Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Igihimba ca 3

Ni Bande Baba mu Karere k’Impwemu?

Ni Bande Baba mu Karere k’Impwemu?

1. Idini ishingiye ku migenzo y’abakera igereranywa gute n’umusozi?

IVYO idini yo muri Afirika ishingiye ku migenzo y’abakera yemera vyagereranijwe n’umusozi. Kw’isonga hari Imana, ikaba ihebuje mu bubasha butaboneka. Ku mpande hari utumana, canke ibiremwa vy’impwemu bifise ububasha bukebuke, na vyo akaba ari abasuku b’Imana. Hambavu yabo hari basokuruza, bibuka imiryango yabo iri kw’isi kandi bakitwararikana umwete ineza yabo. Ku ntango y’uwo musozi na ho hari inguvu z’ibintu bitaboneka bifise ububasha bukeyi: na vyo ni amageza, uburozi n’ubupfumu.

2. Ivyo bamwe bavuga muri Afirika vyerekana gute yuko ukwemera gushingiye ku migenzo y’abakera kugira akosho kw’idini?

2 Ukwo kwemera gushingiye ku migenzo y’abakera kwaragize akosho gakomeye ku yandi madini yo muri Afirika. Muri Afirika bamwe bavuga gutya: “Kwumira ku Kwemera (kw’Abakirisu canke kw’Abisilamu) ntibitubuza gusenga imana z’igihugu cacu c’amavukiro.”

3. Ni hehe dushobora kwigira ukuri ku vyerekeye ababa mu karere k’impwemu?

3 Ukwemera kwo muri Afirika gushingiye ku migenzo y’abakera kwoba ari ukw’ukuri ku rugero rungana iki? Bibiliya iratubwira ukuri ku vyerekeye ababa mu karere k’impwemu.

Yehova Ni Imana y’Ukuri

4. Ni ibiki amadini nyamukuru yo muri Afirika ahurizako?

4 Imigwi itatu nyamukuru y’amadini yo muri Afirika iremera yuko Imana ibaho, be n’uko isumba vyose. Bibiliya ivuga ko ari “Imana isumba izindi, n’Umwami asumba abandi, n’Imana ihambaye, n’Inyabushobozi iteye ubgoba.” (Gusubira mu Vyagezwe 10:17) Abisilamu na bo nyene baremera Imana imwe isumba vyose. Ku vyerekeye idini ishingiye ku migenzo y’abakera yo muri Afirika, Umuhinga umwe (Geoffrey Parrinder) avuga ati: “Abanyafirika benshi baremera Imana isumba vyose, se w’imana n’abantu, umuremyi w’ijuru n’isi.”

5. Ni amazina amwamwe ayahe akoreshwa mu kuvuga Imana?

5 Yamara, naho ivyo kwemera Imana bigwiriye, abantu benshi ntibafise iciyumviro gitomoye ku vyerekeye Imana iyo ari yo. Intambwe ya mbere mu bijanye n’ukumenya umuntu ni ukumenya izina ryiwe. Ku vyerekeye izina ry’Imana, hariho urusobangane mu madini. Mu Biyita Abakirisu, ikunda kwitwa Imana, iryo rikaba ari izina ry’icubahiro risobanura “Munyabushobozi.” Ku Bisilamu, ni Allah. Mu bari mw’idini ishingiye ku migenzo y’abakera, izina rikoreshwa mu kuvuga Musumbavyose riratandukanye ku rurimi n’urundi. Mu gitabu ciwe (Concepts of God in Africa), John S. Mbiti aratondeka amazina be n’amazina y’icubahiro yo muri Afirika atandukanye arenga 500 ahabwa Imana. Nk’akarorero, mu rurimi rw’Ikiyoruba (muri Nijeriya), Imana yitwa Olodumare; mu rurimi rw’Ikikuyu (muri Kenya), ni Ngai; mu Kizulu (muri Afirika y’Epfo) na ho, ni Unkulunkulu.

6, 7. Izina ry’Imana ni irihe, kandi tubizi gute?

6 Imana ubwayo ivuga iki ku vyerekeye izina ryayo? Igihe Imana yategeka Musa kurongora Abisirayeli abakuye mu Misiri, Musa yabajije ati: “Ni nashika ku Bisirayeli, nkababarira nt’Imana ya ba sogokuruza yabantumyeko; bakambaza, bati Yitwa nde? nzobishura iki?”—Kuvayo 3:13.

7 Imana yishuye iti: “Ukw abe ari k’uzobgira Abisirayeli, ut[i] [“Yehova,” NW], Imana ya ba sogokuruza, yabantumyeko, . . . iryo ni ryo zina ryanje ry’ibihe bitazoshira, iryo ni ryo rizobabera icibutso canje, ukw ibihe vy’urunganwe rwanyu bizogenda bikurikirana.” (Kuvayo 3:15; Yesaya 26:4) Izina ry’Imana riboneka incuro zirenga 7.000 mu gisomwa ca Bibiliya, naho abahinduzi bamwebamwe ba Bibiliya barisubirije amazina y’icubahiro nka “Uhoraho” canke “Umwami Imana.”

8. Yehova ameze gute, kandi dutegerezwa gukora iki nimba dushaka yuko adutonesha?

8 Yehova mu vy’ukuri ameze gute? Ni impwemu, mushoboravyose, kandi araninahaye. Ni kaminuza, ni ntangere kandi nta we bangana. (Gusubira mu Vyagezwe 6:4; Yesaya 44:6) Yehova yabwiye Musa ati: “Jewe Yehova Imana yawe ndi Imana isaba ugusengwa ata kindi bambangikanije.” (NW) Mu yandi majambo, kugira ngo Yehova adutoneshe, dutegerezwa kumusenga we musa. Ntashaka yuko dusenga ikindi kintu na kimwe canke uwundi muntu n’umwe.—Kuvayo 20:3-5.

Yezu Kirisitu Ni Umwami w’Ubwami bw’Imana

9. Ni kuki dushobora kuvuga yuko Yezu atangana na Yehova?

9 Muri iki gihe hariho urusobangane ku vyerekeye Yezu uwo ari we. Benshi mu Biyita Abakirisu bemera yuko Yezu ari umwe mu bagize Ubutatu “Butagatifu.” Mugabo Bibiliya ntiyigisha yuko Imana ari abaperesona batatu bagize Imana imwe. Vyongeye ntiyigisha yuko Yezu angana na Yehova. Yezu ubwiwe yavuze ati: “Data [n]i we anduta.”—Yohana 14:28.

10. Yezu yari hehe imbere yuko aza kw’isi?

10 Bibiliya yigisha yuko imbere y’uko Yezu aba kw’isi ari umuntu nkatwe, yaba mw’ijuru ari ikiremwa c’impwemu gifise ububasha. Nk’uko Yehova yaremye Adamu na Eva kw’isi, yararemye kandi abantu b’impwemu baba mw’ijuru. Yezu ni we yabaye ikiremwa ca mbere c’impwemu Yehova yaremye.—Yohana 17:5; Ab’i Kolosayi 1:15.

11. Yezu yaje kuvuka gute ari umuntu?

11 Haraciye nk’imyaka 2.000, Yehova yarimuriye ubuzima bw’ico kiremwa c’impwemu mu nda y’umukobwa w’isugi yitwa Mariya. Umumarayika Gaburiyeli yamubwiye ati: “Uzosama inda, uvyare umuhungu, kand’uz’umwite Yesu. Ahangame [ari umwami] . . . ; ubgami bgiwe ntibuzogira iherezo.”—Luka 1:31, 33. *

12. Ni imvo imwe iyihe yatumye Yezu aza kw’isi?

12 Yezu rero yaravutse, arakura gushika mu bigero, kandi arigisha abantu ivyerekeye ukugomba kwa Yehova be n’umugambi wiwe. Yabwiye buramatari w’Umuroma ati: “Iki ni co navukiye, kand’iki ni co canzanye mw isi, n’ukugira ngo nshingire intahe ukuri.” (Yohana 18:37) Turimbuye ivyo Yezu yigishije, turashobora kumenya ukuri kwerekeye ivyo Imana igomba be n’umugambi wayo. Turashobora kumenya ukuntu twoshimwa n’Imana.

13. Ni imvo igira kabiri iyihe yatumye Yezu aza kw’isi?

13 Imvo igira kabiri yatumye Yezu aza mw’isi kwari ukugira ngo atange ubuzima bwiwe bw’umuntu kw’incungu ku bw’umuryango w’abantu. (Matayo 20:28) Ivyo yabigize kugira ngo dushobore kubohorwa icaha twarazwe na sogokuruza wacu Adamu. Ivyo na vyo vyotumye dushobora kubaho ibihe bidahera. Intumwa Yohani yanditse ati: “Urukundo Imana yakunze abari mw isi [n]i rwo rwatumye itanga Umwana wayo w’ikinege, ng’ūmwizera wese ntaz’apfe rubi, arikw ahabge ubu[zima] budashira.”—Yohana 3:16.

14. (a) Ni ibiki vyashikiye Yezu amaze gupfa ari umuntu? (b) Ni ikibanza ikihe Yezu afise mw’ijuru ubu?

14 Amaze gupfa ari umuntu kw’isi, Yezu yarazutse aja mw’ijuru, aho yasubiye kuba ikiremwa c’impwemu c’ububasha. (Ivyakozwe 2:32, 33) Mu nyuma, Yehova yaramuhaye “inganji n’icubahiro n’ubgami, kugira ngw amoko yose n’amahanga n’abavuga indimi zitari zimwe bamusabe.” (Daniyeli 7:13, 14) Yezu yaragizwe Umwami w’ububasha; ni Umwami w’intwaro yo mw’ijuru ya Yehova. Vuba azogaragaza ububasha bwiwe kw’isi yose.

Abamarayika Ni Abasuku b’Imana

15. Abamarayika baremwe ryari kandi baremewe hehe?

15 Yehova na Yezu si bo bonyene baba mu karere k’impwemu. Yehova yararemye ibindi biremwa vy’impwemu, ari bo bamarayika. Gaburiyeli, umwe yavugisha Mariya, ni umwe muri bo. Abamarayika ntibatanguriye ubuzima bwabo kw’isi ari abantu. Baremewe mw’ijuru igihe kirekire imbere yuko abantu baremwa kw’isi. (Yobu 38:4-7) Hariho abamarayika amamiliyoni n’amamiliyoni.—Daniyeli 7:10.

Abamarayika b’abizerwa baranka gusengwa

16. Ni kuki abantu badakwiye gusenga abamarayika?

16 Abamarayika b’abizerwa ntibashaka ko tubasenga. Igihe intumwa Yohani yagerageza gusenga abamarayika incuro zibiri zose, baramukankamiye, bavuga bati: “Oya sigaho; . . . Imana ba ari yo usenga.”—Ivyahishuriwe 19:10; 22:8, 9.

17. Ni igiki cerekana yuko abamarayika bashobora kurinda abasavyi b’Imana, kandi ni kuki ivyo biduhumuriza?

17 Abamarayika ntibakibonekera abasavyi b’Imana kw’isi nk’uko babigira igihe babohoza intumwa za Yezu mw’ibohero. (Ivyakozwe 5:18, 19) Naho ari ukwo, mu gihe dusenze Yehova dukurikije uko Ijambo ryiwe Bibiliya rivuga, turashobora guhera amakenga yuko inteko z’abamarayika z’Imana zitaboneka, z’ububasha, zizoturinda. Bibiliya ivuga iti: “Umumarayika w’Uhoraho ashagaje impande zose z’abamwubaha, akabarokora.” (Zaburi 34:7; 91:11) Ni kuki ivyo bikwiye kuduhumuriza? Kubera hariho abansi batugeramiye mu karere k’impwemu bashaka kuturandura!

Shetani Ni Umwansi w’Imana

18. (a) Ni kuki umumarayika umwe yagararije Imana? (b) Ni amazina ayahe yahawe uwo mumarayika yagararije?

18 Abamarayika b’Imana bose ntibagumye ari abizerwa ku Mana. Bamwebamwe barayigararije. Barigize abansi b’Imana n’abansi b’abantu bo kw’isi. Ivyo vyagenze gute? Ibiremwa vyose vy’abamarayika Yehova yaremye vyari bigororotse kandi ari vyiza. Ariko rero, umwe muri abo bana b’impwemu batagira agasembwa yashatse ko abantu bamusenga kandi bagashitsa ico cipfuzo kibi. Ico kiremwa c’impwemu ciswe Shetani, irisobanura “Uwurwanya [Imana].” Yitwa kandi Mucokoranyi, kubera yavuze ibinyoma bibi ku vyerekeye Yehova.

19. Ni kuki Shetani yacumukuje Yobu kandi yabigenjeje gute?

19 Shetani arashira umukazo ku bantu kugira ngo bifatanye na we mu kugarariza Imana. Rimbura ivyo yagize ku musavyi w’Imana w’umwizerwa Yobu. Yobu yari umugabo atunze cane. Yari afise intama 7.000, ingamiya 3.000, inka 1.000 zigizwe n’inyana be n’amashuri, ushizeko indogoba zivyara 500. Yari afise kandi abana cumi n’abasuku benshi. Ubwa mbere, Shetani yishe ibitungwa vya Yobu n’abasuku biwe. Ubukurikira, yarateje “umuyaga w’igihuhuta” usenyura inzu, wica abana bose ba Yobu. Inyuma y’ivyo, Shetani yaracumukuje Yobu akoresheje “ibihute bikomeye uhēreye mu bgōro bg’ikirenge ugashitsa mu gitwariro.”—Yobu 1:3-19; 2:7.

20. (a) Yobu yaronse impera gute kubw’ukudahemuka kwiwe? (b) Naho Yobu yari umwizerwa ku Mana, ni ibiki Shetani yakoze ku bandi bantu benshi?

20 Naho ico kigeragezo cari gikaze, Yobu yagumye ari umwizigirwa ku Mana. Ni co gituma Yehova yamukijije hanyuma “amushumbusha ibingana n’ivyo yar’afise ibihetangabo kabiri.” (Yobu 42:10) Shetani yarananiwe gusenyura ukutadohoka kwa Yobu, mugabo yarerewe mu kwonkora abandi bantu benshi ku Mana. Bibiliya ivuga iti: “Isi yose iri muri wa Mubi.”—1 Yohana 5:19.

21. (a) Shetani yagaragaje gute icipfuzo afise co gusengwa? (b) Ni kuki Yezu yanse gusenga Shetani?

21 Shetani ashaka ko tumusenga. Ivyo vyaragaragaye neza na neza hamwe yosha nabi Yezu, hakaba haciye imyaka nk’2.000. Bibiliya ivuga iti: “Umurwanizi . . . [a]jana [Yezu] ku musozi uhagaze cane, amwereka ubgami bgose bgo mw isi n’ubgiza bgabgo, at’Ivyo vyose ndabiguha, ni wampfukamira, ukansenga. Buno Yesu aramubgira, ati Mvako, Satani, kuko vyanditswe, ng’Uhoraho, Imana yawe, abe ari yo usenga, kand’abe ari yo usaba yonyene.” (Matayo 4:8-10) Yezu yari azi ivyagezwe vya Yehova mu buryo butomoye, kandi ntiyakoze ivyo Shetani yashaka.

Amadayimoni Ni Ibiremwa vy’Impwemu vy’Ibibisha

22. Ni ibiki amadayimoni yakoreye abantu?

22 Abandi bamarayika barifatanije na Shetani mu kugarariza Imana. Abo bamarayika b’amadayimoni ni abansi b’abantu kw’isi. Ni abicanyi bakaba n’inkazi. Muri kahise, baratuma abantu bamwebamwe bacika ibiragi n’impumyi. (Matayo 9:32, 33; 12:22) Abandi na bo baratuma barwara canke baba abasazi. (Matayo 17:15, 18; Mariko 5:2-5) Baranagirira nabi abana.—Luka 9:42.

23. (a) Ni igiki ibiremwa vy’impwemu vy’ibibisha bishaka ku bantu? (b) Shetani n’amadayimoni bahenze abantu ngo bakore iki?

23 Nka kumwe kwa Shetani, ivyo biremwa vy’impwemu vy’ibibisha bishaka gusengwa. Aho kwanka ugusengwa n’abantu bikemera icese yuko ugusengwa ari ukwa Yehova wenyene, biragucambirwa cane, bikakurondera, kandi bikaremesha abantu ngo babisenge. Shetani n’amadayimoni yiwe bakoresheje urwenge, ibinyoma n’ubwoba, baratumye abantu babasenga. Birumvikana, si abantu benshi bazi yuko basenga Shetani n’amadayimoni yiwe. Abantu benshi bobabara bamenye yuko idini yabo itera iteka Shetani. Yamara, Bibiliya igabisha iti: “Ibimazi abanyamahanga batanga, babiha abadayimoni, babiterekereza abadayimoni, ntibabiha Imana.”—1 Ab’i Korinto 10:20.

24. Ni uburyo bumwe ubuhe Shetani akoresha kugira ngo ayovye abantu?

24 Uburyo bumwe Shetani n’amadayimoni yiwe bakoresha mu kuyovya abantu ngo babasenge ni mu gukwiragiza ivyiyumviro bitari vyo ku vyerekeye abapfuye. Nimuze turabe ico Bibiliya yigisha kuri ivyo.

^ ing. 11 Korowani iravuga ukuvuka kwa Yezu kwabaye ku gitangaro mu Kigabane ca 19 (Mariya). Ivuga iti: “Twarungikiye [Mariya] impwemu Yacu iri mw’ishusho y’umuntu akuze. Kandi igihe yayibona yavuze ati: ‘Ese ikigongwe comburanira! Nimba utinya Umwami, nundeke wigire.’ Ya mpwemu yishura iti: ‘Ndi intumwa y’Umwami wawe, kandi nje kuguha umuhungu mweranda.’ Mariya yishura ati: ‘Novyara umwana gute kandi ndi isugi itaramenya umugabo?’ Nya mpwemu yishura iti: ‘Ukwo ni ukugomba kw’Umwami wawe. Ico si ikintu kigoye kuri We. Umwami avuga ati: “Azobera abantu ikimenyetso, be n’umuhezagiro uvuye kuri twebwe. Ivyo ni twe tubivumereye.”’”