Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

INKURU YA 94

Arakunda Abana Batobato

Arakunda Abana Batobato

RABA Yezu ngaha apfumbatiye umwana mutoyi. Vyerekana ko Yezu akunda abana koko. Abo bariko bamuraba ni intumwa ziwe. Ariko ababwira iki none? Reka tubirabe.

Yezu n’intumwa ziwe bari bavuye ku rugendo rwa kure. Mu nzira intumwa zari zaharīye. Bashitse, Yezu ati: ‘Mu nzira mwamye muharīra ibiki?’ Yezu yari azi ivyo bamye baharīra, ariko yababaza kugira ngo arābe ko baza kubimubwira.

Baranuma, kubera ko bari bamye baharīra ngo bamenye umukuru muri bo uwo ari we. Bamwe bāshaka kugaba abandi. Yezu aza kubamenyesha ate ko atari vyiza gushaka kugaba abandi?

Ahamagara umwana mutoyi amushira imbere yabo bose, hanyuma ababwira ati: ‘Murame mubizi neza ko ni mutahinduka ngo mube nk’abana batoyi, ntimuzokwinjira mu bwami bw’Imana. Uwuzoba mukuru mu bwami bw’Imana ni uwumeze nk’uyu mwana.’ Urazi igituma yavuze ivyo?

Abana batoyi ntibababaye ivy’ukuba mukuru canke ivy’ukugaba abandi. Intumwa rero zātegerezwa kwiga kumera nk’abana, ntizirirwe ziraharira kugira ngo zimenye umukuru muri zo uwo ari we.

Hari ikindi gihe Yezu yerekanye ko akunda abana cane. Hashize amezi makeyi bazana abana ngo bamurābe. Intumwa zirabirukana, ariko Yezu ati: ‘Ni mureke abana bāze iyo ndi ntimubirukane, kuko ubwami bw’ijuru ari ubw’abasa na bo.’ Yezu aca arabaterura, hanyuma arabahezagira. Si vyiza none kumenya ko Yezu akunda abana?