Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Igihimba ca 7

Ni Bande Bari mw’Idini y’Ukuri?

Ni Bande Bari mw’Idini y’Ukuri?

 

KUGIRA ngo tugiranire n’Imana ubucuti burangwa igishika n’urukundo, dutegerezwa kwitandukanya n’ikintu ico ari co cose gifitaniye isano n’idini y’ikinyoma. Dutegerezwa gukurikira idini y’ukuri. Muri iki gihe abantu amamiliyoni kw’isi yose bariko barabigira.

2. Ivyabona vya Yehova ushobora kubasanga hehe, kandi igikorwa cabo ni ikihe?

2 Nk’uko Bibiliya yari yarabibuye, abasenga b’ukuri bagize “ishengero ryinshi” ryavuye “mu mahanga yose n’imiryango yose n’amoko yose n’indimi zose.” (Ivyahishuriwe 7:9) Mu bihugu 235, Ivyabona vya Yehova amamiliyoni bariko barafasha abandi n’umwete kwiga ivyerekeye inzira ziranga urukundo za Yehova be n’ivyo asaba.

Ibiranga Abasenga b’Ukuri

3. Ivyabona ugusenga kwabo bakwerekeza kuri nde, kandi ni ugusenga bwoko ki birinda?

3 Ivyabona baremera icese yuko Yehova wenyene ari we akwiriye gusengwa. Baranka kwunamira ibigirwamana canke ibishushanyo vy’idini. (1 Yohana 5:21) Ntibatinya abapfuye mu kugira uruhara mu vyo kubateramira canke mu yindi misi mikuru iremesha ivyo idini y’ikinyoma yemera be n’ “inyigisho z’abadayimoni.” (1 Timoteyo 4:1) Ariko rero, barahumuriza abatuntujwe n’ukubura ababo mu kubasigurira umuhango Imana itanga w’uko hazoba izuka ry’abapfuye, bakazukira kuba mw’iparadizo kw’isi.—Yohana 5:28, 29; Ivyakozwe 24:15.

4. Abasavyi b’Imana babona gute ivyerekeye amareba?

4 Ivyabona baririnda ikintu cose gifitaniye isano n’amageza, uburozi canke ubupfumu, bazi yuko ivyo bintu biva kuri Shetani. Ntibizigira ivy’amareba ngo bibakingire, bashira ukwizigira kwabo muri Yehova.—Imigani 18:10.

5. Ni mu buryo ki Ivyabona vya Yehova ‘atari ab’isi’?

5 Yezu yavuze yuko abigishwa biwe ‘batobaye ab’isi.’ (Yohana 17:16) Yezu ubwiwe yaranse kugira uruhara mu vya politike vyariho mu gihe ciwe. (Yohana 6:15) Nk’ukwo nyene, Ivyabona ntibagira uruhara mu vya politike, mu vyo kwiratira igihugu, no mu ntambara z’imigwi y’abantu yo muri iyi si. Ariko rero, barariha amakori kandi bakagamburuka amategeko y’igihugu babamwo.—Yohana 15:19; Abaroma 13:1, 7.

6. Ni ubuyobozi ubuhe abasavyi b’Imana bakurikira ku vyerekeye ukwabirana n’ukwahukana?

6 Kubera bagamburuka ubuyobozi bw’intwaro, Ivyabona bararaba neza yuko ukwabirana kwabo kwemewe n’amategeko. (Tito 3:1) Baragamburuka ubuyobozi bw’Imana, ivyo bigatuma birinda kurongora abagore benshi. (1 Timoteyo 3:2) Ikindi kandi, kubera bashira mu ngiro ingingo ngenderwako za Bibiliya mu buzima bwabo, abasavyi b’Imana ni gake usanga umubano wabo ubamwo ukwahukana.

7. Ivyabona bagaragarizanya urukundo gute?

7 Ivyabona barakundana. Urwo rukundo, kumwe n’urwo bakunda Imana, rutuma bunga ubumwe mu kivukano nyakuri, naho bava mu moko menshi no mu mahanga menshi. Igihe ivyago biteye canke havyutse ivyo gukenera gufashwa, Ivyabona baca bihutira gufashanya. Ivyabona baragaragaza urukundo mu buryo babayeho.—Yohana 13:35.

Ivyabona vya Yehova barunze ubumwe mu kivukano co kw’isi yose

8. Ni imigenzo mibi iyihe abasavyi b’Imana birinda?

8 Abasavyi ba Yehova barakora cane kugira ngo babeho bafise ubuzima buzira ubugunge, bugororotse. Baririnda kwiba, kubesha, ubushegabo, akaborerwe, be n’ivy’ubucuruzi birimwo ubugunge. Abagabo ntibakubita abagore babo. Imbere yuko bacika Ivyabona, bamwebamwe usanga barakora ivyo bintu, mugabo bafashijwe na Yehova barabihevye. ‘Baruhagiwe’ mu nyonga z’Imana.—1 Ab’i Korinto 6:9-11.

Abakora Ukugomba kw’Imana

9. Igitabu kimwe kivuga iki ku vyerekeye amashengero yitwa ay’Abakirisu yo muri Afirika?

9 Birumvikana, amadini menshi yivugisha ko afise ukuri. Barashobora kudoma urutoke ku bikorwa bitangaje akora mu gushigikira ivyo yivugisha. Nk’akarorero, ku vyerekeye amashengero yitwa ay’Abakirisu yo muri Afirika, igitabu kimwe kivuga giti: “Uburyo umunyamareba canke uwutanga imiti ahanini akora bwasubiriwe n’[imigwi mishasha y’Abakirisu]. . . . Bivugisha ko babura ivya kazoza kandi ko bakora ibitangaro. Abavugishwa bo muri bo baravuga ivyo kwerekwa kandi bagasobanura indoto. Bakoresha amazi ahezagiye, amavuta meranda, amabuji n’imibavu kugira ngo bakize bongere bakingire indwara.”

10, 11. Ni kuki ivyitwa ibitangaro muri iki gihe bitagaragaza yuko idini iva ku Mana?

10 Abagize ayo madini bivugisha yuko ibitangaro bakora vyemeza yuko idini yabo ihezagiwe n’Imana. Mugabo ivyitwa ibitangaro ntivyemeza yuko idini yemerwa na Yehova. Shetani araha ububasha abasenga bamwebamwe b’ikinyoma kugira ngo bakore ‘ibikorwa vy’ububasha.’ (2 Ab’i Tesalonike 2:9) Ikigeretseko, Bibiliya yari yarabuye yuko ingabirano z’ibitangaro ziva ku Mana, nk’ukubura ivya kazoza, kuvuga mu ndimi be n’ubumenyi budasanzwe, ‘vyokuweho.’—1 Ab’i Korinto 13:8.

11 Yezu yagabishije ati: “Umuntu wese amvumereza, ati Mwami, Mwami; si we azokwinjira mu bgami bgo mw ijuru, atar’ūkora ivyo Data wo mw ijuru agomba. Benshi bazombgira kuri wa musi, ngo Mwami, Mwami, ntitwavugishwa n’Imana mw izina ryawe, ntitwasenda abadayimoni mw izina ryawe, ntitwakora ibitangaza vyinshi mw izina ryawe? Ni ho nzobajinjiburira, nti Nta ho nigeze mbamenya; mviraho, mwa bakora ibizira mwe.”—Matayo 7:21-23.

12. Ni bande bazokwinjira mu Bwami bwo mw’ijuru?

12 None ni bande bazokwinjira mu Bwami bwo mw’ijuru? Ni abakora ivyo Yehova agomba.

Abamamaji b’Ubwami bw’Imana

13. Ni igikorwa ikihe Imana ibwiriza abasavyi bayo gukora muri iki gihe, kandi ni bande bariko barakirangura?

13 Ni ibiki Imana igomba ku basavyi bayo muri iki gihe? Yezu yavuze ati: “Ubu butumwa bgiza bg’ubgami buzovugwa mw isi yose, ngo bube ikimenyetso kibere icabona amahanga yose.” (Matayo 24:14) Ico ni co gikorwa Ivyabona vya Yehova bariko bararangurana umwete.

14. Ubwami bw’Imana ni iki, kandi ni bande bazoganza muri ubwo Bwami?

14 Kw’“isi yose,” Ivyabona vya Yehova baramamaza ko Ubwami bw’Imana ari intwaro yo mw’ijuru izoganza isi yose mu bugororotsi. Barigisha yuko Yehova yagenye Kirisitu Yezu ngo abe Umwami w’ubwo Bwami, kumwe n’abasangirangingo biwe 144.000 barobanuwe mu bantu.—Daniyeli 7:14, 18; Ivyahishuriwe 14:1, 4.

15. Ubwami buzosangangura iki?

15 Bakoresheje Bibiliya, Ivyabona barereka abantu yuko Ubwami bw’Imana buzosangangura urunkwekwe rwose rwa Shetani. Idini y’ikinyoma izoba yagiye, kumwe n’inyigisho zayo zidatera iteka Imana mugabo zikaninahaza Shetani! (Ivyahishuriwe 18:8) Ikindi kizoba cagiye ni intwaro zose z’abantu zirwanya Imana!—Daniyeli 2:44.

16. Ni bande bazoba abatwarwa ba Kirisitu Yezu kandi bazoba hehe?

16 Vyongeye, Ivyabona vya Yehova baramenyekanisha yuko Kirisitu Yezu azozana ivyiza ntangere ku bantu bose bakora ivyo Imana isaba. Ni bo bazoba abatwarwa biwe hano kw’isi. Bibiliya isezerana iti: “Azokiza umukene ah’azotakambira, n’umugorwa atagira gitabara. Azogirira akagongwe uworoshe n’umukene, amagara y’abakene azoyakiza.”—Zaburi 72:12, 13.

17. Ni bande ari bo bonyene bariko baramamaza Ubwami bw’Imana?

17 Nta wundi mugwi n’umwe uriho w’abantu bakora ivyo Imana igomba mu kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami. Ivyabona vya Yehova gusa ni bo bariko bamenyekanisha Ubwami bw’Imana kw’isi yose.