Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

INKURU YA 105

Barindīrira i Yeruzalemu

Barindīrira i Yeruzalemu

ABO bantu bari ngaha ni abigishwa ba Yezu. Bāramwumviye baguma i Yeruzalemu. Igihe bari barindiriye bose hamwe, mu nzu hatangura gusāma nk’igihuhusi. Hanyuma babona indimi z’umuriro ku mutwe w’umwe umwe. Zirābe kuri umwe umwe wese. Ivyo ni ukuvuga iki none?

Ico cari igitangaro! Yezu yasubiye mw ijuru kwa Se, aca ashungururira impwemu yera y’Imana ku bigishwa biwe. Urazi ico iyo mpwemu yatumye bakora? Bāciye batangura kuvuga indimi nyinshi.

Abantu benshi bari i Yeruzalemu bumvise nya gihuhusi kiriko gisāma, bāza kurāba ibibaye. Bamwe muri bo bari bavuye mu bindi bihugu baza ku musi mukuru w’Abisirayeli witwa Pentekoti. Abo bakavantara baratangara cane, bumvise abigishwa bariko bavuga ibitangaza Imana yakoze mu ndimi zabo kavukire!

Bati ‘barya bose si Abanyagalilaya, bishoboka bite none ko bavuga mu ndimi z’igihugu twavuyemwo?’

Petero arahaguruka kubasigurira. Akiriza ijwi ababwira ingene Yezu bāmwishe, Yehova na we akamuzura. Ati ‘ubu ari mw ijuru iburyo bw’Imana, kandi ni we yarungitse iyi mpwemu yera twaraganiwe. Ni co gituma mwabonye kandi mwumvise iki gitangaro.’

Avuze ivyo, benshi bumva barababaye kubera ivyo abantu bāgiriye Yezu. Bati ‘twokora iki none?’ Petero ababwira ati: ‘Mutegerezwa guta ingeso mbi zanyu, hanyuma mubatizwe.’ Uwo musi nyene abantu bashika 3000 barabatizwa, baba abigishwa ba Yezu.