bābaye ibijuju ntibumvira Imana!

Abana babo bose bāvutse Imana imaze kwirukana abavyeyi babo mw itongo ry’i Edeni. Ivyo ni ukuvuga ko abo bana na bo nyene botegerejwe gusaza hanyuma bagapfa.

Iyo bagamburukira Yehova, bari kubaho hamwe n’abana babo mu gahimbare. bari gushobora kuba ngaha kw isi imyaka yose bahimbawe. Nta n’umwe muri bo yoshaje, yorwaye canke yopfuye.

Imana ishaka ko abantu babaho imyaka yose mu gahimbare, ni co gituma yabaraganiye ko umusi umwe bizoshoboka. Isi si yo izoringanizwa gusa, ariko n’abantu na bo nyene ntibazosubira kurwara. Bitayeko, bose bazobana nk’abavandimwe, kandi bazoba ari incuti z’Imana.

Eva ntiyabandanije kuba incuti y’Imana, ni co gituma mu gihe co kuvyara yababara cane. Kugambararira Yehova, mu vy’ukuri bitera amaganya menshi, si ko?

Adamu na Eva baravyaye abana benshi, abahungu n’abakobwa. Igihe umuhungu wabo w’imfura yavuka bamwise Kayini, uwa kabiri na we bamwita Abeli. Ivyabashikiye ni ibiki? Urabizi?