Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

INKURU YA 87

Umwamana Yezu mu Rusengero

Umwamana Yezu mu Rusengero

RABA uwo mwana ariko araganira n’abo batama. Ni abigisha bo mu rusengero i Yeruzalemu. Uwo mwana na we ni Yezu. Aramaze kwegera haruguru, amaze imyaka 12.

Abo bigisha batangajwe n’uko Yezu azi ibintu vyinshi vyerekeye Imana vyanditswe muri Bibiliya. Ni kuki none Yozefu na Mariya bo atari ho bari? Bari he? Reka tubirabe.

Uko umwaka utashe, Yozefu yama ajana abiwe i Yeruzalemu ku musi mukuru uhambaye bita Pasika. I Yeruzalemu hari kure cane. Nta muntu yari afise umuduga, kandi nta magarimoshi yariho. Benshi bāgenda n’amaguru, bakamara nk’imisi itatu mu nzira.

Yozefu yari amaze kugira umuryango munini. Yari afise barumuna ba Yezu na bashikiwe yitwararika. Uwo mwaka, Yozefu na Mariya n’abana babo bāriko barataha kure i Nazareti. Bībaza ko Yezu ari kumwe n’abandi. Ku mugoroba baruhutse ntibamubona. Bamuronderera mu ncuti no mu bagenzi baramubura! Baca basubira i Yeruzalemu kumuronderayo.

Munyuma bamusanga ngaha ari kumwe n’abo bigisha, abumviriza, kandi ababaza ibibazo. Bose baratangazwa n’ubwenge bwiwe. Mariya ati: ‘Mbega mwana watugize ibiki? So wawe nanje twagumye tukurondera umutima utari mu nda.’

Na we ati: ‘Ni kuki mwiriwe murandondera? Ntimuzi ko ntegerezwa kuba ndi mu ngoro ya Data?’

Yezu yarakunda kuja aho ashobora kwiga ivy’Imana. Aho si ho natwe twokunda kuja none? I Nazareti, Yezu yama aja ku makoraniro ya buri yinga. Kubera ko yūmviriza cane, yari azi ibintu vyinshi biri muri Bibiliya. Natwe tumwigane.