Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

INKURU YA 101

Yezu Yicwa

Yezu Yicwa

EHE raba karabaye! Yezu baramwishe. Bamukomēreye imisumari mu biganza no mu birenge. Ni kuki bamugiriye ibintu nk’ivyo?

Ni uko hari abamwanka. Urazi abo ari bo? Umwe ni umumarayika mubi Shetani. Ni we yatumye Adamu na Eva bagarariza Yehova. Ni we kandi yatumye abansi ba Yezu bakora ico kibi.

Abansi biwe bataramukomērera kuri ico giti, bābanje kumugirira nabi. Uribuka ingene bāje kumufata mw itongo ry’i Getsemani? Abo bansi biwe bari bande? Bari abakuru b’idini. Reka turābe ivyabaye munyuma.

Bamaze kumufata, intumwa ziwe ziriruka zimutana n’abansi biwe, kuko zari zagize ubwoba. Ariko Petero na Yohani ntibāgiye kure cane. Bāramukurikiye ngo barābe ico baza kumugira.

Nya baherezi bamujana ku mushingantahe Anasi yahora ari umuherezi mukuru, iryo shengero rihamara umwanya muto. Munyuma bamujana i muhira kwa Kayifa yari umuherezi mukuru ico gihe, abakuru b’idini benshi bakoraniraho.

Bamucira urubanza bari aho kwa Kayifa. Bazana abantu bo kumubeshera. Abakuru b’idini bose bavuga ngo ‘Yezu akwiye gupfa.’ Bamucira amate mu maso kandi bamukubita n’ingumu.

Igihe ivyo vyariko biraba, Petero yari inyuma y’urugo ku kibuga. Bāri bacanye umuriro kubera ko hari mw ijoro ry’imbeho. Bariko barota, umusukukazi umwe arāba Petero, ati ‘n’uyu nyene yari kumwe na Yezu.’

Petero ati: ‘Ivyo si vyo namba!’

Babwira Petero gatatu ko yari kumwe na Yezu, ariko aho hose bābimubwira yaguma yishura ko atari vyo. Abivuze ubugira gatatu, Yezu arahindukira aramurāba. Petero arababara cane kubera ko yariko arabesha, aca arasohoka aja kurira.

Ku wa gatanu mu gitondo ca kare, abaherezi bajana Yezu mu kibanza bahora bakoraniramwo, muri Sentare nkuru. Bashitseyo bavugana ico baza kumugirira. Bamujana kwa Ponsiyo Pilato, umukuru yatwara intara y’i Yudaya.

Babwira Pilato bati: ‘Uyu ni umuntu mubi, akwiye gupfa.’ Pilato amubajije avuga ati: ‘Simbona ko hari ikibi yakoze.’ Aca amutuma kwa Herodi Antipa yatwara i Galilaya, ariko yari i Yeruzalemu. Na we nyene nta kibi yamubonyeko, aca amusubiza kwa Pilato.

Pilato ashaka kumurekura, ariko abansi basaba ko uwundi munyororo aba ari we abohorwa. Cari igisuma citwa Baraba. Umutaga wari hafi, Pilato asohokana Yezu abwira abantu ati: ‘Rāba umwami wanyu!’ Abaherezi bakuru biha akamo bati: ‘Mukureho! Mwice! Mwice!’ Aca Abohora Baraba, Yezu na we baja kumwica.

Ku wa gatanu inyuma y’umutaga yari akomērewe ku giti. Murābe ngaho ku gishushanyo. Hari inkozi z’ibibi zāmanitswe hamwe na we, umwe iburyo uwundi ibubamfu. Yezu yegereje gupfa, umwe ati: ‘Uranyibuka ni washika mu bwami bwawe.’ Na we ati: ‘Ndakuraganiye ko uzobana nanje mw iparadizo.’

Uwo si umuhango mwiza cane? Urazi iyo paradizo Yezu yavuga iyo ari yo? Imwe Imana yarema ubwa mbere yari he? Yari kw isi. Igihe Yezu azoba ari umwami mw ijuru, azozura uyo muntu aze kuba mw iparadizo ngaha kw isi. Ivyo ntibishimishije none?