Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Igihimba ca 6

Imana Yoba Yemera Amadini Yose?

Imana Yoba Yemera Amadini Yose?

1. Nk’uko Ijambo ry’Imana ribivuga, hari ubwoko bubiri gusa ubuhe bw’idini?

YEZU yavuze ati: “Muce mw irembo ripfunganye; kukw irembo ryagutse, n’inzira y’igihamo, ari vyo bijana abantu mu mahonero, kand’abahaca ni benshi. Ari- kw irembo ripfunganye, n’inzira ntoya, ni vyo bija mu bu[zima], kand’abahabona ni bake.” (Matayo 7:13, 14) Nk’uko Ijambo ry’Imana ribivuga, hariho ubwoko bubiri gusa bw’idini: imwe y’ukuri, imwe y’ikinyoma; imwe igororotse, imwe itari yo; imwe ijana mu buzima, imwe ijana mu mahonero.

2. Ivyanditswe vyerekana gute yuko atari amadini yose ahimbara Imana?

2 Abantu bamwebamwe biyumvira yuko amadini yose ahimbara Imana. Ivyanditswe bikurikira vya Bibiliya birerekana yuko ivyo atari ivy’ukuri:

  • “Abisirayeli bongera gukora ivyo Uhoraho abona kw ari bibi, basaba za Bayali na za Ashitaroti, n’imana z’i Siriya n’iz’ i Sidoni n’iz’ i Mowabu n’iz’Abamoni n’iz’Abafilisitiya; bata Uhoraho, ntibaba bakimusaba. Uburake bg’Uhoraho buziriringira Abisirayeli.” (Abacamanza 10:6, 7) Nimba dusenga ibigirwamana canke iyindi mana iyo ari yo yose atari Imana y’ukuri, ntituzokwemerwa na Yehova.

  • “Aba bantu banyubahisha iminwa yabo, arikw imitima yabo iri kure yanje. Bansengera ubusa, kukw inyigisho bigisha ar’ivyagezwe n’abantu.” (Mariko 7:6, 7) Nimba abantu bivugisha ko basenga Imana bakigisha ivyiyumviro vyabo bwite aho kwigisha ivyo Bibiliya yigisha, ugusenga kwabo ni ukw’ubusa. Imana ntikwemera.

  • “Imana ni [im]pwemu, kand’abayisenga bakwiye kuyisenga mu mpwemu no mu kuri.” (Yohana 4:24) Ugusenga kwacu gutegerezwa kuba guhuje n’ukuri kw’Ijambo ry’Imana.

Ivyamwa vy’Idini y’Ikinyoma

3. Ni uburyo bumwe ubuhe buriho bwo gutandukanya idini y’ukuri n’iy’ikinyoma?

3 Ni ryari dushobora kuvuga ko idini ihimbara Imana canke itayihimbara? Yezu yavuze ati: “Igiti ciza cose cama ivyiza, arikw igiti kibi cama ibibi. . . . Nuko muzobamenyera ku vyo bama.” Mu yandi majambo, nimba idini iva ku Mana, izokwama ivyiza; mugabo nimba iva kuri Shetani, izokwama ibibi.—Matayo 7:15-20.

4. Ni kamere iyihe abasenga Yehova bagaragaza?

4 Idini y’ukuri yama abantu bafitaniye urukundo, bakarugaragariza n’abandi. Ivyo ni kubera Yehova ubwiwe ari Imana y’inyarukundo. Yezu yavuze ati: “Ni mwagiriranira urukundo, ni ho bose bazomenya ko mur’abigishwa banje.” Ni amadini angahe ashitsa ico kintu kiranga ugusenga kw’ukuri?—Yohana 13:35; Luka 10:27; 1 Yohana 4:8.

5. Inkoranyabumenyi imwe idondora gute urudandaza rw’abantu b’Abanyafirika bagirwa abaja?

5 Rimbura rwa rudandaza rw’abantu bagirwa abaja bakuwe muri Afirika. Inkoranyabumenyi imwe (The New Encyclopædia Britannica) ivuga iti: “Abanyafirika nk’18.000.000 baragurishijwe muri rwa rudandaza rw’abantu bagirwa abaja rwagirwa n’Abisilamu babacanye muri Sahara no mw’Ibahari Indiyano hagati yo mu 650 no mu 1905. Mu gice ca kabiri c’ikinjana ca 15, Abanyaburaya batanguye kugura abo batwara iwabo ku nkengera yo mu burengero bwa Afirika, mu 1867 Abanyafirika bari hagati y’7.000.000 n’10.000.000 bakaba bari bamaze kwambukanwa kuba abaja ahitwa Isi Nshasha.”

6. Idini yagize uruhara gute muri rwa rudandaza rw’abantu bagira abaja?

6 Ni impagararo iyihe idini yagize muri ico gihe c’uruhagarara rwo muri Afirika igihe abagabo, abagore n’abana birukanwa mu mazu yabo no mu miryango yabo, baboshwe iminyororo, batangirijwe ivyuma bishushe, kandi bakagurwa bakongera bakagurishwa nk’inka? Mu kinyamakuru kimwe (Daily Nation of Nairobi, Kenya) uwitwa Bethwell Ogot yandika ati: “Ubukirisu na Isilamu, mu bijanye n’inyigisho, birumira ku kwemera ubumwe bw’abantu, yamara ni bo batumye haba ibibano birimwo abaja vyuzuye umwikeko ushingiye ku moko. . . . Dukwiye kwemera icese ko Abisilamu n’Abakirisu bafise umwenda basangiye, Ibihugu vyo mu Burengero n’ivyo mu Buseruko bwo Hagati na vyo nyene bikaba bifise umwenda bisangiye, kandi turemera icese yuko kuba ataco bazi mu vy’inyifato runtu vyatumye Abanyafirika bacumukura bimwe vy’akaburarugero mu binjana n’ibindi.”

Idini n’Intambara

7. Ni uruhara uruhe indongozi z’idini zagize mu ntambara?

7 Idini y’ikinyoma yarerekanye ivyamwa vyayo vyononekaye mu bundi buryo. Nk’akarorero, naho Bibiliya ivuga ‘gukunda mugenzawe,’ indongozi z’idini mw’isi yose zarashigikiye n’umwete zongera ziraremesha intambara.—Matayo 22:39.

Idini y’ikinyoma yarisutse mu ntambara no muri rwa rudandaza rw’abantu bagirwa abaja

8. (a) Indongozi z’idini zaremesheje gute ubwicanyi muri ya matati yo muri Afirika? (b) Ni ibiki umupasitori umwe yavuze ku vyerekeye ca gihe c’intambara y’abanyagihugu yo muri Nijeriya?

8 Birazwi neza yuko mu 1994, hari ababikira n’abapadiri bagize uruhara muri rya honyabwoko ryabaye mu Rwanda. Idini yaragize uruhara rukomeye no mu yandi matati yabaye muri Afirika. Nk’akarorero, muri ya ntambara y’abanyagihugu yarimwo ivyo gusesa amaraso yaba muri Nijeriya, amadini ku mpande zompi yararemesheje abantu kurwana. Kubera ko iyo ntambara yatevye guhera, umupasitori umwe yavuze yuko indongozi z’idini zari “zabaye zirashira ku ruhande igikorwa zahawe n’Imana.” Yavuze kandi ati: “Twebwe twiyita abakozi b’Imana twacitse abakozi ba Shetani.”

9. Bibiliya ivuga iki ku vyerekeye abakozi ba Shetani?

9 Bibiliya iravuga cane ibintu nk’ivyo iti: “Satani yīgira umumarayika w’umuco. Nuko s’ikigoye kw abakozi biwe na bo bīgira nk’abakozi b’ukugororoka.” (2 Ab’i Korinto 11:14, 15) Nk’uko nyene abantu benshi b’ababisha bivugisha ko bameze neza, Shetani arahenda abantu akoresheje abakozi basa n’abagororotse, mugabo ibikorwa vyabo ni bibi, eka n’ivyamwa vyabo birononekaye.

10. Ni mu buryo ki indongozi z’idini zihakanye Imana?

10 Mw’isi yose, indongozi z’idini zarigishije urukundo, amahoro be n’ukugira neza, mugabo baramogoreye kwankana, intambara, be n’ibikorwa bidashimwa n’Imana. Bibiliya irabadondora neza. Ivuga iti: “Bavuga yuko bazi Imana, ariko bayihakanisha ivyo bakora.”—Tito 1:16.

Nuve Muri “Babuloni Hahambaye”

11. Bibiliya idondora gute idini y’ikinyoma?

11 Turashobora kubona ico Yehova yiyumvira ku vyerekeye idini y’ikinyoma mu gusoma igitabu ca Bibiliya c’Ivyahishuriwe. Ngaho, idini y’ikinyoma idondorwa ko ari umugore w’ikigereranyo, ni ukuvuga “Babuloni hahambaye.” (Ivyahishuriwe 17:5) Raba ukuntu Imana imudondora:

  • “Maraya w’agahebuza, . . . Uyo abami bo kw isi bāsambana na we.” (Ivyahishuriwe 17:1, 2) Aho kuba intahemuka ku Mana, idini y’ikinyoma yisutse mu vya politike, kenshi ikaza irabwira intwaro ico zokora.

  • “Mur’ico gisagara amaraso y’abavugishwa n’Imana n’ay’abera n’ay’abishwe bo kw isi bose ni ho yabonetse.” (Ivyahishuriwe 18:24) Idini y’ikinyoma yarahamye yongera irica abasavyi b’abizerwa b’Imana kandi ni yo ibazwa urupfu rw’abantu amamiliyoni bapfira mu ntambara.

  • ‘Yarihimbaje, yigirira ibihinda.’ (Ivyahishuriwe 18:7) Idini y’ikinyoma irafise ubutunzi bwinshi, ubwo indongozi zayo zikoreshereza zikiberaho zifise ibihinda.

  • “Amahanga yose yahendahenzwe n’uburozi bg[i]we.” (Ivyahishuriwe 18:23) Bivuye ku nyigisho yayo y’ikinyoma yuko ubugingo budapfa, idini y’ikinyoma yarugururiye urugi ubwoko bwose bw’ubupfumu be n’uburaguzi, kandi iraremesha ugutinya abapfuye be no gusenga abasokuruza.

12. Ni imburizi iyihe Bibiliya itanga ku vyerekeye idini y’ikinyoma?

12 Mu kwumvikanisha imburizi ikomeye ku bantu ngo bitandukanye n’idini y’ikinyoma, Bibiliya ivuga iti: “Bantu banje, ni muve i we, kugira ngo mwoye gufatanya n’ivyaha vyiwe, mwoye guhabga ku vyago vyiwe.”—Ivyahishuriwe 18:4, 5.

13. Ni ibiki bizoshikira idini y’ikinyoma be n’abayirimwo?

13 Muri kazoza katari kure, Babuloni Hahambaye, inganji y’isi yose y’idini y’ikinyoma, izokurwaho buhere. Bibiliya ivuga iti: “Ivyago vyiwe vyose bizoza ku musi umwe, urupfu n’amaborogo n’amapfa, kand’azotongozwa umuriro: kuk’Umwami Imana amuciriyekw iteka ar’uw’ubushobozi.” (Ivyahishuriwe 18:8) Kugira ngo twirinde guhabwa ku vyago vyiwe, dutegerezwa guhagarika imigenderanire yose dufitaniye n’idini y’ikinyoma, ntituje mu migenzo, mu misi mikuru be no mu nyigisho zidahimbara Imana. Ico kintu kirihutirwa. Ubuzima bwacu buri ku manga!—2 Ab’i Korinto 6:14-18.