Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Igihimba ca 1

Amadini Yose Yoba Yigisha Ukuri?

Amadini Yose Yoba Yigisha Ukuri?

1. Ni amadini amwamwe ayahe ari muri Afirika?

ABANTU nka bose muri Afirika baremera yuko gusenga Imana bihambaye. Ariko ntibahuza ku vyerekeye uburyo bwo kuyisenga. Bamwe basengera mu musigiti, abandi bakaja gusengera ku mva z’abitwa aberanda ba kera. Abandi na bo bakaja mu misa. Mugabo kwoba ari ukwihenda twiyumviriye yuko hariho amadini atatu yonyene muri Afirika. Mu Bisilamu, hariho amategeko n’ukwemera bitandukanye. Idini ishingiye ku migenzo y’aba kera iratandukanye cane mu mihingo n’iyindi. Mu mashengero yivuga yuko ari aya gikirisu, hariho mbere ukutumvikana gukomeye. Turetse amashengero makurumakuru, hariho amashengero ibihumbi n’ibihumbi yigenga hirya no hino muri Afirika.

Idini Yacu Itegerezwa Kuba Ishingiye ku Kuri

2. (a) Ni ibiki kenshi bifasha umuntu gutora idini ajamwo? (b) Ni igiki kitemeza yuko idini turimwo ihimbara Imana?

2 Ni kuki abantu basenga gutyo? Abantu batari bake usanga bemera idini y’abavyeyi babo. Ibintu vyabaye kera na vyo nyene biragira akosho kw’idini abantu bajamwo muri iki gihe. Igitabu kimwe (The Africans—A Triple Heritage) kivuga giti: “Isilamu yakwiragiye mu buraruko bwa Sahara biciye ku kuhanesha, . . . Ubukirisu bwakwiragiye mu bumanuko bwa Sahara biciye kuri ubwo buryo nyene. Nimba Isilamu yakwiragiye mu buraruko bwa Sahara ikoresheje inkota, Ubukirisu na bwo bwakwiragiye mu bumanuko bwa Sahara bukoresheje inkoho.” Ariko rero, benshi muri twebwe turemera yuko idini yacu ihimbara Imana. Mugabo idini ntiba iy’ukuri kubera gusa abavyeyi bacu ari yo barimwo, canke kubera igihugu kanaka c’abanyamahanga cayinjijemwo basokuruza bacu ku gahato.

3-5. Ni ikigereranirizo ikihe kidufasha kubona yuko atari amadini yose yigisha ukuri?

3 Naho amadini yose yivuga yuko atanga ubuyobozi bwo kwizigirwa ku vyerekeye ugukorera Imana, ivyiyumviro vyayo biratandukanye. Yigisha ibintu vyinshi bitandukanye ku vyerekeye Imana iyo ari yo be n’ivyo itwitegako. Zirikana iki kintu: Dufate ko uronse akazi mw’ikompanyi nini amahanga. Ku musi wa mbere utanguye akazi, ukamenya yuko shobuja yagiye mu buruhuko. Maze ubajije abakozi batatu ico ukwiye gukora. Umukozi wa mbere avuze yuko shobuja ashaka yuko ukubura. Uwa kabiri avuze yuko ukwiye gusiga inzu irangi. Uwa gatatu akubwiye kugabanganya amakete.

4 Ubukurikira, ubajije nya bakozi ivyerekeye shobuja. Uwa mbere avuze yuko shobuja ari umuntu muremure, akiri muto kandi akara. Uwa kabiri avuze yuko ari umuntu mugufi, akuze kandi w’umutima mwiza. Uwa gatatu akubwiye yuko shobuja atari umugabo, ahubwo yuko ari umugore. Bisa n’uko uca ugira iciyumviro c’uko abo bakozi batatu bose batariko bavuga ukuri. Nimba ushaka kuguma muri ako kazi uhejeje kuronka, nta nkeka uzogira ivyo usuzumye kugira ngo umenye shobuja wawe uwo ari we koko, be n’ico ashaka ko ukora.

5 Ni na kwo biri ku vyerekeye idini. Kubera hariho ivyiyumviro vyinshi gutyo ku vyerekeye Imana iyo ari yo be n’ivyo idusaba, turakeneye kuraba neza yuko uburyo bwacu bwo gusenga buhuje n’ukuri. Mugabo dushobora gute kumenya ukuri kwerekeye Imana?