Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

INKURU YA 89

Yezu Ahumānura Urusengero

Yezu Ahumānura Urusengero

AHA YEZU asa n’uko ashavuye, si ko? Urazi ikimushavuje none? Ni uko abo bantu bari mu rusengero rw’Imana i Yeruzalemu bakunda amahera cane. Bāshaka gutungishwa n’abaje ngaha gusenga Imana.

Urabona ayo mashuri n’izo ntama bo n’izo numa? Bariko babigurishiriza ngaha mu rusengero. Urazi igituma? Ni uko Abisirayeli bari bakeneye ibitungwa n’inuma vyo gushikanira Imana.

Itegeko ry’Imana ryavuga ngo igihe umwisirayeli akoze nabi, atange ishikanwa ku mana. Hariho n’ibindi bihe yatanga ayo mashikanwa. Ivyo bitungwa n’izo numa vyo gushikanira Imana yobikuye he?

Abisirayeli bamwe bamwe bari babitunze. Abo bo bāca babitanga. Ariko benshi nta na kimwe bari batunze, abandi na bo bāba kure y’i Yeruzalemu, ntibari gushobora kubizana ku rusengero. Abantu rero bāza kubigurira ngaha. Ariko aba ubona aha bārabizimbako, kandi ni ikosa kubigurishiriza mu rusengero.

Ico ni co cashavuje Yezu. Imeza zabo arazitembagaza, ibiceri arabisanzaza. Atsiba inkoni mu migozi, ayikubitisha ibitungwa abisohora mu rusengero. Abwira abariko bagurisha inuma ati: ‘Kura ibi ngaha! Inzu ya Data ni mureke kuyigira ahantu ho kudandariza.’

Bamwe mu bigishwa biwe bari kumwe na we. Bāratangaye babonye ivyo ariko aragira. Baca bibuka ahavuga ivyerekeye Umwana w’Imana muri Bibiliya ngo: ‘Urukundo afitiye inzu y’Imana ruzomwakamwo nk’umuriro.’

Igihe yari ngaha i Yeruzalemu arindiriye Pasika, yakoze ibitangaro vyinshi. Ivyo biheze ava i Yudaya asubira i Galilaya. Yategerezwa guca mu ntara y’i Samariya. Reka turābe ivyahabaye.