Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

INKURU YA 91

Yezu Yigishiriza ku Musozi

Yezu Yigishiriza ku Musozi

RABA Yezu yicaye ngaha. Abo bantu bose ariko abigishiriza ku musozi w’i Galilaya. Barya bamwegereye cane ni abigishwa biwe. Yari yatoye 12 muri bo baba intumwa. Intumwa bari abigishwa biwe batameze nk’abandi. Urazi amazina yabo?

Hari Simoni Petero na mwenewabo Andereya, Yakobo na Yohani na bo nyene bavukana. Abandi ni Yakobo na Simoni. Babiri bītwa ba Yuda. Umwe yari Yuda Isikariyoti, uwundi yari Yuda bita kandi Tadeyo. Hari Filipo na Natanayeli (ari we Barutolomayo), Matayo na Toma.

Yezu agarutse ava i Samariya, atangura kwigisha ati: ‘Ubwami bw’Imana buregereje.’ Urazi ubwo bwami ico ari co? Ni intwaro nyakuri y’Imana. Yezu ni we mwami muri yo. Azotwara ari mw ijuru, azane amahoro kw isi. Ubwo bwami buzohindura isi yose iparadizo y’agatangaza.

Aha Yezu yariko yigisha abantu ivy’ubwo bwami ati: ‘Mukwiye gusenga muti Dawe wa twese uri mw ijuru, izina ryawe ni ryubahwe, ubwami bwawe ni buze. Ivyo ugomba ni bigirwe ngaha kw isi nk’uko bigirwa mw ijru.’ Ayo majambo benshi bayita ngo ni ‘igisabisho ca Dawe wa twese.’ Woshobora kukivuga cose?

Yezu yariko abigisha kandi uko bogiriranira ati: ‘Girira abandi ivyo ushaka ko bakugirira nawe.’ Igihe abandi batakugiriye nabi ntubishima none? Yezu rero yavuze ngo tugirire abandi neza. Ntibizoba ari vyiza cane mw iparadizo yo ngaha kw isi igihe umuntu wese azogirira uwundi neza?