Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

INKURU YA 98

Ku Musozi w’Imyelayo

Ku Musozi w’Imyelayo

UYO ni Yezu ari ku musozi w’ibiti vyama elayo. Abo bane bari kumwe na we ni intumwa ziwe. Ni abavukana Andereya na Petero, hamwe na Yakobo na Yohani, na bo nyene bavukana. Kirya ubona kure gato ni urusengero rw’i Yeruzalemu.

Hāri hashize imisi ibiri Yezu yinjiye i Yeruzalemu ari ku nyana y’indogoba. Hāri ku wa kabiri. Mu gitondo Yezu yari mu rusengero, abaherezi bashaka kumufata ngo bamwice. Ariko baratinya kuko yakundwa n’abantu.

Abo bakuru b’idini Yezu yari yababwiye ati: ‘Mwa nzoka, mwa bana b’inzoka mwe!’ Yari yababwiye ko Imana izobahana kubera ibibi bākoze. Amaze gushika ku musozi w’ibiti vy’imyelayo, izo ntumwa ziwe zine zitangura kumubaza ibibazo. Urazi ivyo zamubajije?

Zabajije ivya kazoza. Zari zizi ko azokuraho ibibi kw isi, ariko zashaka kumenya igihe ivyo vyobereye. Yezu yogarutse ryari ari umwami?

Yari azi ko igihe yogarukiye, abigishwa biwe bari kw isi batoshoboye kumubona. Ni uko yobaye ari mw ijuru aho badashobora kubona. Aca ababwira ibintu bimwe bimwe vyobaye kw isi amaze kuba umwami mw ijuru. Ivyo bintu ni ibiki?

Yavuze ko hazoba indwano zikomeye, ko abantu bamwe bazorwara kandi ko bazosonza, ko ubugarariji buzoba bubi cane, ko n’isi izonyiganyiga. Yavuze kandi ko inkuru nziza y’ubwami bw’Imana izovugwa kw isi yose. Ivyo turamaze kubibona muri iki gihe cacu? Egome! Nta gukeka rero, Yezu ubu ni umwami mw ijuru. Ari hafi gukuraho ibibi vyose kw isi.