Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Igihimba ca 9

Idini y’Ukuri Irashobora Kukugirira Akamaro Ibihe Bidahera!

Idini y’Ukuri Irashobora Kukugirira Akamaro Ibihe Bidahera!

1. Bizogenda gute ‘nitwiyegereza Imana’?

YEHOVA arakunda abamukorera. Nimba usenga Yehova, azoguhezagira ubu no muri kazoza. Bibiliya ivuga iti: “Mwiyegereze Imana, na yo izobēgēra.”—Yakobo 4:8.

2. Dushobora kwiyegereza Imana gute, kandi ivyo bizogira ico bikoze gute ku masengesho yacu?

2 Kugira ngo wiyegereze Imana, utegerezwa kwiga no gushira mu ngiro Ijambo ryayo. Igihe usenga mu buryo buhuje n’ukugomba kwiwe, Yehova azokwumva amasengesho yawe kandi ayishure. Intumwa Yohani mukirisu yavuze ati: “Ubu ni bgo bushizi bg’ubgoba dufise kuri yo, n’ukw iyo dusavye ikintu cose gihwanye n’ivy’igomba, itwumva. Kandi ko tuzi yuko yumva ico dusavye cose, bitumenyesha yuko duhawe ivyo tuyisavye.”—1 Yohana 5:14, 15.

3-7. Dushobora gute kuronka ubukerebutsi buva ku Mana, kandi bushobora kudufasha gute?

3 Ikigeretseko, uko wiyegereza Imana, izoguha ubukerebutsi kugira ngo utorere umuti ingorane zo mu buzima bwa misi yose. Bibiliya ivuga iti: “Asangwa har’uwo muri mwebge akennye ubgenge, n’abusabe Imana.”—Yakobo 1:5.

4 Ubukerebutsi buva ku Mana bushobora kugufasha gute? Kimwe coco, burashobora kugufasha kumenya ibintu bidahimbara Yehova. Urashobora kandi kumenya igituma ivyo bintu ari bibi be n’ico ushobora gukora kugira ngo wirinde kubikora. Ubumenyi nk’ubwo burashobora kukurinda ingorane nyinshi zibangamiye abantu muri rusangi. Nk’akarorero, ukugamburuka impanuro y’Imana yo kuba uwudahumanye mu nyifato runtu birafasha gukingira abasavyi b’Imana inda z’ibitwarire, indwara zandukira biciye mu bihimba vy’irondoka be n’imibano itarimwo agahimbare canke isambuka.

5 Ni igiki kandi ubukerebutsi butangwa n’Imana bushobora kukugirira? Burashobora kugufasha kuronka ikintu ciza kuruta mu buzima. Burashobora kugufasha gufata ingingo ziranga ubukerebutsi mu bintu vy’ingirakamaro, nk’uburyo ukoresha amahera yawe. Uzoshobora gukurikirana imigambi y’ingirakamaro no guheba imigambi idafise agaciro karamba.

6 Ubukerebutsi buva ku Mana burashobora kandi kugufasha mu bucuti ugiranira n’abandi. Urashobora kugira ubuzima bwo mu rugo burushirije kuba ubuhimbaye. Urashobora kwubaka ubucuti ugiranira n’abandi buramba kandi nyakuri, ugashobora kuronka icubahiro, mbere no ku badakorera Imana.

7 Vyongeye, kugira ubukerebutsi buva ku Mana bizotuma uryohora uburyo ubona ubuzima. Bizogufasha guhangana n’ingorane zo mu buzima be n’ibintu bica intege. Ikindi kandi, uzobona kazoza mu buryo buri ku burimbane, kandi neza. Kubona ibintu neza na kwo kuzogira ico guterereye ku magara yawe, mu bwenge no ku mubiri.—Imigani 14:30; Yesaya 48:17.

8. Niwakorera Imana, ni ibiki utazotinya?

8 Niwakorera Imana y’ukuri, uzogira umwidegemvyo uzogukura mu bwoba bubangamiye abatayikorera. Kubera uzi yuko abapfuye batagira ubuzima mu mva, ntuzotinya abapfuye. Kubera wizigiye umuhango w’Imana wo kuzura abapfuye, ntuzotinya gupfa. Kubera kandi uzi yuko Imana ishobora vyose, ntuzotinya ubupfumu canke uburozi.—Yohana 8:32.

Abagororotsi Bazoragwa Isi

9-11. Ni bande bazoba mw’Iparadizo, kandi ni bande batazobayo?

9 Niwiyegereza Imana, ntuzotinya kazoza. Nk’uko twabibonye, Bibiliya yari yarabuye nyinshi mu ngorane tubona kw’isi muri iki gihe. Yehova atubwira yuko ivyo bintu ari ivy’igihe gito; Ubwami bw’Imana vuba buzohindura isi ibe iparadizo.—Luka 21:10, 11, 31; 23:43.

10 Abiyegereza Yehova kandi bakamukorera ni bo bonyene bazoba mw’Iparadizo. Bibiliya ivuga iti: “Hasigaye igihe gito, umunyakibi ntabeho; mbere, uzokwitegereza ahiwe, umubure. Arikw abagwaneza bazoragwa [“isi,” NW], bazonezererwa amahoro y’umusēsekara.”—Zaburi 37:10, 11.

11 Abigira intagondwa bakanka kugamburuka amategeko agororotse y’Imana bazotakaza ubuzima ubutakigaruka. (2 Ab’i Tesalonike 1:8, 9) Ntibazosubira kubaho. Bazokwicanwa na Shetani be n’amadayimoni yiwe ubutagisubira kubaho. (Ivyahishuriwe 20:10, 14) Mugabo abiga ivyerekeye Yehova kandi bakamukorera bazoronka agahimbare kenshi mw’Iparadizo kw’isi.

Kazoza k’Akaroruhore!

12. Bibiliya ivuga iki ku vyerekeye kazoza?

12 Yehova arafise ibintu vyiza igitangaza abikiye abamukunda! Raba gusa ico Ijambo ryiwe rivuga ku vyerekeye ubuzima kw’isi y’Iparadizo:

  • Ibifungurwa bizoba umuyoro: Hazokwera impeke [canke ibifungurwa] habe agahimbo mu gihugu no ku mpinga z’imisozi.”—Zaburi 72:16.

  • Uburaro bwiza: “Bazokwubaka amazu bayīberemwo.”—Yesaya 65:21.

  • Igikorwa giteye umunezero: “Abo nitoranirije bazoshitsa igihe kirekire banezererwa igikorwa c’amaboko yabo. Ntibazoruhira ubusa.”—Yesaya 65:22, 23.

  • Nta ndwara: “Uwaho ntazovuga, ati Ndarwaye.”—Yesaya 33:24.

  • Nta bumuga: “Ni ho impumyi zizohumūka, n’ibipfamatwi bizozibūrwa. Ico gihe ūcumbagira azosimba nk’impongo, ururimi rw’ikiragi ruririmbe.”—Yesaya 35:5, 6.

  • Nta mubabaro, nta ntuntu, nta rupfu: “[Imana] izohanagura amosozi yose ku maso yabo, kand’urupfu ntiruzoba rukiriho, kand’amaborogo no gutaka n’uburibge ntibizoba bikiriho: kukw ivya mbere bishize.”—Ivyahishuriwe 21:4.

  • Nta ntambara: “[Imana i]ca intambara gushitsa ku mpera y’isi.”—Zaburi 46:9.

  • Ubuzima budahera: “Abagororotsi bazoragwa [“isi,” NW], ba[y]ibemw’ibihe bidashira.”—Zaburi 37:29.

13. Ni nde musa ashobora gutuma isi iba iparadizo, kandi kuki?

13 Abantu ntibashobora kwigera bazana ibintu nk’ivyo, mugabo Yehova arafise ububasha bwo kuzokora ikintu ico ari co cose avuga. Nta na kimwe gishobora kumubuza gukora ivyo ashaka gukora vyose. Bibiliya ivuga iti: “[N]ta jambo rivuye ku Mana ribura ububasha.”—Luka 1:37.

14. Ushobora gute kuja mu nzira ijana mu buzima budahera?

14 Biciye ku Vyabona vyiwe, Yehova ariko araha abantu b’ahantu hose akaryo ko “[g]uc[a] mw’irembo ripfunganye” no kugendera mu nzira ijana mu buzima budahera. Ese woba mu bantu bahimbawe bemera ubwo butumire. Ese wokurikira idini y’ukuri ukabona kwinovora umuhezagiro wa Yehova w’ibihe bidahera!—Matayo 7:13, 14.