Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

INKURU YA 106

Bakurwa mw Ibohero

Bakurwa mw Ibohero

RABA uyo mumarayika ariko arugurura urugi rw’ibohero. Abo babohorwa ni intumwa za Yezu. Reka turabe icatumye bapfungwa.

Hāri hashize igihe gito kuva aho impwemu yera ishungururiwe ku bigishwa ba Yezu. Umve ivyabaye: Petero na Yohani bāriko baja mu rusengero rw’i Yeruzalemu ku muhingamo. Imbere y’umuryango hari umuntu yamugaye kuva akivuka. Bāma bamuzana gusēga amahera abinjira mu rusengero. Abonye Petero na Yohani arabasēga. Izo ntumwa zāgize iki?

Zirahagarara zimuhanga amaso. Petero ati: ‘Nta mahera mfise, ariko ico mfise ndakiguha. Kw izina rya Yezu haguruka utambuke!’ Amufata ukuboko kw’iburyo, buno nyene aca yigera hejuru atangura kugenda. Abantu babibonye barumirwa, kandi baranezerwa kubera ico gitangaro.

Petero ati: ‘Iki gitangaro tugikoze kubera inguvu z’Imana yazuye Yezu.’ Bakiriko baravuga, bamwe mu bakuru b’idini barashika, bāza bashavuye kubera ko Petero na Yohani bariko babwira abantu ivy’izuka rya Yezu. Barabafata babashira mw ibohero.

Bukeye, abakuru b’idini baratororokana, bahamagaza Petero na Yohani hamwe n’umwe bākiza. Bati iki gitangaro mwagikoze ku bwa nde?’

Petero abishura ko ari kubera inguvu z’Imana yazuye Yezu. Nya baherezi babura uko babigira, kuko batāshobora guhakana ko ico gitangaro kitabaye. Baca barababuza ngo ntibaze basubire kuvuga inkuru ya Yezu, hanyuma barabarekura.

Imisi irahera bariko bavuga inkuru ya Yezu bakiza n’abarwaye. Inkuru z’ivyo bitangaro zishika kure, abantu benshi bāba mu mihana yegereye i Yeruzalemu babazanira abarwaye ngo babakize. Bituma abakuru b’idini bagira ishari, baca barabafata babashira mw ibohero, ariko ntibatevyeyo.

Mw ijoro umumarayika w’Imana yugurura ibohero nk’uko ubibona ngaha. Ati ‘ni mugende muhagarare mu rusengero, mubandanye kwigisha abantu.’ Bukeye mu gitondo, ba baherezi batuma abantu kw ibohero ngo babazane, basanga bīgīriye. Bābasanze mu rusengero bariko barigisha, babazana muri Sentare nkuru.

Bati ‘twābategetse ngo ntimuze mwigere musubira kwigisha ivya Yezu, ariko rāba i Yeruzalemu mwahujuje inyigisho zanyu.’ Intumwa ziti: ‘Dutegerezwa kwubaha Imana yo nkuru kuruta abantu.’ Baca bibandaniriza kwigisha “inkuru nziza.” Ako si akarorero keza twokurikira?