Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

INKURU YA 110

Timoteyo—Umufasha wa Paulo

Timoteyo—Umufasha wa Paulo

UYO musore ubona ari kumwe n’intumwa Paulo ni Timoteyo. Timoteyo yabana n’ab’iwabo i Lusitira. Nyina yari Ewunike, inakuru na we Lowisi.

Aha bwari ubugira gatatu Paulo ashika i Lusitira. Umwaka umwe imbere y’aho, Paulo na Barunaba bari bahaje bari ku rugendo rwabo rwa mbere rwo gukwiza hose inkuru nziza. Ico gihe Paulo yari asubiyeyo, ari kumwe na mugenziwe Sila.

Urazi ivyo Paulo yariko arabwira Timoteyo? Ngo ‘woshima kuduherekeza twe na Sila? Woshobora kudufasha gutwara inkuru nziza kure.’

Na we ati: ‘Egome nobishima.’ Timoteyo aca asiga ab’iwabo, ajana na Paulo na Sila. Imbere y’uko twiga ivy’urwo rugendo rwabo, reka tubanze tumenye ivyagiye birashikira Paulo. Kuva igihe yariko aja i Damasiko Yezu akamubonekera, imyaka ishika 17 yari imaze guhera.

Ibuka ko yari yajanyweyo n’ukugirira nabi abigishwa ba Yezu, we nyene aca aba umwigishwa! Munyuma abansi baja inama yo kumwica, kuko batāshaka uwuvuga ivya Yezu, abigishwa baramufasha arahunga. Bāmwururukije mu kivumvu ku rugo rw’igisagara.

Aca aja i Antiyokiya kwigisha. Abigishwa ba Yezu ni ho bitiwe abakirisu. Ni ho kandi Paulo na Barunaba baba, igihe batumwa gukwiza inkuru nziza mu bihugu vya kure. Bārashitse n’i Lusitira kwa ba Timoteyo.

Hashize nk’umwaka, Paulo asubira i Lusitira ubugira kabiri. Timoteyo, Paulo na Sila bavuyeyo urazi iyo baroye? Rāba kuri iyo ndondabihugu twige hamwe hamwe.

Bābanje aho hafi Ikoniyo, hanyuma baja i Antiyokiya. Bahavuye baja i Tirowa, i Filipi, i Tesalonike n’i Beroya. I Atenayi urahabona? Paulo yarahigishije, bahavuye bamara umwaka n’inusu i Korinto, hanyuma bamara imisi mike i Efeso, baca burira imeri bagaruka i Kayisariya, hanyuma badūga i Antiyokiya aho Paulo yaba.

Timoteyo yaragenze ibirometero vyinshi ariko afasha Paulo gutwara “inkuru nziza” no gushinga amashengero menshi y’abakirisu. Ni wakura uzoba umukozi w’Imana w’umwizigirwa nka Timoteyo?