Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

INKURU YA 109

Petero Aja kwa Koroneliyo

Petero Aja kwa Koroneliyo

UYO ahagaze aho ni intumwa Petero, abo bari inyuma yiwe na bo ni bagenzi biwe. Ni kuki none uwo mugabo amupfukamiye? Birakwiye ko amupfukamira? Urazi uwo ari we?

Ni Koroneliyo umukuru w’abasoda b’Abaroma. Ntiyari azi Petero, ariko bamubwiye ngo amutumeko, ashike i muhira iwe. Reka turābe uko vyagenze.

Abigishwa ba mbere ba Yezu bari Abayahudi, ariko Koroneliyo ntiyari we. Yarakunda Imana, yarayisaba kandi akama agirira abantu neza. Umusi umwe ku muhingamo, umumarayika aramubonekera, ati ‘wewe urahimbara Imana, igiye kwishura ugusenga kwawe. Tuma abantu baje kuzana umuntu yitwa Petero, aba i Yopa kwa Simoni hambavu y’ibahari.’

Aca arabatuma baja kumurondera. Bukeye begereje i Yopa, Petero yari mu nzu yo hejuru kwa Simoni. Imana ituma yiyumvīra ko abonye impuzu nini yururuka iva mw ijuru, irimwo ibikōko vy’ubwoko bwose. Itegeko ry’Imana ryarabuza kubirya. Ariko haza ijwi riti: ‘Haguruka Petero wice urye.’

Na we ati: ‘Oyaye! Sindigera ndya ikintu kibi.’ Nya jwi riti: ‘Ico Imana yavuze ko ari ciza reka kuvuga ngo ni kibi.’ Ivyo biba gatatu kose. Petero akiriko aribaza ico ivyo bishaka kuvuga, ba bandi batumwa na Koroneliyo barashika barondera Petero.

Arururuka, ati ‘uwo muriko murondera ni jewe. Mugenzwa n’amaki?’ Bamwiganiye ko umumarayika yabwiye Koroneliyo ngo atumeko Petero ashike iwe, aremera ko bajana. Bukeye Petero na bagenziwe baja i Kayisariya kwa Koroneliyo.

Yari yakoranije incuti n’abagenzi. Petero ashitse, aja kumusanganira. Ashika agwa hasi aramupfukamira nk’uko ubibona ngaha. Petero ati: ‘Haguruka nanje nyene ndi umuntu.’ Bibiliya yerekana ko atari vyiza gupfukamira umuntu ngo umusenge. Dutegerezwa gusenga Yehova gusa.

Petero yigisha abāri bakoranye ati: ‘Ndabonye ko Imana yemera abantu bose bashaka kuyikorera.’ Akiriko aravuga, Imana irungika impwemu yera yayo, nya bantu batangura kuvuga indimi nyinshi. Ba bigishwa b’abayahudi bari bazananye na Petero baratangara, kuko bībaza ko Imana ikunda Abayahudi gusa. Bica bibigisha ko Imana itabona ko abantu b’ubwoko kanaka ari bo beza kurusha abandi. Ivyo ntibikwiye ko twese hamwe tuvyibuka?