Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Intangamarara

Intangamarara

IMANA MUSHOBORAVYOSE ni yo Segaba w’ijuru n’isi. Ubuzima bwacu, ubw’ubu n’ubwo muri kazoza, ni yo tubukesha. Irafise ububasha bwo gutanga impera n’ubwo gutanga igihano. Irafise ububasha bwo gutanga ubuzima n’ubwo kubwica. Nimba idushima, bizotugendera neza; nimba itadushima, tuzokwibonerako. Ese ukuntu bihambaye ko ugusenga kwacu kwemerwa na we!

Abantu basenga mu buryo bwinshi. Nimba idini imeze nk’inzira, none inzira amadini yose acamwo zoba zishimwa n’Imana? Oyaye, ntizishimwa n’Imana. Yezu, umumenyeshakazoza w’Imana yarerekanye yuko hariho inzira zibiri gusa. Yavuze ati: “Irembo ryagutse, n’inzira y’igihamo, [n]i vyo bijana abantu mu mahonero, kand’abahaca ni benshi. Arikw irembo ripfunganye, n’inzira ntoya, ni vyo bija mu bu[zima], kand’abahabona ni bake.”—Matayo 7:13, 14.

Hariho ubwoko bubiri gusa bw’idini: iyijana mu buzima n’iyijana mu mahonero. Intumbero y’aka gatabu ni ukugira ngo kagufashe gutora inzira ijana mu buzima budahera.