Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

INKURU YA 8

Ibihangange mw Isi

Ibihangange mw Isi

IGIHE umuntu yoza iyo uri, akaba yokoza umutwe mu gasongero k’inzu, wewe wokwibaza iki? Coba ari igihangange! Ibihangange vyarigeze kuva mw isi. Bibiliya ivuga ko vyari vyavyawe n’abamarayika bavuye mw ijuru. Vyagenze gute none?

Ibuka ko Shetani wa mumarayika mubi; atatezuye mu gutera amarushwa. Yaragerageje kwosha n’abamarayika b’Imana ngo na bo nyene babe babi. Munyuma, bamwe muri bo batangura kumwumvira. Bata ibanga Imana yari yabashinze mw ijuru, baza kw isi biyambika imibiri nk’iy’abantu. Urazi igituma?

Bibiliya ivuga ko ari uko abo bana b’Imana, babonye kw isi abakobwa beza beza, bumva bashatse kubana na bo. Baca rero baza kw isi barababīra. Bibiliya ivuga ko ivyo ari bibi, kuko Imana yaremye abamarayika ngo babe mw ijuru.

Igihe abo bamarayika n’abo bagore babo bavyariye abana, abo bana ntibari bameze nk’abandi. Bakivuka, hari aho batari batandukanye rwose n’abandi bana. Ariko bārabandanije gukura no gukomera, gushika aho baba ibigatanya.

Ivyo bihangange vyari bibi. Kubera ko vyari bikomeye kandi bikaba birebire cane, vyaragirira nabi abantu. Vyaragobera umuntu uwo ari we wese ngo abe mubi nka vyo.

Henoki yari yarapfuye, ariko hāriho umuntu umwe kw isi yari mwiza. Uyo muntu yitwa Nowa. Imisi yose yama akora ivyo Imana ishaka.

Umusi umwe, Imana imubwira ko hageze ko ihonya abantu bose babi. Ariko Imana yashaka gukiza Nowa, umuryango wiwe hamwe n’ibikōko bitari bike. Reka turabe uko yabigenjeje.