Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

INKURU YA 1

Imana Itangura Kurema

Imana Itangura Kurema

IBINTU vyiza vyose dufise vyāvuye ku Mana. Yaremye izuba kugira rituboneshereze ku murango, ukwezi n’inyenyeri ngo vyake mw ijoro. Kandi Imana yaremye isi kugira tuyibeko.

Ariko izuba ukwezi, inyenyeri n’isi si vyo vyari ibiremwa vya mbere Imana yaremye. Urazi ivyo yatanguriyeko? Imana yatanguye kurema abantu basa na yo nyene. Ntidushobora kubabona nk’uko tudashobora kubona Imana. Abo bantu Bibiliya ibita abamarayika. Imana yabaremye ngo babane na yo mw ijuru.

Umumarayika wa mbere Imana yaremye yari atandukanye rwose n’abandi. Yari Umwana wayo w’imfura. Yarafashije Se ibikorwa. Yarafashije Imana kurema ibindi bintu vyose. Yarayifashije kurema izuba, ukwezi, inyenyeri hamwe n’iyi si nyene tubako.

Ico gihe isi yari imeze ite? Nta n’umwe yoshoboye kuyibako. Nta kintu cari kuri yo atari ikiyaga kinini cari gikwiye hose. Ariko Imana yashaka ko abantu bayibako. Itangura rero kuyidutegurira. Yabigenjeje ite?

Ubwa mbere na mbere isi yari ikeneye umuco. Imana ica ituma umuco w’izuba uyakirako. Yabigize ityo kugira ngo habe ijoro n’umurango. Hanyuma ituma ahūmutse haseruka mu kiyaga.

Mu ntango nta na kimwe caba aho hantu. Hāsa n’iki gishushanyo ubona ngaha. Nta mashurwe, nta biti, nta bikoko vyariho. N’ifi nyene mu kiyaga nta n’imwe yariho. Imana yari ifise akazi kanini ko kuyitegura kugira ngo ibe ahantu abantu n’ibikōko bishobora kuba.